Mugusenga niho twerezwa kandi tugatabarwa 13.08.2016

Ubutumwa bwo ku wa 13/08/2016

Mugusenga niho twerezwa kandi tugatabarigwa.

Umukristo wese akeneye kugira ubusabane bwiza n’Imana. Mpwemu Yera akabana nawe imisi yose, kugirango tugumane n’Imana muri vyose. 1 Tesalonike 5: 16-25; Yohani 17: 15-16; Matayo 25: 1-13. Igihe tugezemwo n´igihe dukwiye gusenga cane kugirango twitegurire umukwe. Nkuko ijambo ry’Imana ribitubwira, iyo dusenga Imana ituzigamira impwemu yacu n’ubugingo n’umubiri bikazosangwa bitagira umugayo. Kugirango aho azozira aze asange amavuta yacu yaka, ata gasembwa dufise.

Mugusenga n’inkumusoda yama mumyimenyerezo, naho igihe c’urugamba kigera ntakimukanga ahubwo bisanga akomeye kandi yama yiteguye. Kuko umuntu ashobora guca ahakomeye cane, ariko nta kindi kimushoboza atari imbaraga z’amasengesho. Kuko niyo twerezwamwo, twambikigwamwo inkomezi za Mpwemu Yera kandi tugatabarigwamwo kubwo kudacika intege. Umukristo hari igihe akenera gutabagwa ariko araca ahakomeye, ariko kuko ata mavuta y’ubunyamasengesho ufise, ntuzi kwiyiriza ngo wisonzeshe ugire n’utwigoro tumwe tumwe two gucisha bugufi umubiri wawe kugirango Imana itabare, nkuko tubibona mw’ijambo ryayo. Ngurare usenga canke ugire ubwitange mu masengesho. Uraneshwa kuko nta bigwanishwa wambaye. Urakeneye guhura n’abandi ugasenga, kuko hari amasengesho Imana yiyerekaniramwo iyo hafatanije ababiri canke batatu mukuyitakambira ndetse no mukwinginga.

Matayo 18: 18-20 Nico gituma ijambo ry’Imana ridusaba gukoranira hamwe tugasenga kugirango ubushobozi bw’Imana bumanuke. Ivyak. N’Intum. 12: 5-11 Intumwa Petero igihe yari ari mw’ibohero ishengero ryakoraniye hamwe ritakambira Imana rikobeje, ryingingira umusavyi wayo, ica irungika Umumalayika gutabara kuko Herode yagira amwice, ariko uwo Mumalayika w’Imana amusanze mw’ibohero iminyororo imuboshe iradohoka, akurikira Uwo mu Malayila. Ibintu vyose vyananiranye, bishobogwa n’amasengesho, Imana irungika Abamalayika gutabara. Ijuru riruguruka, umucanwa w’Imana ukamanuka, amarembo y’ikuzimu akugagwa, ubwiza bw’imana bukiyerekana. Turabibona vyose mu bihe bitandukanye kubwa ba Ester, ba Meshaki na bagenzi be ndetse n’abandi. Imana ikorana n’ugusenga kwabizera. Hari igihe atamasengesho abaye atagikoreka.

Matayo 9: 37-38 Yesu Kristo yabwiye intumwa ati ivyimbugwa ni vyinshi, ni mwinginge nyene ivyimbugwa arungike abimbuzi.

Ubuzima bw´ubunyamasengesho Imana irabuhezagira, ikabiguhembera, ukabironkeramwo n’imigisha. Kuko mukwingingira abandi nawe ivyawe ntishobora kuvyirengagiza.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s