Ubuntu bw’Imana ni bwo budukiza gusa. 16.04.2016

Ubutumwa bwo ku wa 16/04/2016

Ubuntu bw’Imana ni bwo budukiza gusa.

Kuko twari twaratandukanijwe n’Imana m’umitima yacu kubww’ivyaha vyacu, tugacika abansi b’Imana m’umitima yacu kubw’ibibi twakora. Ubuntu nibwo bwadukijije gusa, kubw’urupfu rwa Yesu Kristo yitanze ku Mana kubwacu, kuko twamwizeye.           Abanyefeso 2: 1-10. Imana yo mw’ijuru yadutabaye ivyo twagenderamwo kera. Tugenda nkuko ivy’iyi si bigenda. Dukora ivy’imibiri n’imitima yacu bigomba. Twari dupfuye twishwe n’ibicumuro nivyaha vyinshi. Ariko Imana kuko arumutunzi w’imbabazi, urukundo rwayo rwinshi ruratubohora, itugirana bazima na Kristo. Muvyo Yesu Kristo yagiye yihesherezamwo icubahiro vyose, no mubitunezereza vyose yakoze, harimwo nukubona aho agejeje guhindura ubuzima bwacu. Ninaco gituma abatahuye iryo banga ryari ryarahishijwe ariryo Yesu Kristu, dukwiye kugenda nkuko bikwiriye ab’Umwami wacu Yesu Kristo. Kuko turabana bu Mwami. Tukagenda tumunzereza muri vyose. Ab’iKolosayi 1: 9-23 Nico gituma umuntu akijijwe adategerezwa kuguma arumwe wa kera, kuko ubuzima buboshe Imana ntabwiyerekaniramwo. Kuko twahora mu bwamu bw’umwijima twimurigwa mu bwami bw’umuco, aribwo bw’umwana w’Imana, turubwoko bw’Imana. Twabohowe n’urupfu rwa Yesu Kristo. Ntabubasha bwacu canke ivyacu twatanze. Ni m’urukundo rw’Imana gusa twagiririwe ubwo buntu, ata kiguzi twatanze. Abaroma 6: 15-23 Nico gituma twacunguwe ngo ntituganzwe n’icaha kizana urupfu, ahubwo tujakarira ukugororoka, kuzana ubugingo budashira, kubw’urupfu rwa Yesu Kristo Umwami wacu. Ubu ntacaha kikituganza, dufise imbuto zizana ukwezwa, amaherezo yacu n’ubugingo buhoraho. Ninaco gituma dutegerezwa kubera maso igikogwa Imana igomba gukora muri twebwe, cokuguma ibohora ubuzima bwacu. Kuko niyo ibikora. Yeremiya 32: 39-41 , Yesaya 54:13 Tukareka Mpwemu Yera yaduhaye akaguma atwigisha, adutahuza, akaturongora mu bikwiriye bishimwa n’Imana, akatumurikira ndetse akadushitsa no ku masezerano twahawe n’Imana yacu. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s