Babwire banke kuba ishengero ry,i Kaperinawumu 27.08.2016

Ubutumwa bwo ku wa 27/08/2016

Babwire banke kuba ishengero ry,i Kaperinawumu.

Imana irashaka ko tuyumviriza yo yonyene ntitwumvirize abantu. Nkuko Aburahamu yumvirije Imana yiwe ivyo imubwira vyose akabikora atabanje kubaza abantu no kubagisga inama canke ngwarindire ico bamubwira, ndetse ntiyababwira ic’Imana yavuganye nawe, ahubwo yarakora gusa icivuze. Yanka gu comprometta Imana yiwe kuko yayikunda cane, nawe arayibona mu buryo bukomeye cane. Ariko Yobu yarumviriza abantu, bagenziwe baje kumuraba ndetse bakamuca nintege bigatuma avuga amajambo abasubiza atoyavuze nkuwizera. Kugirango Aburahamu agirigwe ubwo buntu n’Imana.harico yakoze. Imana imaze kumuhamagara, yaravuye muntara yiwabo aja aho Imana imutumye. Bituma ibana nawe ugashikama, ugakomera muri situation zose ntu compromette Imana yawe.

Kaperinawumu nigisagara cabereyemwo ibitangaza vyinshi, ariko abantu bibagigwa ivyo bitangaza vyababonye, iyo migisha Imana yabahaye, haduka imiyaga mumitima yabo itera abantu, bareka Imana nzima, bariyanduza bakurikira ibigirwamana. Igihugu gihinduka umwijima, hakoreka ibibi vyinshi.

Natwe Imana iratugirira neza cane, ibitangaza bidasanzwe bikoreka mururu rushengero rwacu rwa Giligali, ariko hari imiyaga itandukanye iriko itera abantu, iriko iraduca ivutu, ikoresheje abantu n’amajwi atandukanye.

Matayo 4: 12-17

Matayo 11: 20-24

Itanguriro 5 : 3-7

Nkuko Aburahamu yakoze, turakeneye kubanza kuva mumubiri tugasohoka, kugira twumve ijwi ry’Imana, duharure inyenyeri kw’ijuru. Dufate ibitariho nkibiriho. Nico gituma dutegerezwa kubanza ku violla ubwami bwa Satani cane kugirango twuzure ubwiza bw’Imana. Kaperinawumu carigihugu c’urupfu. Nico gituma Imana yatumye Yesu Kristo ngo bave mu gicucu c’urupfu, umuco ubarasire. Ubuzima bwubatswe n’imyitwarariko itandukanye, kandi iyo myitwarariko niyo izogufasha mu gutora priorite, kandi iyo priorite niyo izokwereka aho umutima wawe ubwirizwa kuba. Nitwiyambura ibiduca ivutu, Imana izodutangaza. Icateye Kaperinawumu nuko batewe n’impwemu zitandukanye, ba comprissinga Imana. Ariko reka twi comprissinge twebwe ubwacu. Abantu batewe n’impwemu zitandukanye zateye abantu bazisohore.

Impwemu zateye Kaperinawumu : -Impwemu zukutava muri kamere n’imigenzo yabo

-Impwemu zigipinga. -Impwemu yubuhakanyi.-Impwemu yukutagomba kwitandukanya n’isi. -Impwemu yugutinya. Reka twiyambure ivyo vyose dusange Yesu Kristo mukuri kuko ariwe ashoboye. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s