Noel n´iki ku mukristo 25.12.2016

Dimanche de Noel, le 25/12/2016
Noel n ´iki ku mukristo
Yesu Kristo yahanuwe n’abavugisha n’Imana benshi cane muri Bibiliya, bavuga uwariwe ningene azoza ameze. Ariko mukuza kwiwe yabonywe n’abantu bake, nibo bamenyeko Umwami w, Abisirayeli yavutse. Ariko amashengero yose birigwa bigisha kandi baririmba ko umukiza agiye kuza, mbese niko yaje bose bakabimenya? Luka 2 : 8-14 Nubu niko biri amashengero yose yirigwa yigishwa kandi aririmba ko Yesu Kristo azogaruka, mbegase niko bose bamwiteze? Noel = Urukundo, Imana yaradukunze iramutanga, nawe aratwitangira ku musalaba. Noel yaje guhindura imitima yacu ngo tubeho twiteze Yesu Kristo. Nico Noel yabereyeho. Noel yabayeho ngo ducishe bugufi imitima yacu, icubahiro tugihe Imana yo mw’ijuru. Noel yatuzaniye ubuzima bw’agakiza , ngo habe impinduka mu buzima bwacu. S´ukugurira abandi ama cadeau no kuyatanga ngo nikwo kwerekana urukundo rw,Imana ahubwo n´igihe co kw’isuzuma ukamenya imigenderanire ufitaniye n’Imana yo mw’ijuru. Kuronka ama cadeau no kuyatanga navyo ni vyiza ariko erekana urukundo mu guha umutima wawe Imana yagukunze. Abo bungere bari bafise ukwizera, kandi bari maso bo ntibasinzira kuko bari baraririye umukuku w’intama zabo. Kubwo kwitega kwabo nibo Malayika w’Umwami Imana yatumbereye, nabo barizera, ntibaharira ngo ategerezwa kuvukira munzu y´abami canke yabaherezi bakuru, ahubwo biruka kuraba ico babariwe. Kandi ntibasize umutima kuri vya bitugwa vyabo ahubwo basize umutima kuc’Imana ivuganye nabo barumvira, bamaze kubona ico babwiwe bagaruka bafise umunezero mwinshi caaane.  Malaki 3 : 1-5 Dukwiye kuba maso, kuko kurya yavukiye aho batari biteze niko azoza mugihe benshi batamwiteze, kuko nubu harabakimurindiriye ko azoza kandi hagezeko aza gutora abamwiteze. Ntiyavukiye kwa kayisali canke kwa Herode ariko yavukiye ahantu haciye bugufi cane mu ndaro y’inka.  Ubwiza bw’Imana bwakayanganiye hirya no hino y´abungere , ntibwaje kwa Kayisali , no kwa Herode canke m´urushengero. Abo bungere barizeye, ntibakekeranya kuco Malayika ababwiye, ariko abantu bubu ikibishe nuko bashiramwo ubwenge mu bintu vy’ubushobozi bw’Imana. Bakubaka ibihome mu mitima yabo bakazibira ukwizera kwabo. Ntibemera ko sida, canser n´ibindi bigwara bikira , ariko ku bw´ubushobozi bw’Imana nta ngwara idakira kandi ntakidashobokera Imana. Ariko ijambo ry’Imana riratubwirako yadukirishije ubupfu b’ububwiriza.  Ikora ibiruta ivyo twiyumvira.

Noel ivuga kwumvira, abo bungere bagarutse bashima Imana, kuko aribo bagiriwe ubuntu bakumvira. Iyo wumviye Imana ikwuzuza umunezero, ariko iyo utumviye Imana bibuza umunezero. Wumvire Imana nonaha, ucumva ugwo rukundo rw’Imana, niho uzogira imigisha iva ku Mana.

  • Niho uzozigama ubugingo budashira yaguhaye,
  • Uzoguma mu rukundo rwiwe,  ukunde abandi nabo bagukunde ku bwikiganza ciza c’Imana kikuriko.
  • Amahoro yaguhaye azokugumako, ubeho mu munezero utagabanije.
  • Vyose biri mu kuboko kwiwe imigisha izogenda igukurikirana kuko vyose biri mu kuboko kwiwe.
  • Ingwara zizokira kuko mukwitanga kwiwe kumusalaba, indwara zose yazikirijeyo.
    Imana yaduhaye Umwami ngwabariwe atuganza, ntitube tuciganza, ahubwo tubeho nk’abana b’Imana turi mu bugambe bw’Imana. Amen.
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s