Ubutumwa bwo ku wa 28.01.17
Tera intabwe mu kurondera Imana: 2017 n’umwaka wo gutabagwa.
Uyu mwaka n’umwaka w’intsinzi, ariko shiramwo gushaka, shiramwo inguvu kugirango ic’Imana ivuga c’agure ivyiyumviro vyawe. Hitamwo kwegera Imana kuruta uko wayegereye ubwa mbere. Urakeneye gufata cane Yesu Kristo ngumuzirikireko ubugingo bwawe. Kugirango ubone gutabagwa kurushirije uko wabonye ubwa mbere. 1 Samweli 5: 1-7 Gira gushira mungiro( w’Experimente ) ubushobozi bw’Imana yawe, mugusoma bibiliya kurusha uko wahora, no gushira mungiro ivyo wasomye, ijambo ryayo. Kugirango za Dagoni zikubitwe hasi mu bugingo bwawe, mu rugo rwawe, mu bana bawe, mukazi kawe,….Luka 18: 35-43. Iyo mpumyi naho itabona yarumva. Naho bayizibiza, yagize intambwe ahubwo yo kuvuga caaaane, ikarenza ijwi gushika naho Yesu Kristo amwumva ati nibamumuzanire. Araheza aramubabarira aramukiza. Kuko naho atabona yaravuga yakoresheje icashoboye. Bwira Yesu Kristo uti uyu mwaka ndashaka kunywana nawe. Nibihe wumva uniganamwo mu mutima wawe?? Emera gutambuka intambwe . Harivyo Imana yakwiyerekeyemwo ugomba kugumamwo, ukabona ko bikwiye kuguma ngaho, ariko Yo iragomba kutambuka iyindi ntambwe kugirango nayo ikugeze kurundi rugezo. Mpwemu Yera idukura kuntambwe idushira kuyindi. Kugirango Imana igukorere ikindi kintu gisha. Yaco ubona ivyo wakoze kera akaba ariyo mvugo yawe ahubwo injira kuyindi ntera, mugukorera Imana no mugushitsa ijambo ryayo. 1 Abami 9 : 4-5 Salomo naho yari yahejeje kwubaka ingoro yizina ry’Uhoraho, agasenga Imana ikamwumva, Ikana mubwirako izoyihozako ijisho. Ariko yamubwiye ngwakomeze kuyikorera nkuko se Dawidi yabikora, agendere mu vyagezwe vyayo, atabikoze uko akabivamwo nayo izomuheba ndetse niyo ngoro iyishiburire kure. Kuko kugira intabwe mugukorera Imana werekana urukundo ukunda Imana, kuko Uhoraho ashaka imitima yacu, ntashaka ibintu. Twarabonye abahizi benshi bagiye bagira intambwe mukugira ico bakoze barondera Imana, kandi barayibona n’abandi bagatabagwa. Akarorero ba Mose, Ester, Alisa yanka kuva inyuma ya Eliya n.abandi…. Ntaho Imana izokugeza idakoresheje ijambo ryayo. Igihe cose rije rinyuranya n’ubwenge bwawe. Kandi si bose bategerezwa kukwumva, hari naho batazonakwumva, kuko ishengero ry’Imana ntiryubakiye kwitegeko rya benshi ahubwo ryubakiye ku guhishurirwa. Ijambo ry’Imana riratubwira ngo bamwe barondera agakiza mu bwenge no muri za philosophie, ariko yo yakazanishije ubupfu bw’Umusalaba. Igihe cose bazorondera agakiza karimwo ubwenge bazotabagwa n’agakiza kubupfu bw’ububwiriza. Ivyak. 4: 13-21. Abayuda basuzuguye aho Yesu Kristo yavukiye ndetse n’urupfu yapfuye. Bakandika ku musalaba ngo Umwami w’Abayuda, arukwitwengera kuko mubwenge bwabo batabitahura, nivyo bamubonako vyose ntibagira ikibanza muribo co kuvyakira. Imana yashimye gukirisha amahanga ubusazi bwo kwizera, kugirango imaramaze abanyabwenge n’abahanga. Petero iyo atagira iciyumviro co gutambukira mumazi akaguma mu bwato ntiyari kuyagenderako. NB: Nawe har´ico Imana igomba ku gukoresha ngo igushitse ku rundi rugezo. Amen.
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories