Imana yo mw’ijuru ntishobora kwibagira abana bayo 19.11.2016

Ubutumwa bwo ku wa 19/11/2016
Imana yo mw’ijuru ntishobora kwibagira abana bayo.
Uharaho yahaye amasezerano abana bayo, kwitazobata, atazobahemukira kandi itazobibagigwa na rimwe. Umuntu haraho ashobora guca mubintu biruhije canje binaniza umutima, ukaba ahantu hakomeye cane hatorohereza ubuzima bwawe vyaba ndetse nkimitwaro, ingwara canke n’ibindi……, abantu bashobora kuguheba ndetse bakanakwibagira, ariko Imana yo ntishobora kuguheba canke ngo ikwibagigwe.             Yesaya 49: 13-17Kuko Imana yarakuvyaye aho wakira Yesu Kristo, ukongera ukavuka ubwa kabiri mugupfana na Yesu Kristo ukongera ukazukana nawe mwibatizwa, amasezera no yasezeranye na Aburahamu na Isak ana Yakobo yabaye ayawe nawe. Uri ubura bw’Imana, kandi igushushanije mu biganza vyayo. Abacamanza 6: 12-14; Kuvayo 3: 5-6 & 11-12 Umuntu wese Imana yaremye yarimufiseko imigambi y’ubwami bw’Imana. Gidiyoni yari yarihevye cane be n’Abisirayeli kubwibibazo barimwo kubw’Abamidiyani. Ariko Malayika w’Imana amubonekera  ariko arasekura ingano  mubwato bwimbwe mu kuzimu, aramubwira at’Uhoraho arikumwe nawe ewe wa muhizi w’inkomezi. Uhoraho aramwitegereza aramubwira ati genda ukwizo nkomezi zawe zingana ukize Abisirayeli. Naho vyari bimeze nabi baravuye k’Uhoraho, ariko yo ntiyabibagiwe ngwibahebe yaraje irabatabara kubw’umusavyi wayo Gidiyoni. Naho we yikengera, kandi akanatinya ko we atoshobora gukiza Abisirayeli, ariko Imana yaramubwiyeko ariyo izoba irikumwe nawe. N’umusavyi w’Uhoraho Mose nawenyene Imana yamubonekeye aho aragiye intama za sebukwe Yetiro, Umumalayika w’Uhoraho amubonekera mugisaka caka umuriro, akikamye kuraba igisaka caka ariko kidatemuka, aramubarira ati kura inketo mu birenge vyawe  kuko ahuhagaze . arahera. Mose yaciye yifuka mu maso kuko atinye kuraba Umumalayika w’Imana mumaso. Ariko ahagarara kumajambo yose amubwiye, abariyo amukomeza, agenda ahitama umugore wiwe n’abana, asezera sebukwe baragenda. Naho we yari yarihevye, abona kumbe ko ubuzima bwiwe bwamaze gufata umurongo w’ubwungere bw’Intama, ariko Imana yo ntiyamwibagiwe na gato, kubw’umutima yarafise w’urukundo rw’Imana, agakunda n’abantu, Imana yahisemwo kuba ariwe ikoresha mugukura Ab’Isirayeli muri Egiputa.Ijambo ry’Imana ntiriza kuducira urubanza ahubwo riza ngo ridufasha, ritumurikire dushike aho tutarashika, utere uja mumuco wayo. Imana yabanje gukora Mose na Gidiyoni, ibakuramwo ubwoba bwose no kwikengera irabemezako irikumwe nabo.  1Pierre 2: 9-10 & Abaheburayo 4: 16. Kuvayo 4: 24-26. Twahamagariwe kuba aba Yesu Kristo, idushira mu muco wayo utangaje. Itubwira ngo twegere intebe y’ubuntu dushize ubwoba. Turi igicapo co kwerekana ibimenyetso vy’Imana. Abantu bakubonye bakubonemwo Imana. Nico ubereyeho kuko yakuvanye mu bwami bw’umwiza, ikatwimurira mu bwami bw’umuco utangaje, aribwo bw’umwana wayo Yesu Kristo. NB: Ivyiza vyose vy’Imana bazobibona mu buzima bwawe. Nico twahamagariwe, kwerekana ubwiza bw’Imana. Harahantu Imana igomba kuvugana nawe kugirango igukore, bijanye niyo uriko uraja, naho woburi mu bibazo canke mungwara biba igikoresho c’Imana. Muri vyose kuguma mukwumvira Imana n’intango y’imihezagiro.
Ibintu bikunda kugora abantu bikababoha :
⁃    Ubwoba bw’ubuzima
⁃    Gutinya Imana muburyo butari bwiza, ngo yonyica canke yompana
⁃    Gutinya abantu, ngo babibona gute canke bovyiyumvira gute
⁃    Kubona ivyudashoboye, arikuba igikoresho c’Imana

Ivyak. n’Intum. 13: 22-23 & 26 & 33-37 Imana irashaka ko dushika mugakiza kayo. Tukayishingira intahe tukamamaza agakiza kayo. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s