Message du 04.02.2017
Kureka Yesu Kristo akavuga mu buzima bwawe, ukumvira ijwi ryiwe.
Iyo uvuganye n’Imana canke wavuganye nayo, ugenda wemye kuko uzi neza urikumwe nawe nico yakubwiye. Ukora udanya kukuzi neza uwavuze. Luka 5: 1–11 Yesu Kristo amaze kubwira Petero ngwaterere urusenga mubwato arobe, Petero yatanguye kumusigurira ko bakesheje ijoro ryose baroba babuze. Ariko akubwijambo ryawe, ndaterera urusenga ndabikore. Amaze gukora ico Yesu Kristo yamubwiye, barovye ama’ menshi cane, urusenga ruhakwa gucika, bahamagara abari mubundi bwato ngo babafashe, buzuza amato yose.
Ntabwo aramato yose yaciye aroba, ahubwo ababwiwe bakumvira nibo babereye umugisha abandi. Petero yacuye akanya yikubita imbere yibirenge vya Yesu Kristo, amubwira ngo vahondi kuko nd’umunyavyaha. Nawe aca abwira Petero atya ntutinye guhera ubu uzohora uroba abantu. Petero na Yohana na Yakobo nabahisemwo kuguma mu migisha baronse ahubwo, bahisemwo gukurikira Yesu Kristo ariwe nkomoko ya vyose. Ivyak. N’int. 27: 9–12 & 21–26 & 31–36 Paul yagendana n’Imana kandi akavugana nayo akizera ijambo ry’Imana akorera. Yarabahanura, akabaremesha, ariko bakanka kwumvira. Bituma bagira ivyago n’ubuhombe bukabije hamwe bata ibintu vyabo vyose bari ba’se. Umugabisha wabasoda 100, igihe cose yumvira ico Paul amubwiye, vyagenda neza, ariko mugihe atamwumviye
akumvira abandi barikumwe canke ivyabonesha amaso, vyaba bibi cane. Ariko ic’Imana yavuganye na Paul yizeye cabaye kuno, nta numwe yagize icaba bose bashitse amahoro. Imana yo Mw’ijuru irashaka cane kwariyo twumvira, nitwumvirize abantu. Kandi akaba ariyo twizera nitwizere abantu. Kuko nta kintu na 1 ishakako tuyirutisha. Kuko uwo mugabisha iyakumvira Paul wenyene kuko yamuha icavuye ku Mana ariyo itubonera ibirimbere, akaba ariyo i’se n’ububasha ku bihe, ntaco baba barahomvye. Igihe cooose Imana ihagarara kwijambo ryayo ngwirishitse. Nico gituma Paul nikiyoka kinini camuriye baguma bireze icaba ariko we agikunkumurira mumuriro kirasha, ntiyagira icaba na gato. Ivyak. N’int 28: 4–5. Iyo wakiriye ijambo rya Yesu Kristo ukaryizera ririmwo ubushobozi bwose bwo kunesha ibitugerageza : Arigwara, ari ibibazo duhura navyo, aribitero tugira nk’abana b’Imana n’ibindi.
Ndetse duhereye kugukiza imima. Hagararana na Yesu Kristo umumenye neza, wumvire kandi umwizere vy’ukuri, uyishire imbere muri vyose kuko idashaka ikintu na kimwe tuyirutisha canke ngo tuyibangikanye. Yona 4: 10 –14 & 21–26. Yona 4: 1–3 Ijwi ry,Imana ryatumyei Ninewe bihana, bumvise imburibaca baca bugu’ bose uhereye ku mwami bose barihanye kubwo kwumvira ijwi ry’Imana yabatumyeko. Ariko Yona we yara’se ayandi majwi amwongorera bituma yisabira gupfa kuko amajwi yamuvugiramwo yari mabi. None wewe uvugana n’Imana gute? Ijwi ryayo rigushitsa kuki? Mwene Data gira kworosha umutima, uce bugufi kandi witege kwumvira ijwi ry’Imana kandi uryizere. Ryaza ricuye muri Bibiliya ,yakuvugisha endirect, canke ikoresheje abantu igikuru nugukora icivuze kugirango wibonere
ivyiza biva ku Mana. Amen