Ubutumwa bwa 06/08/2016
Kuba mu bushobozi bw’amasengesho
Har’ibanga ry’Imana Imana yagiye iserurira abantu bayo, mur´iryo banga rero harimwo kumenya ic’Imana idushakako, no kumenya ikitwegereza Imana, kikaduhuza na Yo mu Mwana wayo ikunda cane ariwe Yesu Kristu. Cane cane nkiyo tugomba kumenya ubushake bw’Imana, twitegereze Yesu Kristo niwe gicapo cabwo. Yesu Kristo ubuzima yabayeho muriy’isi, bwari burongowe n’amasengesho, ariho yashobozwa mu vyo yakora vyose. Kuko yar’Imana nka Se, ariko mw’isi yari yambaye umubiri watwebwe abantu ushobora kuja mu ntege nke canke ugategwa. Luka 6: 12-19 ; Luka 5: 12-16 ; Matayo 14 : 22-23. Igihe cose Yesu Kristo yirigwa yigisha ngo bwire akaja kwigunga mu bugaragwa gusenga ari wenyene, ata shengero bari kumwe, ata ntumwe az´iwe bari kumwe yaba yazirungitse. Ubushobozi bw’Imana bukamumanukirako, agashobora gushitsa ivyo data yamutumye vyose, agahabwa ububasha bwo gukiza, gukora ibitangaza bitandukanye ndetse no mugutora intumwa ziwe yabatoye yaraye asenga ijoro ryose, Mpwemu Yera amurongora ingene abahitamwo atac’umubiri akoresheje, kuko yashitsa ubugombe bw’Imana.
Mu gusenga niho hava ubushobozi bwo gukiza, ubwiza bw’Imana bukamumanukirako , akuzuzwa inkomezi n’amavuta yo gukora ibitangaza.
Intumwa zarabona ivyakora vyose, baratahura ko muguca bugufi akaja gusenga ariho vyose bikorekera niho nabo muri vyose arico yabigishije, ntiyabigishije gukora ibitangaza canke kuvuga ubutumwa, ariko yabigishije gusenga. Abanyefeso 6: 12 . Nico gituma twese adutumirira gusenga ubudahumeka tukabibera maso, kuko abo tunigana atarabinyama n’amaraso, ariko tunigana n’abafise ububasha n’ubushobozi, n’impwemu ziva muri ca gihande kibi c’ijuru. Rero ubushobozi bwo kubitsinda no kubinesha atari ku mavi nta handi tubikura. Luka 18: 1-8 Yabwiye intumwa guhora basenga ntibarambigwe, kandi bagire ukwizera gushikamye kuko Data wo mw’ijuru azobakorera ico bamusaba.
– Mugusenga umuntu yungugwa ubwenge. Akararorero. : Daniel, Imana yabungura ubwenge mugusenga no mumibereho yabo.
- Akuraho imisozi n’uturimbi Satani ategesha abana b’Imana.
- Amasengesho niyo atuma turindwa, agatuma haba gutabagwa kuva mw’ijuru ku Mana yacu.
- Atuma imigambi ya Satani yose isambuka imbere yacu, no ku buzima bwacu, mu bacu no ku vyacu.
- Ahindura ibintu n´ivyananiranye bigashoboka.
- Adukomereza mu kwizera, tukaharonkera inyishu ata muntu n’umwe yoyiguha canke tukahishurigwa inyishu atakintu na kimwe coziduha.
- Haba gukira indwara canke gutabagwa mu bibazo bitandukanye. Akaducira inzira aho zitari. Ab’i Kolos, 4: 2-6 Nico gituma ijambo ry’Imana ridutumirira Kubera maso gusenga, kandi dushima, tunezerewe kandi imisi yose Tukitandukanya canke tugasiga ibidusamaza canke bidutwara umwanya wo kwegera Imana kugirango Umwami Yesu niyaza azosange twiteguye. Amen. 1Ab’i Tesalonike 5: 16-22.