Amasezerano y’Imana n’imbabazi bizokwama ku bana bayo. 15.10.2016

Ubutumwa bwo ku wa 15.10.2016

Amasezerano y’Imana n’imbabazi bizokwama ku bana bayo.

Imana yo mw’ijuru irashaka ko tuva muvyo tubonesha amaso nuko tuvyumva , ariko tuboneyo n’ubushobozi bwayo. Mu mashengero y’Imana harabantu bamaze gucika intege, canke babonako haraho badashobora gushika mubuzima bwabo, canke harivyo badashobora gukora, canke batoronka. Bigatuma baba mu buzima bubi canke naho butoba bubi cane ariko ataribwo Imana yari yarabagereye.

Ariko mwene Data, Kunesha n’igicapo Uhoraho Umwami Imana igomba kukubonamwo mu buzima bwawe. Nukuvuga mukazi kawe, mu rugo rwawe, mundwara, ndetse muvyo umuntu ahura navyo vyose muri runo rugendo turimwo.

Yosuwa14: 6-15 , Guharura 13: 25-31, Kalebu yahawe igihugu, igisata atarafitiyeko uburenganzira. Mugihe cose wizeye Imana yawe ukayishingira intahe ukabonako ata na 1 gishobora kuyinanira, nayo iguha umugabane abandi badashobora guhabwa. Nta kintu na 1 canke situation n’1 ikwiye kukubuza gushika kw’isezerano ryawe. Naho Imana yasezeraniye Kalebu afise Imyaka 40, igihe bavuye gutata igihugu c’isezerano, abandi baranduye umutima ishengero ry’Imana bavuga ivyo babonye kubantu baho no kurico gihugu. Abantu batangura kwidodombera Mose n’Uhoraho. Ariko Kalebu yamama abantu ati nimuze tuduge ubu nyene tuhashikire, kuko dushobora rwose kuhatsinda. Uhoraho abarira Mose kwabo bantu bagiye gutata batazokijamwo kiretse umusavyi w’Uhoraho Kalebu, kwazokwegukira ico gihugu n’uruvyaro rwiwe. Igihugu Yosuwa yagishikirije Kalebu amaze imyaka 85. Ariko inkomezi yarafise igihe yaduga gutata afise imyaka 40 nizo yaragifise mumyaka 85. Kunesha n’umuntu abigirira ishaka. Mu myaka 85 Kalebu yaragifise ishaka ryo kunesha. Nta kintu na 1 gikwiriye kukubuza kugwana intambara nziza. Aho nyene ushobora kunanirigwa niho nayo ikwiyerekera. Nico gituma umu kristo wese akwiye kwizera adakekeranya mukintu na 1 kuko amasezerano ahorana n’abana b’Imana. Yesaya 54: 10 & 17 Iyufise amasezerano ntiwifatanye n’abandi ariko wewe ukore urindire ic’Imana ivugana nawe. Kuko Imana iguha iciyumviro itahaye abandi canke abandi badatahura kuko ar’umugisha wawe Imana yaguteguriye. Kandi ntagishobora kubihindura niwaguma mu kuri kw’Imana. Kuko ari muri wewe igomba kwiheshereza icubahiro cayo. Ukayishingira intahe. Nico giyuma itubwira ngo ntacokugwana bacuriye kukugwanya kizogira ico kimara kand’ururimi rwose ruzoguhagurukira uzoruntsinda. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s