Ubutumwa ku italiki 07.01.2017
Gushira ivyizigiro vyawe vyose ku Mana ukarinda umutima wawe.
Twabwiwe cane ko uyu mwaka arumwaka wo gutabagwa, wokubona ubwiza bw’Imana. Menyako Imana igufiseko imigambi myiza, Uhoraho abe ariwe vyizigiro vyawe kuko niwe akoresha canke arekura, agatanga ico cose gishobora kukubera umugisha. Yesaya 12: 1-6 . Uhoraho arakuzi, niwe afise inyishu n’inzira zigororotse zo kugukura mubibazo ushobora gucamwo canke urimwo, agafita nivyo yaguteguriye nk’umwana wiwe muriyi 2017. Ariko ic’Imana igusaba nuguca bugufi ukagendana n’Imana yawe umutima wawe ukabana n’Imana, ikawubamwo kugirango ikwamire ivyamwa vyagakiza kawe. Nico gituma Yesaya yavuze ngo nico gituma muzovomana umunezero mu maliba yagakiza. Yasaya 57: 15 & 19 Yesaya yarayitazira kuko yaramaze kubona ukugira neza kw’Imana yacu. Yarayivuga mucubahiro cayo kuko yabonye imbabazi zayo. Imana ihembura abafise imitima imenetse, niyabaciye bugufi, nibo bumvira ijambo ryayo bakarikurikiza bagakora ico idushakako nk’abana ikunda nayo ntishobora kwirengagiza ivyabo nagato. Intambara zose niyo izigwana kandi ntiyemererera wa mugwanizi kugira ico adukorako na gato. Kuko niwe aba inkinzo yacu muri vyose. Kuko abantu badaca bugufi imbere y’Imana ngo bayumvire ntaco babwira Imana, ahubwo bikwegerako imivumo. Zaburi 34 : 14-22 Nico gituma Uhoraho atwinginga tuve mugukora ibibi, tuve muvyaha bitandukanye bitwanduza bikadutandukanya n’Imana yacu arivyo Yesu Kristo yaje kudukiza, kugirango tugendane ubwiza bw’Imana, tuyisenga nayo ikatwumva ikadusubiza kandi ikatubera inkinzo yagakiza kacu n’ivyacu vyose. Kuko abantu baciye bugufi bagira imigisha y’Imana kuko niyo ibagwanirira. Reka ntihagire ikintu na 1 kigucika kandi Imana yarakiguteguriye muruyu mwaka. Ntaco uzokwiremera ariko uzokwakira ic’Imana yaguteguriye. Kuko Satani ntabubasha nabutoyi afise kubantu b’Imana canke kubintu atar’Imana imurekuye. Yesaya 65 : 17-19 Izogushikiriza imigisha yawe, yongere inagutangaze. Kuko n’umuvyeyi mwiza yitwararitse abana bawi. Irashaka ko duhora duhimbawe cane nivyo irema, amashimwe yacu akadudubiza miminwa yacu tuvuga Imana ikomeye iri hagati muri twebwe ibihe vyose. Amen.