Shira ivyizigiro vyawe vyose ku Mana yonyene . Yesaya 12: 2- 6

Message du Nouvel an, Samedi le 31/12/2016
Shira ivyizigiro vyawe vyose ku Mana yonyene . Yesaya 12: 2- 6
Uhoraho Imana y’icubahiro yatubwiye ngo tuyishireko ivyiyumviro vyacu vyose kuko ariyo Mana y’ubwiza kugirango turonke umwaka w’ubwiza wa 2017. Kuko iyuyishizeko ivyizigiro vyawe vyose, uba uyihaye icubahiro , nayo iciza ikishingira intahe muvyawe vyose no mumigambi yawe yose. Reka 2017 tuwinjiremwo, Imana yaturemyemwo umutima wo kuyizera gushasha, amavuta mashasha mu kubona Imana mu vyacu vyose no mu bacu, nayo izokwiyerekana bose babone ko dufise Imana. Yosefu abavukanyi biwe baramutaye ndetse baranamudandaza kubaja muri Egiputa, nawe agenda Imana y’icubahiro, Imana yiwe ibana nawe, basubira basubira kumubona ariwe abatabara.
Itangur. 39: 1-6 & 21-23        Itangur. 40 : 14-15 Yosefu Imana y’icubahiro yagiye ibana nawe, kuko ariyo yonyene yashirako umutima wiwe wose, nayo ikamuha ikiganza ciza muvyo yakora vyose naho yaja hose. Haraho yaca mukuduga promotion , atuma umwana w’umuntu ngwaze amwibuke amuvugire kwa Farao, ariko we yaramwibagiwe , ariko Imana yiwe ntiyamwibagiwe. Yesu Kristo niwe atuvugira, ubushobozi bw’Imana bukorera mubo igomba umuntu akibukwa. NB: Hari vyinshi bishobora kuba vyarakurinze uyumwaka, ibindi vyaranse, ushobora kubawagize ama echec menshi canke za reussite nyinshi. Ariko yo irakubwira ngo yizere n’umutima wawe wose gusa, urabona ubwiza bwayo. Aburahamu iwabo bari mubigigwamana bikomeye, ariko we ashira umutima wose ku Mana y’Icubahiro, arayizera, iraheza iramuhamagara imukurayo ngwave muriyonzu ya se, no mumuryango wabo no kumusozi wabo, agenda yizigiye Imana gusa, ivyo yaciyemwo vyose ntivyari vyoroshe, ariko yarafise Imana yagendana nawe kukwayizeye. Amasezerano yiwe yose arayashikira, arayabona.                    1 Samweli 16: 11-12 ; 1 Samuel 17: 36-37 & 43-47  Dawidi yashize ivyizigiro vyiwe vyose k’Uhoraho, abariyo ashingira intahe, ingene yagiye imushoboza kugwana n’indubu n’intambwe, nayo imwambika ubwiza bwayo. Ntukarondere ubwiza , imigisha, imihezagiro, wibagiye isoko yavyo. Kwarukwizigira Imana yiwe. Inyishu yawe nibe Imana y’Icubahiro, Dawidi niyo yashingiye intahe, nayo imiha amavuta, ubwenge nama strategie, imwambika ubwiza bwayo, imuha inkomezi zo ukunesha Goliyati. Dawidi ubuzima bwiwe bwose yagiye abona Imana y’icubahiro, kuko ariyo yari yizeye yonyene. Yosefu kuko yashize ivyizigiro vyose ku Mana yonyene, ntiyemerera icaha ko kimwinjirana kuko yubaha iyo yizeye, Nayo iramushitsako amasezerano yayo imugira ministre wa 1 kwa Farao. Abavukanyi nabavyeyi basuhukirayo. Iyo ushize ivyizigiro vyawe ku Mana:
⁃    Iguha ikiganza ciza muvyo ukora vyose.
⁃    Iguha intsinzi muri vyose
⁃    Imigisha yawe ukayishikira, nivyo wanyazwe ukabigarurigwa
⁃    Ivyapfuye wahevye bikagaruka
⁃    Imana iguha ibihe vyiza vy’umunezero n’amashimwe, ikakuremera ibihe bitibagiranwa mubuzima bwawe.
⁃    Ivyaha vyanse gukira  bikakuvako kubwububasha bw’Imana wizigiye. Amen.

Advertisements
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out /  Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s