Ubutumwa bwo ku wa 21 05 16
Kugira Mpwemu Yera mu bugingo bwawe.
Iyo dufise Mpwemu Yera mu bugingo bwacu tugira amaso , amatwi, umutima bitariv’umubiri ariko hamwe naho dufise ivy’umubiri, tugira nivyo muri Mpwemu. Tubona, twumva kandi dutahura ivy’abumubiri badashobora kubona no gutahurandetse no kwumva. Ugira ivyiyumviro bivuye ku Mana, ukarongogwa na Mpwemu Yera muvy’ukura vyose ndetse nomuvy’uvuga. Ivyak. n’Intum. 21: 10-14 ; Ivyak. n’Intum. 20 : 24-25 ; Ivyak n’Intum 23: 11
Intumwa Paul yatoranijwe n’Umwami wacu Yesu Kristo ngwa mukorere akwize ubutumwa bwiza. Ariko Intumwa Paul yari yuzuye ubushobozi bw’Imana umutima wiwe w’iyumvira nkuwa Kristo Yesu. Ntiyaraba umubiri wiwe canke ngwarabe amagara yiwe. Ahubwo intubero yiwe kwarugukwiza hose ubutumwa bw’ubwami bw’Imana. Mpwemu w’Imana adushoboza kurangura igikogwa Imana yaduhamagariye, akaduha ubushobozi bwo kubishikako. Naho kubw’umubiri bitaba vyoroshe, Mpwemu Yera agukuramwo ubwoba akakwuzuza inkomezi zo gushikama muguca mubikomeye ugenda uhura navyo. Hamwe nuko Yari yuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Yera, mugushishikara kwiwe gukorera Imana, muminyororo no mubimoko vyinshi, Yesu Kristo yaramuvugisha akamubwira nahandi akeneye kuja. Naho abavugishwa n’Imana bamubwira ibirimbere we ntiyatinya na gato. Kuko uri muriwe ariwe nkomezi zabizeye. Nico gituma mwene Data, ahuriko uraca hose, senga Imana wuzuzwe ubushobozi bwa Mpwemu Yera, naho woronka abaguhanura baguca intege kuvyo babonesha amaso y’umubiri canke kuvyo bumva n’amatwi yabo, ndetse bashobora no kuvugishwa vy’ukuri nkuko vyabaye kuri Paul, senga nawe Imana yawe umenye ico Mpwemu Yera avugana nawe. Ariko na canecane hari impwemu yubwoba ikunda gucintege abantu, ntuyumvire ariko shishikara ibikogwa vyiza watanguye. Canke komera mukurindira amasezerano yawe kuko Mpwemu Yera yatanzwe ngwadukomeze mukwizera kandi dushikame naho twoca mubitoroshe na gato. Ivyakozwe n’intum. 10: 1-2 & 44-45 Koruneliyo y’ubaha Imana akayikorera kandi akayitinyana nabo munzu yiwe booose. Ariko ntibari bwamenye Yesu Kristo ngo babwigwe ivyiwe ndetse bahabwe na Mpwemu Yera naho basenga Imana. Niho ariko arasenga yahawe ubutumwa bwogutumako intumwa Petero ngwaze kubabwira ivya Yesu Kristo bahabwe na Mpwemu Yera. Petero akiriko arababwira ijambo ry’Umwami wacu Yesu Kristo, bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga muzindi ndimi, Koruneliyo n’umuryango wiwe, nincuti ziwe n’abagenzi biwe bose yari yatumiye. Abajanye na Petero bo mubakebwe baratangara cane kuko n’abanyamahanga na bo bahawe Mpwemu Yera. Imana yo mw’ijuru iradukunda cane, ntishaka ko tigendera mukutamenya ivyo idushakako. Nicogituma yaduhaye Mpwemu wayo ngwatumenyeshe ivy’ijuru, arivyo vy’ubwami bw’Imana. Kuko ivyo Mpwemu w’Imana yama bitandukanye cane nivy’ubwenge bw’umubiri. Ntukora canke ngukurikize ivyubonesha amaso y’umubiri, kuko Mpwemu Yera akurongora mubitabonwa n’amaso y’umubiri. Ntukurikiza ivyo wumva abandi bakora canke bavuga kuko Mpwemu Yera akubwira ic’iyumviro c,Imana. Mpwemu Yera hamwe nuko atwemeza icaha, aradukomeza ngo muvyo ducamwo ntitwihebe, canke ngo tudadaze imitima mukutumvira Imana, ariko niwe aturongora mu kuri. Ngodushitse ic’Imana igomba. Turongogwa na Mpwemu Yera tugira ivyiyumviro nkivya Yesu Kristo. Amen
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories