Ubutumwa bwo ku wa 10/09/2016
Gushira Imana hejuru muri vyose.
Uhoraho Umwami Imana yabariye Mose umusavyi wayo ngo aze yame abarira abantu bayo ngo baje mwihema, abasomere ivyagezwe vyayo. Kuko nivyo bamenyeramwo caractere y’Imana yabo, iyariyo, ingene imeze, ivyikunda ndetse nivyo yanka. N’ukuntu rero ishaka ko abantu bayo bamera n’ingene bitwara batandukanye n’ayandi mahanga. Kuko ubwoko bw’Imana butakurikiza ivyagezwe vyayo, bituma ituma umwana wayo ikunda cane kugirango aze gucungura abari mw’isi. Arababazwa
cane kuko yaje yambaye umubiri w’umwana w’umuntu, gushika naho abamba ku musalaba kugirango adutsindanishirize yongere aduhe inkomezi mumubiri wacu ubabazwa. Mu buzima rukristo turahura n’intambara zitandukanye, kandi zira(se ukuntu zigwanwa. Nico gituma Imana yaduhaye ubwenge n’ubukerebutsi, ndetse n’uburyo kugirango dushobore gukora ivyo dushoboye. Ariko byose bifite aho bigarukira, hari ivyo umwana w’umuntu tudashoboye, tubitabagwamwo n’Imana yo mw’ijuru. 2 Ngoma 20: 1–23 , Yewoshafa amaze kwumva inkuru imuca umutima akagira ubwoba, yiyeguriye gusenga n’abantu biwe bose, ashira Imana hejuru, ayibutsa ivyo yakoze ningene yagiye igirira ba sokuruza neza, Nayo ibaha ijambo irabaremesha. Kandi yongera ibaha ama strategie, ibabwira ko intambara atariyabo, ariko ariy’Imana. Ngo bihagararire gusa barabe agakiza ibakirisha, kuko baciye bugufi bakayibwirako bo atankomezi bafise ariko ariyo ifise ububasha bwose ku bami bose babanyamahanga. Imana yo Mw’ijuru yarabatabaye irabereka ububasha n’ubushobozi bwayo, nukuboko kwayo kwinkomezi. Izo ngabo zose zisubiranamwo, nihasigara nuwa kirazira. Harukuboko gukomeye kw’Uhoraho kuzogushikana kure, kukaguha umunezero , amashimwe n’intahe ukamwita irindi zina risha.
Ibibazo bidutera ntibiraba ubushobozi bwacu, uburyo bwacu canke inkomezi , ariko Imana yo irabirekura kugirango yo nyene yerekane ubwizigigwa bwayo ku bantu bayo. Ukwizera kuva kukwumva ijambo ry’Imana. Ugurura umutima wawe wakiriye n´ijambo rya Kristo, nico kigwanishwa. Abaheburayo 4 : 12–13.
Anka kandi wirinde akamenyero kivy’Imana, ikintu iyo ukimenyereye n´ ikivamwo umugisha, ariko umugisha uva mw’ijambo ry’Imana wahaye agaciro. Uhoraho ahagararana n’abantu biwe mu ntambara. Ijambo ry’Imana rifise ubushobozi bwo guhindura imibereho yawe n’ubuzima bwawe uryizeye ukabiha agaciro. Hashobora kuza ijambo ryawe Imana ikurungikiye ariko ntihagire ico rikumarira kuko ritagusanganye umutima w’Imana. Kuko iy’umutima utizeye bicika ivy’ubusa. Reka
tube twubaha presence y’Imana mungoro yayo, duhe agaciro ibiriko birakoreka vyose n’ibiriko biravugwa vyose kandi nawe witege, Imana nayo izobiduheramwo ibiduhesha agaciro natwe.
Ntukaze mungoro y’Imana uhinyura canke uca imanza, umanura canke usuzugura ivyubona canke ijambo wumva, nuguhinyura ivy’Imana, ugakurako Imana icubahiro mu ngoro yayo, bikubera bibi cane.
Kuko muntambara zacu zose dukeneye kurongogwa na Mpwemu Yera. Yewoshafa yubamye imbere y’Imana ayiha icubahiro. Mpwemu Yera amuha uburyo babigenza mu gushira abaririmvyi imbere.
Ubuntu bw’Imana bugendana n’abayubaha. Ugenda ubona ubwizigigwa bwayo muri vyose. Nico gituma idashaka ko twibagigwa kuko kwibagigwa ni yo ntango yo gutsindwa. Mushireko ukwizera kwanyu kuko niweTanguriro n’Iherezo muri vyose. Muhimbaze kandi umutazire kuko yama arumwizigigwa muri vyose.
Amen