Guhishurigwa (kumenya) Yesu Kristo neza n’ububasha bwiwe. 26.11.2016

Ubutumwa bwo ku wa 26.11.16

Guhishurigwa (kumenya) Yesu Kristo neza n’ububasha bwiwe.

Ubuntu bw’Imana butwigisha guca bugufi tukihana ivyaha vyacu, tukemerako tuva mubitagira ikimazi bidahimbara Imana. Butwigisha kwubaha Imana. 1 Ab’Ikorinto : 1-3 & 10; Tito 2: 11-15 Paul ntiyigishijwe n’abantu, yahawe ihishurigwa rivuye mw’ijuru. Iy’umuntu atagira ihishurigwa, gwamenye neza ubushobozi bw’umusalaba, n’ububasha Kristo Yesu aha abamwizeye, abaho ubuzima butagira intsinzi n’ibitangaza, ubuzima butanesha. Kristo Yesu yaje kudupfira kubw’ivyaha vyacu atarikubw’ibintu bindi abantu barondera. Nico cangobwa nk’umukristo ategerezwa kumenya no kubamwo, kwubaha Imana no kwezwa mu buzima rukristo. – Ugasanga ubuzima bw’abanyarushengero n’ubwabapagani burasa kuko batamenye neza Kristo Yesu. Akar. Isi ngo Crise economique n’abanyarushengero nabo ngo Crise economique, Imana yagaburiye Abisirayeli 40 ans mu bugaragwa itahindutse. Kuko Vyose bituruka ku Mana yacu. Kristo yapfiriye ivyaha vyacu, iyabakristo bahishurigwa neza Yesu Kristo baba bagenda bahinduka kumusi kumusi. Ariko kuko ata guhishurigwa, abakristo baba imbata zivyaha. Akar: Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa abayiravye bose bagakira bari bamazwe n’inzoka. Kristo Yesu amanikwa ku musalaba abamwizeye bose bakababarigwa ivyaha vyabo. Nico gituma kudahishurigwa ububasha bw’umusalaba, abantu bishwe nivyaha Yesu yaje kubidukiza. Matayo 11: 27 Ataguhishurigwa abantu bararimbuka.     Agakiza s’akabantu ariko n’akumuntu. Yesu abambanywe n’ibisuma 2, umwe aramutuka uwundi amusaba kumwibuka kandi arihana ivyaha vyiwe. Yesu no ku musalaba yarababariye. Matayo 16: 15-20 Yesu Kristo yabajije intumwa ingene abantu bamwita, bamwe nguri Yohana, abandi Eliya ,… Ati none mweho munyita nde? Petero aturi Yesu Kristo umwana w’Imana. Yesu Kristo aramubwira kwar’umuhigwe kuko ataw’inyama n’amaraso abimuhishuriye ariko kwari Data wo mw’ijuru. Nawe aca amubwira kwari Petero, azomwubakako urushengero, kandi amarembo y’ikuzimu ntazorushobora. Amuha n’urupfunguruzo z’ubwami bw’ijuru. Ntibikundako munyama n’amaraso kushobora gutsinda, ariko niwuzura Mpwemu Yera uzotsinda muri vyose ubihabwa n’imbaraga z’Imana. Dukeneye kwuzura Mpwemu Yera niwe aduhishurira Kristo Yesu, kandi niwe azodushoboza no kumubona. Umuntu atagira Mpwemu Yera n’umuntu nk’abandi bose. Akarorero : Abakobwa 10 biteze umukwe, 5 bafise amavuta , 5 batayafise ntibinjirane n’umukwe. Yesu Kristo aduha ubugingo budashira, ibintu navyo nimigisha Imana yadusenzeraniye ikomoka kuri ba sogokuruza. Imana igwishiriza imvura ababi n’abeza ariko ubugingo budashira s’uwariwe wese, ariko n’ubwabamenye Kristo bakamwizera, bagahinduka basha muri Mpwemu. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s