Kumenya gutandukanya ijwi ry’Imana nirya Satani. Yobu 33: 14 18.06.2016

Ubutumwa bwo ku wa 18 06 16

Kumenya gutandukanya ijwi ry’Imana nirya Satani. Yobu 33: 14

Iyo dufise Imana ariwe Yesu Kristo muri twebwe dukuraho ubwoba. Kuko ubwoba bugereranywa n’umwijima uri m’umuntu. Biva kwa Satani. Yesu Kristo nawe yatuzaniye umuco, ariwe nkomoko y’umuco, ariko kwizera ijambo ry’Imana. Bituma ubwoba buhunga kuko wizeye Imana. Iyo icumba kitarimwo amatara mu mwijima, ntihabona, ariko wakije itara haca habona umwijima ugahunga. Nico gituma tumaze kugira ijambo ry’Imana muri twebwe, umuco urakira mu mutima wacu, umwijima ugahunga.

Nkuko ubwoba buzanwa na information umuntu aronse, mukwumva canke muvyo tubona ndetse no muvyo ducamwo canke tubamwo, kuko biravuga. Igatuma umuntu atinya ndetse bikavamwo no gukora icaha. Akar. Indwara badutora kwa muganga, nivyo bakubwira, ubukene umuntu acamwo, inkuru twumva n’ibindi…… . Itanguriro 3: 1-9 Kuko Eva yemeye kwumviriza ivyinzoka imubarira, kandi ikoresha ubugunge n’ububeshi, ndetse nawe akaja no kuyisigurira neza ic’Imana yabihanije. Ayo majambo y’inzoka yumvirije arema impwemu y’ubugarariji muriwe, n’impwemu yo kwishira hejuru ngo baringanire n’Imana. Bamaze gukora icaha haciye havuka ubwoba baja kwihisha Imana. Rero mukwirukana ubwobantakindi kibutsinda atarukwumvira ijwi ry’Imana ariryo jambo ryayo twizera. Romain 10: 16-17 ; 1Korin. 2: 5 & 14. Imana ivuga muburyo bwinshi cane, mu ndoto, ivugira ku mutima w’umuntu, ica mubantu , ivuga mu buryo bwinshi ndetse no mw’ijambo ryayo ari naryo twizera rikadukomeza, mukwizera ico yatubwiye, tukagihagararako tunezerewe umunezero w’Ijambo ry’Imana yadusezeraniye, inyishu n’ibitangaza bikarikurikira. Ntitwizera ijwi ry’abantu canke information yose yivyo twumva nivyo tubona. Ariko twizera ijwi ry’Imana yo mw’ijuru kuko ishoboye vyose. Inkuru yose umuntu yumva yaba nzinza canke mbi irema ikintu mu mutima w’umuntu. Nico gituma dukwiye kuba maso, kunkuru zidutera ubwoba zigasohora ijambo ry’Imana muri twebwe kuko zidukoresha icaha tukinjiza ubwoba muri twe.   Matayo 16 : 16-17 &21- 23 Yesu abajije intumwa uko bamwita, nazo nyene akazibaza ingene bamwibaza, Petero yishuye Yesu Kristo ati uri Kristo umwana w’Imana nzima. Yaramwishuye ati s’uwinyama n’amaraso abiguhishuriye, ariko ni Data wo mw’ijuru abiguhishuriye. Yesu Kristo abwiye intumwa yukwagiye kubabazwa uburyo bwinshi. Petero aramwihereranya, aramubwira ati herera inyuma yanje, Satani , urikintsitaza. Mwene Data ukwiye kugira ubwenge buva ku Mana kugirango ushobore kumenya vy’ukuri ic’Imana yakuvuzeko mw’ijambo ryayo. Kugirango ntuze wemere ijwi rya Satani rizana ubwoba no kuva mumasezerano y’Imana ukikwegera umwijima, no gutinya, ugatsindwa n’urubanza. Ntushikire umugisha wawe. Ariko wumviye ijwi ry’Imana ukaryizera ukarihagararako Ivy’Imana yavuze vyose uzobibona. Gusub. Vyag 31: 6-9 ; Yosuwa 1: 9 Umusavyi w Imana Yosuwa uko Mose yamugeze n’uko Uhoraho yamubwiye ati ntutinye , ariryo jambo ibwira abayo igihe cose. Yosuwa yarigumyeko bimubera ukw’Ijambo ryavuze. Imana idusaba kurongogwa na Mpwemu Yera n’ijambo ryo mu mitima yacu. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s