Ubutumwa bwo ku wa 29/10/2016
Ukw’Imana ishaka abantu bayo
Icambere Umwami Imana idushakako nuko dukurikiza ivyagezwe vyayo bo n’Ijambo ryayo. Kuko ababikurikiza bagira imigisha, ikabana nabo. Ivyo bakora vyose bikabamwo ikiganza ciza c’Imana. 2 Abami 18: 1-8 Imbere y’umwami Hezekiya, Abisirayeli bari basigaye batagira Imana Rurema muri bo; basenga ibigigwamana ari navyo bosereza imibavu. Bagasenga za Bayali, bagakurikiza imigenzo y’abanyamahanga ndetse bagakora ivy’Uhoraho abona kwari bibi vyose. Ariko Hezekiya yagize umwete wo kurondera Uhoraho Umwami Imana, arasoma ivyagezwe Imana yahaye umusavyi wayo Mose, akurikiza ijambo ry’Imana ryanditse mu gitambo ceranda. Agenda akuraho ibicaniro vya za Asheka, agakuraho n’ibigigwamana vyose vyubakiwe ku mpinga z’imisozi, arabimenagura vyose , nayanzoka Mose yacura bari basigaye bayosereza imibavu, n’ibindi vyinshi vyabayovya abikuraho.
Hezekiya asubizaho Igicaniro c’Uhoraho, aha kandi ahesha agaciro Imana y’Abisirayeli. Aracubahiriza, asubiza ibintu ku rutonde kuko Mose yabivuze, kuko bari basigaye babikora uko bashatse ndetse nigihe babishakiye n`uburyo bagomvye. Hezekiya yagize imigenderanire myiza n’Imana, ico yakora cose yagira ikiganza ciza c’Imana. Ikintu ca mbere umuntu akeneye mu buzima bwiwe, n’ukugira Imana muriwe. Abantu benshi bibazako kugira amashure menshi canke kugira amahera menshi arivyo bikenewe mu buzima , ariko igikenewe kurusha ivyo vyose n’ukugira Imana mu buzima bw’umuntu. Nico catumye Hezekiya nivyo yakora vyose vyagenda neza. Abantu bahindukirira Imana buzura ubwiza bw’Imana. Hezekiya yasizeho umuco mwiza wo gusenga, bagira ubusabane bwiza n’Imana, butubakiye kuvyo bo bashaka ariko bwubakiye kuvy’Imana ishaka. Mwene Data, dutegerezwa kumenya neza ko atari twebwe duhitamwo ingene tubana n’Imana, ariko n’ijambo ryayo yasizeho, abe ariryo dukurikira. Iyo uhagaze neza mu Mana isi irakugwanya cane. Yesaya 36: 4-6 & 18 & 21 Kuba warakijijwe ur’umwana w’Imana ntibibuzako ugira ingorane canke ibibazo mu buzima. Kuko haribihe biza bigushira ku mu nzane, kugirango bipime agakiza kawe. Ariko waramwihaye wese, vyose birakurengana, Yesu Kristo akabigutsindanishiriza nkuko yanesheje isi. Mu mibereho y’isi, abantu bishimira amashure, ubwenge, amafaranga, abantu, n’ibindi… ariko Hezekiya we yishimiye Uhoraho Imana yiwe. Intumwa z’umwami w’I Ashuri zimaze kuzana amajambo yo gutuka Imana nzima n’umwami Hezekiya, ariko abantu ba Hezekiya ntibagira ico babishura kuko umwami wabo yari yababujije. Kuko har´igihe bidusaba guhora kugirango turindire ijwi ry’Imana yacu, rijanye n’ibihe turimwo. Iyo turi kumwe n’Imana, kimwe mu bintu Imana igukorako n´ugukuraho ubwoba mu buzima bwawe. Yesaya 37: 6-10 & 33-38. Igihe cose hariko hakoreka ivyo muri Mpwemu Satani arapfuha, agahagurutsa abakozi biwe ngo bagwanye imirimo y’Imana n’abakozi b’Imana. Nico gituma Imana idutumirira gusenga ubudahumeka. Kuko iyo dusenga, Imana irarungika Umumalayika akaza gutabara. Nkuko yabikoze no murico gihe ca Hezekiya.
Ivyak. n’Intum. 12 : 5-9 & 20-24 Kuvyuka kw’ishengero bagasenga, kwatumye Petero atabagwa. Mugihe batari bwashiremwo ishaka ryo kwinginga Imana ngo biyegurire gusenga Yakobo baramwishe. Ariko Imana yarumvise gusenga kwabo bakobeje, baririra ubuzima bwa Petero naho nyene Imana yarungitse Umumarayika gukura Petero mw’ibohero, aramukiza urupfu. Kandi Umwami Imana ntiyarekeye aho, nkuko yatumye umwami w’i ashuru abana biwe bamwica, niko Umumalayika w’Uhoraho yakubise Herode aturika inyo agacikana, kuko yariko agwanya Imana n’abakozi bayo. Isengesho n’ikintu kidasanzwe iyo rivuye ku kwizera nyakuri. Nico gituma Uhoraho Imana ashaka ko tumwubaha, tugendere mw’ijambo ryayo kandi dukurikiza ivyagezwe vyayo. Tumuhe agaciro kanini mu buzima bwacu nawe atugwanirire tube mu buzima bw’intsinzi muri vyose. Amen.
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories