Kugira Mpwemu Yera mu bugingo bwawe. 21.05.2016

Ubutumwa bwo ku wa 21 05 16
Kugira Mpwemu Yera mu bugingo bwawe.
Iyo dufise Mpwemu Yera mu bugingo bwacu tugira amaso , amatwi, umutima bitariv’umubiri ariko hamwe naho dufise ivy’umubiri, tugira nivyo muri Mpwemu. Tubona, twumva kandi dutahura ivy’abumubiri badashobora kubona no gutahurandetse no kwumva. Ugira ivyiyumviro bivuye ku Mana, ukarongogwa na Mpwemu Yera muvy’ukura vyose ndetse nomuvy’uvuga. Ivyak. n’Intum. 21: 10-14 ; Ivyak. n’Intum. 20 : 24-25 ; Ivyak n’Intum 23: 11
Intumwa Paul yatoranijwe n’Umwami wacu Yesu Kristo ngwa mukorere akwize ubutumwa bwiza. Ariko Intumwa Paul yari yuzuye ubushobozi bw’Imana umutima wiwe w’iyumvira nkuwa Kristo Yesu. Ntiyaraba umubiri wiwe canke ngwarabe amagara yiwe. Ahubwo intubero yiwe kwarugukwiza hose ubutumwa bw’ubwami bw’Imana. Mpwemu w’Imana adushoboza kurangura igikogwa Imana yaduhamagariye, akaduha ubushobozi bwo kubishikako. Naho kubw’umubiri bitaba vyoroshe, Mpwemu Yera agukuramwo ubwoba akakwuzuza inkomezi zo gushikama muguca mubikomeye ugenda uhura navyo. Hamwe nuko Yari yuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Yera, mugushishikara kwiwe gukorera Imana, muminyororo no mubimoko vyinshi, Yesu Kristo yaramuvugisha akamubwira nahandi akeneye kuja. Naho abavugishwa n’Imana bamubwira ibirimbere we ntiyatinya na gato. Kuko uri muriwe ariwe nkomezi zabizeye. Nico gituma mwene Data, ahuriko uraca hose, senga Imana wuzuzwe ubushobozi bwa Mpwemu Yera, naho woronka abaguhanura baguca intege kuvyo babonesha amaso y’umubiri canke kuvyo bumva n’amatwi yabo, ndetse bashobora no kuvugishwa vy’ukuri nkuko vyabaye kuri Paul, senga nawe Imana yawe umenye ico Mpwemu Yera avugana nawe. Ariko na canecane hari impwemu yubwoba ikunda gucintege abantu, ntuyumvire ariko shishikara ibikogwa vyiza watanguye. Canke komera mukurindira amasezerano yawe kuko Mpwemu Yera yatanzwe ngwadukomeze mukwizera kandi dushikame naho twoca mubitoroshe na gato. Ivyakozwe n’intum. 10: 1-2 & 44-45 Koruneliyo y’ubaha Imana akayikorera kandi akayitinyana nabo munzu yiwe booose. Ariko ntibari bwamenye Yesu Kristo ngo babwigwe ivyiwe ndetse bahabwe na Mpwemu Yera naho basenga Imana. Niho ariko arasenga yahawe ubutumwa bwogutumako intumwa Petero ngwaze kubabwira ivya Yesu Kristo bahabwe na Mpwemu Yera. Petero akiriko arababwira ijambo ry’Umwami wacu Yesu Kristo, bose buzuzwa Mpwemu Yera, batangura kuvuga muzindi ndimi, Koruneliyo n’umuryango wiwe, nincuti ziwe n’abagenzi biwe bose yari yatumiye. Abajanye na Petero bo mubakebwe baratangara cane kuko n’abanyamahanga na bo bahawe Mpwemu Yera. Imana yo mw’ijuru iradukunda cane, ntishaka ko tigendera mukutamenya ivyo idushakako. Nicogituma yaduhaye Mpwemu wayo ngwatumenyeshe ivy’ijuru, arivyo vy’ubwami bw’Imana. Kuko ivyo Mpwemu w’Imana yama bitandukanye cane nivy’ubwenge bw’umubiri. Ntukora canke ngukurikize ivyubonesha amaso y’umubiri, kuko Mpwemu Yera akurongora mubitabonwa n’amaso y’umubiri. Ntukurikiza ivyo wumva abandi bakora canke bavuga kuko Mpwemu Yera akubwira ic’iyumviro c,Imana. Mpwemu Yera hamwe nuko atwemeza icaha, aradukomeza ngo muvyo ducamwo ntitwihebe, canke ngo tudadaze imitima mukutumvira Imana, ariko niwe aturongora mu kuri. Ngodushitse ic’Imana igomba. Turongogwa na Mpwemu Yera tugira ivyiyumviro nkivya Yesu Kristo. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s