Kwizera izina rya Yesu Kristo n’ubushobozi bwaryo 22.10.2016

Ubutumwa bwo ku wa 22.10.2016

Kwizera izina rya Yesu Kristo n’ubushobozi bwaryo.

1.Ukwizera kwa mbere, arigwo rufatiro rwa mbere n’ukumenyako Imana iriho, ego ntituyibona ariko tuvyemera uko biri nkukuri. Uwo niwo muryango wa mbere wo kwizera.

  1. Ukwizera kuzanwa no kwakira Yesu Kristo nk’Umwami n’umukiza wawe, arivyo biduhesha guharigwa ivyaha vyacu, amazina yacu akandikwa mw’ijuru. Ukwo kugororoka kuzanwa no kwizera kugakuza kwizera Yesu Kristo . Nico gituma igihe cose intumwa Paul yashira agaciro kukwezwa. Nukwizera kurongogwa na Mpwemu Yera. Abaroma 1 : 4-7 & 16-17 Uwo Yesu Kristo niwe twakira , tugaharigwa ivyaha vyacu vyose, akaduhindura, tukaba abera. Kuko Imana iduhamagarira kuba abahungu n’abakobwa buzuye ukwizera. Kuko nivyo bidukundisha Imana. Kuko ikintu kibisha ubuzima ru Kristo nukubura kwizera. Ivyak. N’Intum. 14 : 8-11 & 19-23 & 27 Intumwa paul yariko avuga ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo, uwo mugabo yari yaravutse amugaye ibirenge, yarafise ukwizera kwinshi muriwe, Paul aramubwira ati haguruka weme n’ibirenge vyawe, aca arabaduka uwo mwanya arahagarara. Imana yo mw’ijuru irashakako tugira ukwizera kubonekera abantu bose, kuko arikwo kudukiza. Kuko abo tunigana atarab’inyama n’amaraso , Paul bamutera amabuye bamukwegera inyuma y’igisagara bibaza ngo yapfuye, abigishwa bahagaze bamukikije, aravyuka aja mugisagara, atangura kuremesha imitima y’abigishwa ngo bagume mukwizera, kandi ko dukwiriye guca mu marushwa menshi mu kwinjira mu bwami bwo mw’ijuru. Ivyak n’Intum. 15: 7-9 Abanyamahanga nabo bumvise ubutumwa bwiza bwa Yesu Kristo nabo baraheza baramwizera. Imana yogesheje imitima yabo kwizera. Kwihana ivyaha vyacu nivyo bituma twemegwa n’Imana tukaba abagororotsi. Harabaziko inyifato yabo canke ibikogwa vyabo vyiza arivyo bituma bemegwa n’Imana, haba namba, ahubwo uko umutima wawe umeze imbere y’Imana nivyo bituma ikwemera. Abantu benshi bapimira agakiza kabo kungeso zabo, no mubikogwa bakora, ariko menyako uwavyawe ubwa 2 niwe yitwa umugororotsi, hatabanje kuba intervantion y’ibikogwa.

# Dutsindanishirizwa n’ukwizera s’ibikogwa. Ubweranda bwawe bufitaniye isano nuwo wizeye uremera. Akameremere k’Imana nako kagatuma twama tugakora ibikogwa vyiza. Abantu kenshi baravuga iyo umuntu yapfuye ngo urya muntu yakora ibikogwa vyiza, ntakabuza agiye mw’ijuru. Mwene Data ikintu cambere Imana imuhora nuko yakengereye umusalaba, atizeye Umwami wacu Yesu Kristo. Kuko atamumenye ngwamwakire, ntazina ryiwe ryanditswe mu gitabo c’ubugingo. Benshi ukwo kwizera kwa 2 nikwo kubananira badafise, ngo bamenye ubushobozi buri mwizina rya Yesu Kristo ribatabare.               Abaroma 3 . 21-28 Ukwo kwizera nikwo kugushiramwo umucanwa wo gukorera Imana. Kuko dukora nkuko Papa akora. Akabuto kari muri twebwe nikokagusunikira gukorera Umwami wawe. Imana yatwakiriye tutarakora ibikogwa vyiza munyuma ndakora. Ivyak n’Intum 18: 9-10 Izereko Yesu Kristo wakiriye ari kumwe nawe ntutinye ikintu na 1 ari kumwe nawe. Ntutinye kuko kumwizera arivyo bizimya imyampi yose yawa mugwanizi. Abanyef. 6: 12 &16. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s