Samedi le 12/11/2016
Yesu Kristo yatuzaniye umwidegemvyo nyakuri
Yesu Kristo yaje gushira abantu mu muco. Mariko 1: 14-15. Abantu bari bamenyereye kw’Imana ihana, ndetse ikanarimbura abansi b’ubwoko bw’Imana aribo b’Isirayeli. Ariko Yesu Kristo araza kutwereka urukundo rw’Imana n’imbabazi Imana igirira abayirondera. Ingene yaje kubabohora ikabakurako ibibabuza umwidegemvyo nyakuri vyose. Matayo 9: 18-26 & 27-34 Yaje abwira abantu ngo bihane bahindukire ubwami bw’Imana buri hafi. Yarigisha ishengero, agakiza indwara, akavura abapfuye, agahumura impumyi ibipfamatwi bikumva, agasenda abadayimoni bamoko yose bari mubantu. Abantu bakamutangarira cane kuko batari bwabone benivyo bitangaza vyose yakora. Nico gituma nawe akubwira ngo musange arakubohora kuko muri we harimwo ububasha bwose n’ubushobozi bituma atakibazo canke ubugwayi n’ingorane nimwe bishobora kubuza amahoro abana b’Imana kuko nico camuzanye, ngo abantu baharigwe ivyaha kandi babeho bidegemvya. Itangur. 4: 6-7 & 14-15. Urukundo rw’Imana rutuzitirira kumpande zose kande rukanaturinda. Gahini amaze gushikanira Imana amashikanwa adakwiriye, yagize ishari rya Abeli kuko we Imana yamushimiye, havyuka muri Gahini impwemu mbi yuburake kubwa murumunawe. Ariko Imana yo mw’ijuru iramuburira iti Gahini kuki mu maso hawe hijirigwa, iti Niwakora neza ntuzokwemeregwa? Ati nutakora neza icaha kibunze kurugi kandi niwewe kirondera. Imana yaramuburiye ariko ntiyagomvye guhunga icaha ngwakore neza ariko nico yahisemwo. Agira umutima mubi umutera gukora nabi. Amaze kwica Abeli, yagize ubwoba bwinshi yibazako uzomubona wese azomwica ariko Imana yo imushirako ikimenyetso kugirango uzomubona wese ntazagire ico amugira. Iramurinda, ndetse imwirukana muriryo tongo imurungika ahandi. Ariko kubwico yari yakoze yabayeho ata mahoro n’umwidegemvyo wo m’umutima afise. Mariko 2: 13-17 ; Luka 19: 1-10 Yesu Kristo yakora ibinyuranye n’ivyiyumviro vy’abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe. Kuko we yaje kubohora ababoshwe kugirango bidegemvye, abafise amahoro atariyo akabaha amahoro ava ku Mana kuko ariyo adashira, kandi atagabanuka bitewe n’abantu canke n’ibintu. Nico gituma yasangira canke akararira abanyavyaha kugirango abakize. Zakayo yarafise ubutunzi bwinshi ariko ata mahoro bumuhaye kuko yarenganya, akanagunga abantu nibindi… Ariko Yesu Kristo amaze kumurarira, yagize umutima ubohotse, vyose birahinduka, atangura gusubiza ivyo yivye vyose, afa nabakene ivyo yaratunze, agira amahoro menshi mumutima kuko atayo yarafise mubutunzi bwuzuye ivyaha. Naho yarumutunzi cane igihe cose yaramaranye ubwo butunzi ntamahoro yo mumutima yarafise, gushika ahuye na Yesu Kristo. Yesu Kristo yaje kubabarira no kubohora ngo dukore ibikogwa bikwiranye no kwihana. Itangur. 50: 16-21 Abahungu ba Isirayeli naho barabuzukuruza ba Aburahamu babayeho ata mahoro bafise yo mumutima kubw’icaha bakoze co kugomba kwica Yosefu murumuna wabo, ndetse bakanamudandaza muba ny’Egiputa. Bagiye kuruhuka bagira amahoro aruko basavye imbabazi Yosefu kuko Se yaramaze gupfa. Yosefu arabababarira kuko we amahoro yose yo mumutima yarayafise, kuko atigeze abagirira inzigo, n’urwanko canke abagirire ishari kuvyo bamukoreye, yagumanye umutima w’uzuye urukundo rw’Imana n’amahoro menshi. Mpwemu Yera abana nawe, nico gituma nivyo yakora vyose vyagira imigisha aho yaja hose. Nabo arababwira ati mureke gutinya nzobaha ivyo kubatunga n’abana banyu. Urukundo rw’Imana nirwo ruduha amahoro yo mumutima, kuko rufise ubuzima, kuko rurimwo Mpwemu Yera n’ubushobozi bw’Imana. Matayo 11 : 25-30 Yesu Kristo yahamagaye abananiwe n’abaremerewe ngwabaruhure, kuko umufise wese abeho neza, ataco wicura , atamwenda ufitiye abana b’abantu canke Imana yo mw’ijuru. Ntiwemere kubaho ubuze amahoro, uhunga abantu canke ubabaye mumutima Yesu Kristo yaje kubwawe. Mwakire umwemerere, uzane ivyo bikugoye canke bigucanisha n’abantu arakubohora, ubeho neza. Amen