Kumenya neza Imana usenga. 11.06.2016

Ubutumwa bwo ku wa 11 06 2016

Kumenya neza Imana usenga.

Birakwiriye cane ko tumenya neza Imana dusenga, ingene imeze, izina ryayo, ukwiri n’icidushakako. Imana yacu igihe cose yagenda yibarira abasavyi bayo, kugira bayimenye neza, kandi banayubahe, bongere banayizere muri vyose. Kuvayo 3 : 1-21. Igihe Umumalayika w’Uhuraho yiyerekera Mose mugisaka caka umuriro, kumusozi yararagiyeko intama za sebukwe, yagiye akikama kuraba akatabonetse, abona igisaka c’amahwa caka ariko ntigitemuke. Arikwagenda kuraba, ijwi ry’Imana riva muri wamuriro, riramuhamagara rimubwira ngwakure inkweto mubirenge vyiwe kukwaho yarahagaze arahera. Kuko n’Imana Yera kandi igororotse. Kuko Mose nk’umwana w’umuntu yari yanduye, hamwe nuko yakuriye kwa Farao mu bigigwamana. Mose yabajije Imana ati niyo bambaza Imana yantumye ndababwira gute?? Yaravuze Iti, NDI UWO Ndi We. N’Imana ya autorite kandi idahinduka. Iramubwira iti NDIHO yabantumyeko. Uti UHORAHO Imana yaba sogokuruza, Imana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo. Iramubwira ko yabagendeye ikabona amarushwa barimwo, ikumva amasengesho yabo, ikabona n’agahahazo babatwaza, ikabona n’amarira yabo, none Imana nukanywe no kubarokora. Yarivuzeko ari Imana ibona , yumva kandi ikora. Iramubwirako batumbera kwa Farao, umubwire uti Imana y’Abaheburayo yaratwiyeretse, ariko iraziko atazobarekura kiretse agondojwe n’ukuboko kwayo kwubushobozi. Iti kandi nzotuma ubu bwoko bugirira amahigwe ku Banyegiputa, nimwagenda ntimuzogenda iminwe misa. N’Imana izi ibirimbere yacu ndeze izi n’iherezo ryacu, igakora ibikogwa vy’Urukundo. N’Imana yihishurira abayo ikabacira inzira mubibazo barimwo vyokubivamwo, ikora ibitangaza. N’Imana ihezagira, ubuntu no kugirigwa neza kwose biva mukuboko kwayo. N’Imana idakangwa n’umuntu n’1 canke n’ikintu na 1. Niyo ifise ububasha bwo gutungisha canke gukenesha, ifise ububasha bwo kugwiza canke kugabanya. Itang. 14: 22-23 ; Itangur. 15: 1 ; Itang. 17: 1-4 Umusavyi wayo Aburahamu yaturiyeUhoraho Imana Nyene Ijuru n’Isi, ariyo Mana Isumba vyose kwatakintu nakimwe c’umwami w’i Sodomu ashobora gutwara muvyo yariko aramuha kw’ingabire. Ati utazovugako ariwewe wantungishije. Kuko yarazi neza Imana asenga kwariyo itungisha. Amaze kubihakana nayo iraza iramwiyereka, imuha ayandi masezerano akomeye cane y’Imigisha. Haraho dukizwa canke tukicwa nivyo twatuye. Nkuko Aburahamu yaturiye Imana Isumba Vyose kwariyo itungisha, kandi nayo iraheza imuha imigisha. Imubera inkinzo nkuko yamusezeraniye, kandi ariyo idushitsako amasezerano. Ikaba Imana y’Imbabazi nyinshi, ishaka ko twese tugendera imbere yayo tuyubashe. Ezekiyeli 33: 11-16 Irivugako idashaka ko umunyavyaha apfa, kandi ko n’abagororotsi bokomeza mu bugororotsi ntibasubire inyuma. N’Imana ishavura kandi ifise ububasha bwo guhana. Yerem. 16: 5. Nico gituma itubwira ngo tugiriranire amahoro n’abantu bose, kandi twezwe, kuko utejejwe atazobona Imana. Kumenya neza Imana dusenga bituma tuyubaha kandi tukayitinya, tukagendera mu vyagezwe vyayo. Niho ibana natwe kandi ikadushitsako amasezerano, kuko Mpwemu wayo abana natwe. Niyo Mana ifise ububasha bwose, kandi ahantu hose no muri vyose. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s