Kwubakira ku rutare arigwo Yesu Kristu. 17.09.2016

Ubutumwa bwo ku wa 17/09/2016

Kwubakira ku rutare arigwo Yesu Kristu.

Yeremiya 17: 7-10 Iyagakiza k’umuntu kubakiye neza kuri Yesu Kristo, ntakigatirimutsa. Imisi yose karama, haba mumahigwe canke mungorane, haba mumunezero canke mu mubabaro, haba mu bibazo canke mu bisubizo, n’ibindi… . agakiza kawe karama, ndetse n’abandi bakakaronkamwo imigisha. Bagatabagwa kubwawe bagasubizwamwo inkomezi, bagasubizwamwo inkomezi kuko Yesu Kristo ariwe nkomezi zawe, n’abandi bakazisubizwamwo kubwawe. 1Ab’Ikorinto 3: 10-13 Yesu Kristo niwe Mana yo kwizigigwa ibihe vyose, Niwe umwubakiyeko vy’ukuri udashobora gutirimutswa n’ikintu na 1. Niwe umwubakiyeko udashobora kugira iciza ukena mu ma saison yooose. Umwubakiyeko arinda umutima wiwe, ingeso ziwe zirahinduka n’akameremere kiwe bikaba bizima muri Kristo Yesu. Agira ibikogwa vyiza kandi vyagaciro mu nyonga z’Imana. Vyose Yesu Kristo akaguhindura ukaba muzima. Ukabaho urongogwa na Mpwemu Yera, akaba ariwe agukoreramwo. Nta kigutirimutsa canke ngo kigukange mukintu na 1, kuko uwo wubakiyeko arukomeye cane.

gukora Dukwiriye kuba abanyabwenge bazi neza ivyo umu kristo wukuri akwiriye kugirango tutihumanya, bafise ukwizera gushikamye kurongogwa n’ukugororokera Imana, kugaragaramwo kwubaha Yesu Kristo. Ba Shadulaka, Meshaki na abudinego, banse kurya indya z’umwami n’igiturire ciwe yuhira kuko bubaha Imana Uhoraho bakanka kuyicumurako, kuko bari bafise agakiza gashikamye vy’ukuri. Daniel amaze kwigira inama mumutima wiwe ko badashobora kubirya, Imana icimushirako ikiganza ciza, imuha ubwenge n’ubumenye muvyo bigisha vyose no mugutahura inzozi. Daniel 1: 8-9 & 15 Bamaze kwanka kubirya, Imana ibaha gukayangana no gusa neza kurusha abandi basore bose bariye kuvy’umwami. Kuko Imana bari bizeye ariyo itanga gusa neza, n’ugukayangana kurusha abandi. Satani akomeza kubagerageza gushika naho babataye mumuriro witanure ntibasha kuko Yesu Kristo yawubasanzemwo akabakiza. Bituma umwami atanga itegeko ngo ahatwara hose basenge imana yabo. Daniyeli bamutaye mu rwobo rw’intare ntaco zamugize kuko Imana yiwe yazugaye umunwa. 1 Petero 2: 1-8 & 1 Petero 1: 13-20 Ijambo ry’Imana riratubwira tuve mu ngeso zakera, tuze muvyaha bitandukanye bikorera mu mitima yacu. Tube abera nkuko iyo twita Data ariyera natwe tube abera mungeso zacu zose. Ntitumenyere Imana ariko tumare igihe co kuba inyambukira dutinya, twubakiye neza kuri Kristo Yesu. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s