Menya ingene witwara muvy’uriko uracamwo, urinde agakiza kawe niho umugambi w’Imana uzogushikako. 14.01.2017

Menya ingene witwara muvy’uriko uracamwo, urinde agakiza kawe niho umugambi w’Imana uzogushikako. 14.01.2017
Mugihe twagiriwe ubuntu n’Imana ikadutoranya ikaduha agakiza. Ni tresor, ubutunzi bukomeye, tubwirizwa kubungabunga, ndetse tukanayigendera, akabariyo identite yacu. Menyako Imana igufiseko umugambi mwiza kandi uwo mugambi wayo uzogushikako aruko uhagaze mukibanza Imana igushakamwo. Nkuko Dawidi na Samusoni Mpwemu w’Imana yabazako bagatabagura imigunza y’intambwe n’amaboko yabo, niko nawe Imana izoguha kunesha canke iguha kunesha iyo uri mukibanza cawe, ukibereye maso. Abacamanza 14: 5-6 Abacamanza 15: 18-19; Abacamanza 16: 16-19 & 30 Umucamanza Samusoni yari umunazile w’Imana, yagendana n’Imana ikamwuzuza Mpwemu Yera,  kandico yasaba cose yarakimukorera, bitaravye n’ivyarimwo. Uko niko urukundo rw’Imana ruturiko itabanje kuraba uko tumeze nivyo turimwo. Ariko kubw’icaha camurimwo c’ubusambanyi ataciyambuye ngo kimuveko kuko we yarazi icarimwo imbere y’Imana, ico yamushiriyeho ahitamwo kutamenya ingene yitwara nk’umucamanza w’Abisirayeli. Ico caha nico yapfuye azize , kuko catumye amena ibanga Imana yamushizemwo mukugira inkomezi zihambaye zo kunesha abansi babo aribo Bafilistiya. Bamunogoye amaso yompi, kuko yabariye malaya iryo banga riri mumishatsi yiwe, nawe amusinziriza kubirero vyiwe, ahamagara abafilistiya baraza bamukuramwo amaso bamugira umusyi munzu y’imbohe. Bamujanye munzu bagiye kumutwengeramwo umwami, n’abaganwa biwe bose hari n’abandi bantu benshi n’abagore. Aca asaba Imana gupfana n’abansi biwe, Imana irabimukorera apfana nabo. Umuntu yokwibaza ngo n’intsinzi ariko kuko Imana yacu ar’Umwami w’imbabazi, iyo asaba imbabazi z’ivyaha yakoze agasaba gutabagwa, Imana yarikubimuha, abo bansi bubwoko bw’Imana nabwo Imana yomenye ingene ibagenza, kuko nico yari yaramuremeye.
Mwene Data raba nawe ingene utwara agakiza kawe, iyuja nivyukora, mumibereho yawe. Raba ko atavyo muri Egiputa wimukanye canke vyakugarutsemwo umaze kwakira Yesu nk’Umwami n’umukiza wawe. Canke umaze gupfana nawe. Kuko mugusenga kwawe Imana ntizureka kuguha kuko n’abatakijijwe iyo basaba Imana irabaha. Wibuke utarakizwa Imana ntiyaguhezagije vyinshi nkuko nubu tubibona mubatayubaha. Ariko ncuti yanje niwagatakaza ukazimiza identite izogushikana mw’ijuru, menya ko at ana hamwe kagurigwa atari munsi y’Umusalaba wa Kristo Yesu.  Itangur. 35: 1-5. Igihe Yakobo yarahungutse asubiye mugihugu ciwe aho yahunga Esau, Imana yamubwiye ngo aduge i Beteli ayubakire igicaniro, ikintu ca mbere yaciye akora, yabariye abagore biwe bompi, abana biwe, nincoreke nabashoreye amasho bose, ngo bakure muribo ibigigwamana vyose bafise n’ibiri muribo bakuye mugihugu bavuyemwo vyabanyamahanga, bambare n’izindi mpuzu. Bose barabizana at ana 1 basigaje, nawe aca abihamba munsi yigiti citwa umweloni. Amaze kubihamba Imana yaciye itera ubwoba ibisagara vyose bibakikuje ntibabakurikira. Yesu Kristo ntashakako tuguma uko twamye canke ko tugira ishusho yagakiza atariko , ariko duhinduke gose twambare umwambaro musha wukwera muri Kristo Yesu niho umugambi w ‘Imana uzodushikako. Ikigwanishwa ca mbere Satani ateza aba Kristo ni gukekeranya .   1Abami 19: 7-8 Bagatangura gukekeranya kuvy’Imana. Nico gituma Imana yabwiye Mose ngo Ndiho yabantumyeko, yaranyiyeretse. Igikomeye sivyo uriko uracamwo ahubwo niyo uriko uraja. Kuko ivyuriko uracamwo Imana iriko irakwigisha, ngube resista ukomere, ushikame gose mugakiza no mumuhamagaro wawe. Ivyucamwo nivyo bigutahuza Imana gusumba uko wayumvise iyo uhagaze ukabona intsinzi muburyo bukomeye. Imana ikarema amashime mumutima wawe. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s