Nta handi bikoreka (bironkeka) atari muri Kristo Yesu. 24.09.2016

Ubutumwa bwo ku wa 24/09/2016
Nta handi bikoreka (bironkeka) atari muri Kristo Yesu.
Imana data wa twese yambitse ubwiza zayo umwana wayo ariwe Yesu Kristu. Imwuzuzamwo urukundo rwayo rwose, kugirango muri we abe ariho dushira ivyizigiro vyacu vyose, nawe aze abe muvyacu vyose. Kuko iyo ari mu vyacu biraheza bikagenda neza. Matayo 17: 1-13 Petero, Yakobo na Yohana igihe badugana ku musozi na Yesu Kristu agiye gusenga, barabonye ibihe vyiza cane.Birabanezereza cane, ndetse banifuza kubigumamwo. Kuko babonye Yesu Kristo ahinduka mu maso hiwe haka nkizuba, impuzu ziwe zikayangana, zera derere nkuko ata mu mesuzi n’1 yoshobora kumesura nkuko zasa. Babonye Mose na Eliya birabanezera cane bavugana na Yesu Kristo. Ijwi riva mw’ijuru riti Uyu niwe Mwana wanje nkunda kandi akampimbara, Nimumwumve.  Iyo uri mubihe vyiza, indirimbo ziratemba, bavuze ibitangaza vy’Imana nivyikora kubwawe umengo ntibabivuga neza, ahubwo wobaka micro ukavyivugira kuko harumunezero yakwujuje, akudugije kumusozi wumunezero, ukavyivugira kuko yagutwengeje. Imana n’umuvyeyi mwiza cane, murivyo bihe vyiza iduha irashobora kuba iriko iradutegura mubihe bigoye dushobora gucamwo bir’imbere. Ivy’Imana yagiye itwiyerekeramwo bize bitume dukomera mukwizera , bitwibutse gukomera kwayo, imbabazi zayo no gutabara kwayo twabonye mugihe yadukorereyemwo ibitangaza bikomeye twabonye. Kugirango ntihagire ikiduca ivutu, ntiducike intege ahubwo tuyihimbaze twongere tuyitazire tuyiha icubahiro twibuka imbabazi zayo no kugira neza kwayo, naho twoba turi mubibazo canke nundwara no mungorane.
Ba Petero, Yakobo na Yohana haritandukaniro ryivyo bari bahejeje kubona nivyo bari bagiye kubona, ibabazwa Yesu Kristo yaragiye kubabazwa. Kenshi rero murizo ngorane canke indwara nokwita guca mubiyaya, niho abana b’Imana bakunda gucikira intege , ariko ibuka ivyo wabonye mbere, wizere Yesu Kristo uko wamubonye akayangana n’ubwiza bwiwe bwose, bikwuzuze kumwizera nawe aragutabara ntakabuza.  Kuko abana b’abantu bibagira ningoga, nico gituma Imana yabategeka gushiraho amabuye aho yabiyerekereye, kugira aze ababere icibutso. 1 Samuel 7: 8-13 Samuel, Abisirayeli banesheje urugamba yaciye ahashira ibuye aryita Ebenezeri , ati kugeza nubu Uhoraho aradutabaye. Mwene Data ntucike intege ushobora kwibazako itakwumva canke yakwibagiwe, ariko iriko irakora. Samuel yarakiriko atanga ikimazi asenga, Imana nayo iriko iraca igico Abafilistiya. Ps 25: 9-10 & 14-15, Ps 28 28: 7-9
Dawidi yavuga Imana nk’umutabazi, nk’inyembabazi, nk’igihome kirekire kimukingira ngo ntasegenyeshwe canke nk’urutare yihishamwo. Vyose vyavana nu’ukuntu yamwiyeretse. Imigambi y’Imana ku bantu bayo nukubatabara no kobakiza, ikaguma ibagirira neza. Ntitugendeshwa nivyo tubona canke twumva ariko turongogwa n’ukwizera Yesu Kristo Umwana w’Imana nzima. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s