Kugira umutima uciye bugufi ukumvira imburi. 03.09.2016

Ubutumwa bwo ku wa 03/09/2016
Kugira umutima uciye bugufi ukumvira imburi.
Kubw’urukundo Imana ikunda ubwoko bway, ibana nabo, igakora ibitangaza, nibikomeye hagati yabo, ikishingira intahe kandi ikihesha icubahiro. Kukwabo tunigana atarab’inyama n’amaraso, barategwa bagata inzira yagakiza, bakibagigwa ibihambaye Uhoraho yabakoreye, ariko Imana yo ntiyaca ibaheba. Ahubwo yarungika imburi kugirango nibaca bugufi, bakagira umutima woroshe, bakumvira, bagakora ic’Imana yavuze mw’ijambo ryayo, canke ic’ibatumyeko cose. Imana nayo yarahindukira ikabakiza. Uwumviye wese akareka inzira yiwe mbi yari yazimiriyemwo, Imana yaramubabarira, ndetse ikanamuhezagira, amasezerano yayo agakomeza kuri we.
Ezekiyeli 33 : 1-12 ; 1Abami 21 : 25-29 Uhoraho Imana yacu ninyembabazi ntishakako umunyavyaha apfa, ataruko yokwihana, akava mu bibi akora, agakurikira inzira ya Yesu Kristo, akabaho afise ubugingo. Abavugishwa n’Imana nka ba Ezekiyeli, Eliya, n’abandi.. bashizweho nkinderetsi, babura ibiriko biraba nibigira bize. Abumviye bose baratabagwa, ariko abatumviye bose imivumo yabajako, bakagira ivyago n’amahano bikababako ningo zabo, batagira gitabara. Nico gituma Imana itubwira kuva, mugihe utavuye muvyurimwo bidahesha Imana icubahiro, canke kwa so na nyoko ugiye kwubaka ugwawe n’umugore wawe, ukaguma utegekwa na so canke nyoko, urugo ugiye kwubaka ntirurama nagatoyi. Imana idusaba kuva muncuti mbi, muvyaha no mubidahesha icubahiro Imana, kugirango umugambi musha dutanguranye na Yesu Kristo ugende neza. Kandi Imana ntishakako twibagigwa ivyo yagiye idukorera vyose, kuko nivyo biyihimbara kandi bidukomeza kwubaha Imana no kuyikurikira tukabana nayo. Matayo 19: 16-26 ; Luka 9 : 23-27 ; Luka 13: 22-25 Nico gituma umusore w’umutunzi vyamunaniye gukurikira Yesu ngwaronke ubugingo, naho harivyo yakora vyiza muvyagezwe vy’Imana, ariko ubutunzi bwiwe bwamubereye ikigigwamana, bituma aheba ubugingo. Reka twuyambure ivyaha n’ibintu vyose bitubuza gukunda Yesu Kristo. Yesu Kristo bamubajije ngo mbega abakizwa ni bake? We yabishuye ngo mushishikare guca mw’irembo ripfunganye, ati kuko benshi bazogomba kuricamwo ariko ntibabishobore. UmuKristo wese akwiriye gukomeza munzira yonze, ntatirimuke, kuko niho iduhezagirira. Ntitwibagire canke ngo twiyobagize ivyiza vyose Imana yadukoreye ngo tuyiveko. Ahubwo turongogwe nayo n’ijambo ryayo niho tuzobaho mu kwezwa kwukuri no mukuyigororokera. Uwo vyagoye yemere guhanugwa, agire guca bugufi mu mutima wiwe, agaruke ku Mana, na Yo iramugirira neza.  Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s