Ubutumwa bwo ku wa 24/09/2016
Nta handi bikoreka (bironkeka) atari muri Kristo Yesu.
Imana data wa twese yambitse ubwiza zayo umwana wayo ariwe Yesu Kristu. Imwuzuzamwo urukundo rwayo rwose, kugirango muri we abe ariho dushira ivyizigiro vyacu vyose, nawe aze abe muvyacu vyose. Kuko iyo ari mu vyacu biraheza bikagenda neza. Matayo 17: 1-13 Petero, Yakobo na Yohana igihe badugana ku musozi na Yesu Kristu agiye gusenga, barabonye ibihe vyiza cane.Birabanezereza cane, ndetse banifuza kubigumamwo. Kuko babonye Yesu Kristo ahinduka mu maso hiwe haka nkizuba, impuzu ziwe zikayangana, zera derere nkuko ata mu mesuzi n’1 yoshobora kumesura nkuko zasa. Babonye Mose na Eliya birabanezera cane bavugana na Yesu Kristo. Ijwi riva mw’ijuru riti Uyu niwe Mwana wanje nkunda kandi akampimbara, Nimumwumve. Iyo uri mubihe vyiza, indirimbo ziratemba, bavuze ibitangaza vy’Imana nivyikora kubwawe umengo ntibabivuga neza, ahubwo wobaka micro ukavyivugira kuko harumunezero yakwujuje, akudugije kumusozi wumunezero, ukavyivugira kuko yagutwengeje. Imana n’umuvyeyi mwiza cane, murivyo bihe vyiza iduha irashobora kuba iriko iradutegura mubihe bigoye dushobora gucamwo bir’imbere. Ivy’Imana yagiye itwiyerekeramwo bize bitume dukomera mukwizera , bitwibutse gukomera kwayo, imbabazi zayo no gutabara kwayo twabonye mugihe yadukorereyemwo ibitangaza bikomeye twabonye. Kugirango ntihagire ikiduca ivutu, ntiducike intege ahubwo tuyihimbaze twongere tuyitazire tuyiha icubahiro twibuka imbabazi zayo no kugira neza kwayo, naho twoba turi mubibazo canke nundwara no mungorane.
Ba Petero, Yakobo na Yohana haritandukaniro ryivyo bari bahejeje kubona nivyo bari bagiye kubona, ibabazwa Yesu Kristo yaragiye kubabazwa. Kenshi rero murizo ngorane canke indwara nokwita guca mubiyaya, niho abana b’Imana bakunda gucikira intege , ariko ibuka ivyo wabonye mbere, wizere Yesu Kristo uko wamubonye akayangana n’ubwiza bwiwe bwose, bikwuzuze kumwizera nawe aragutabara ntakabuza. Kuko abana b’abantu bibagira ningoga, nico gituma Imana yabategeka gushiraho amabuye aho yabiyerekereye, kugira aze ababere icibutso. 1 Samuel 7: 8-13 Samuel, Abisirayeli banesheje urugamba yaciye ahashira ibuye aryita Ebenezeri , ati kugeza nubu Uhoraho aradutabaye. Mwene Data ntucike intege ushobora kwibazako itakwumva canke yakwibagiwe, ariko iriko irakora. Samuel yarakiriko atanga ikimazi asenga, Imana nayo iriko iraca igico Abafilistiya. Ps 25: 9-10 & 14-15, Ps 28 28: 7-9
Dawidi yavuga Imana nk’umutabazi, nk’inyembabazi, nk’igihome kirekire kimukingira ngo ntasegenyeshwe canke nk’urutare yihishamwo. Vyose vyavana nu’ukuntu yamwiyeretse. Imigambi y’Imana ku bantu bayo nukubatabara no kobakiza, ikaguma ibagirira neza. Ntitugendeshwa nivyo tubona canke twumva ariko turongogwa n’ukwizera Yesu Kristo Umwana w’Imana nzima. Amen
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories