Agakiza kabonegwa kukwizera niko kemegwa n’Imana. 08.10.2016

Ubutumwa bwo ku wa 08/10/2016

Agakiza kabonegwa kukwizera niko kemegwa n’Imana.

Yesu Kristo yaje kw’isi atuzaniye agakiza, kugirango uzokakira wese akamwemera ahinduke umwana w’Imana . Kuko agakiza yaduhaye gahagarara mukumwizera, no mukwizera Data wa twese, ntigahagarara kuvyo tubonesha amaso canke twumva. Nkuko Aburahamu sokuruza wo kwizera yatubereye akarorero. Itanguriro 22: 15-19 & Itanguriro 26: 2-5

Aburahamu ntakindi camushoboje kuja gutanga Isaka kwikimazi, ataruko yizeye Imana yavuganye nawe, akayubaha, akumvira agashitsa ico ijambo ry’Imana ryavuze. Mugusiga abantu biwe bari bajanye nawe aho babarindirira, yakoresheje ukwizera naho yarazi ko yabwiwe gutanga Isaka, yababariye ati muraba muragumye ngaho, turaje n’umwana wanje. Isaka nawe nyene amubajije ati none ga Data ikimazi kirihehe cogutanga, yamubariyengo Uhoraho aracironkera. Amen. Yizeye Imana adakekeranya nayo ibimuharurako nk’ukugororoka. Ibimuheramwo amasezerano amahanga yose yo mw’isi azomuronkerako umugisha.

Natwe Isaka wacu nivyo Imana itubwira guheba ngo duhinduke gose tube mu kuri, ariko gakiza kabonegwa muri Kristo Yesu. Yaje ngo tuve mu vyaha, tuve mu myanda twagenderamwo, tuve mw’ibohero ryo gukoreshwa na Satani, twezwe n’amaraso ya Kristo tube mukuri. Kuko azoza gutora abamwumviye, bashikije ic’ijambo ry’Imana rivuga.   Matayo 23 : 1-3 & 13 Yesu Kristo yaburiye ishengero ryiwe ngo ntibakurikize ivyo abafarisayo bakora ahubwo bakore ivyo bababwiye kuko ivyo babigisha ryari ijambo ry’Imana vy’ukuri. Ariko Abafarisayo n’abanyabwenge b’ivyanditswe bo arababurira ko batazokwinjira mu bwami bwo mw’ijuru kuko bugarirana ubwami bwo mw’ijuru imbere y’abantu. Ati ntimubwinjiramwo kandi nabo ntibabwinjiramwo. Yesu Kristo yarababaye cane kuko ishengero ry’Imana ritabwigwa ukuri ngo ryigishwe rihinduke. Kandi nababigisha nabo ubwabo bakora ivyaha kandi inyuma berekana ko bakorera Imana.

Tureke kuba aba Kristo bo kw´izina ariko tube aba Kristo bo ku mutima, aribo bakijijwe vy’ukuri.  Imana iratwinginga cane ngo tureke kuba abanyedini, ariko tube aba kristo bahindutse, bapfanye na Yesu Kristo vyukuri, bahindutse mu ngeso na za kameremere zacu. Kuko izo ngeso naza kamere twahoramwo nivyo bituma tuguma muvyaha tudahinduka, tukaba abatubaha canke ngo bumvire Imana nkuko Aburahamu yumvira. Galat. 3 : 5.14 Nico gituma abizera Imana vyukuri aribo bana ba Aburahamu bahabwa imigisha Uhoraho yasezeraniye abamwizera , ariyo ibonegwa muri Kristo Yesu. Nico gituma iyo wumvira Imana, ukayizera vy´ukuri ugashitsa ic’ijambo ryayo rivuga, Mpwemu Yera nawe agutangira rapporo mw’ijuru ukabona ugutabagwa kuva mw’ijuru kuri wewe. Kuko uwo mugisha wa Aburahamu twasezeraniwe tuwuhabwa muri Yesu Kristo. Niwahagarara mukuri, umutima wawe ukirinda icaha kandi ukaba mu kwubaha Imana, harivyo utazorinda unasengera , kuko Imana ikubona igushitsako ijambo ryayo yabwiye Aburahamu na Isaka. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s