Ubutumwa bwo ku musi wa Pentecote. Le 14/05/2016
Igikogwa ca Mpwemu Yera no kuza kwa Mpwemu Yera.
Imbere yuko Yesu Kristo yurizwa mw’ijuru, yarabwiye abigishwa biwe ngo barorere isezerano rya Data wa Twese ariryo : Mpwemu Yera. Kuko niwe yabaha ubushobozi bwo gushingira intahe ivyo babonye nivyo bumvise ku Mwami wacu Yesu Kristo, na Data wa twese. Ivyak. n’Intumwa 1: 3–9. Kuko Mpwemu Yera n’isezerano Imana yahaye abizera kugirango bagende bakwiza ubutumwa bwiza. Yohana 16: 7–15 Intumwa zabanye na Yesu Kristo, azigisha vyinshi, akora ibitangaza n’ibimenyetso mu maso yabo bikomeye. Ndetse aranababwira ko azopfa ariko azogaruka, ntibavyumva ndetse ntibanabitahura kujo ata Mpwemu Yera yari bwatangwe, intumwa zose mumisi 3 yamaze mukuzimu, bose barigiriye bisubirira muvyabo, ahandi bakiyugarana bafise ubwoba bwinshi, kugirango abishe Kristo nabo ntibabice. Ntibibuka canke ngo batahure ivyo yababwiye kugirango bibakomeze. Kuban ana Yesu Kristo no kwigishwa vyinshi nok ubona ibitangaza vyinshi ntaco vyabamariye, icagize ico kibamarira n’ukuza kwa Mpwemu Yera Yesu Kristo yabarungikiye. Niwe yabatahuje ibanga ry’umusalaba. Bashobora guhagarara bashingira intahe Umwami wacu Yesu Kristo n’urupfu rwiwe bihagaze kw’ijambo ry’Imana badatinya. Ukwo kuza kwa Mpwemu Yera vyabahaye gushira amanga, bavuga ijambo ry’Imana n’ubushobozi bwaryo badatinya imbere y’abanyekombe canke imbere y’ababacira imanza. Bivugako atari umuntu adufasha ariko ni Mpwemu Yera adufasha. Birakenewe k’umu Kristo wese yuzuzwa Mpwemu Yera, kandi tukama turi connecte kuri We igihe cose. Kuko aho Mpwemu yuzuye hari n’ibindi bikwuzura ubushobozi bw’Imana n’ibanga ryayo. Ushobora kumenya vyinshi canke ukabona vyinshi, ariko ntihagire ico bikumarira na gito. Akarorero: Petero yagendana na Yesu Kristo, ahishurigwa vyinshi kuri we, abona vyinshi, ariko Kristo amaze gupfa yisubiriye kuroba. Nkuko ndetse yanamwihakanye imbere igihe yariko arababazwa. Yohana 14 : 15-24 ; Matayo 16: 18-19 Ikigutandukanya n’uwuri nuko wuzura Mpwemu Yera. Yesu Kristo yabujije intumwa kugenda batarahabwa Mpwemu Yera, kuko bari kuja kwigwanirira. Kugira ntihakore imibiri mukuvuga ubutumwa,( za emotion na satiment) kuko ivyo bihinduka nk’igicu. Ariko ikintu gifise Mpwemu Yera kigira gushikama. Niyo itajana n’ibihe canke nivyo tubona, nivyo ducamwo. Vyose Yerekana ubushobozi bw’Imana ikadukomeza ntidutinye na gato. Nivyiza rero kugiranira ubucuti n’Imana buhagaze kugukurikiza ico ijambo ry’Imana ridusaba cose no kugendera my Vyagezwe nkuko Imana yabishinze, kugira ngo duhagarare dushikamye. Mpwemu Yera abane natwe. Kuko urimwo Mpwemu Yera yota uwundi muriro utandukanye nivyo tubona canke nivyo twumva, nturongogwa na za politique. Mbega woba wuzuye Mpwemu Yera? Kuko niwe bushobozi budushoboza gushishikara ic’Imana idusaba malgre les circonstances et les situations. Turamukezeye kuko niwe aduhishurira amabanga ya Data, akadutahuza ijambo ry’Imana, akatwemeza ivyaha, kandi We ntaja muntegenke na gato, canke muri confusion. Mpwemu Yera ni garanti yo kugira kuroranigwa mu rugendo rukristo no mubuzima rukristo. Amen Amen.