Samedi le 10/12/2016
Imana yadusezeraniye imigisha ibonegwa muri Kristo Yesu
Imana yaturemye mu buryo butangaje, iturema mw’ishusho yayo. Yongera iraduhezagira. Kandi yaturemye ngwibonekere muri twebwe, yerekane ubunini bwayo, no gukomera kwayo iciye mu buzima bwawe. Itang. 1 : 26-28 ; Itang. 3: 22 Imana yakuremye mwishusho yayo, ata kwihenda mu bijanye n’umugambi wayo ku buzima bwawe. Kandi imaze kukurema iravuga nguri mwiza cane. Imana yakwambitse ubwiza n’icubahiro muburyo bwawe. Abantu benshi bava mumugambi w’Imana bagomba kwishushanya nuko babona abandi bameze, canke bakora, bagatakaza intumbero y’Imana kuri bo. Zab. 8: 3-6 ; Zab.139: 13-14 Iyo uri muri Mpwemu Yera niho uba en connection avec Dieu, akaguhishurira uwuriwe. Ariko ata Mpwemu Yera ubona ibintu vyose mumubiri ukikengera, bigatuma ubona n’abandi uko batari. Dawidi kubwa Mpwemu Yera yari muriwe, yarabitahura agashimira Imana ingene yamuremye. NB: Utari en connection n’Imana ntushobora kwiyumvira muburyo bw’Imana. Akarorero: Salomo mugusenga yasavye Imana ubwenge n’ubumenyi kugirango ashobore gucira imanza abantu neza. * Satani niwe se w’ibinyoma vyose, niwe yishe mumitima no muvyiyumviro vy’abantu b’Imana. Abigushiramwo akweretseko agukunze. Ntubirondera canke ng’ubisengere, wisanga munzigo, mw’ishari n’izindi mbuto z’umugwanizi. Kuko yananiwe Imana yo mw’ijuru, yaciye itera abana bayo kugirango ibabaze Imana, ikabatera muvyiyumviro, muvyifuzo, mungeso no mubikogwa n’ibindi….
Ariko kubw’urukundo Imana yakomeje gukunda umwana w’umuntu, yaciye iturungikira umwana wayo Yesu Kristo ngwadukize ivyaha n’ibicumuro vyose vyadutandukanya n’Imana, aza kutwuzuza n’Imana. Yaje kurema impwemu yawe gusha. Matayo 1: 19-21 ; Luka 1: 73-79; Luka 2: 29-33 Kristo aje mubuzima bwawe agenda agukiza, akubohora, gushikaho ukora ico waremewe gukora. Kuko utabohotse vyukuri ngo w’uzure Mpwemu Yera, ntushobora kubona ibintu mu buryo bw’Imana, ucukora ibintu muri systeme y’isi, kuko utemeye kurongogwa na Mpwemu Yera. Reka turongogwe na Mpwemu Yera niho tuzoshitsa ic’Imana idushakako tukama urukundo nyakuri. Tugakora ibikogwa Imana yaturemeye gukora, tukagira imigisha yera ya Dawidi itazoshira. Ivyak. N’Intum. 13: 22-23 & 26 & 34. Amen.