Ubutumwa bwo ku wa 30/04/2016
Kuba mubuzima burondera Imana
Iyo urondera Imana n’umutima wawe wose, Mpwemu araza akakurongora. Imana ibana nawe kandi ikagendana nawe muvyukora vyose. Nico gituma umuntu abanza gukuraho ivyo vyose bitajanye n’ubugombe bw’Imana, n’ijambo ryayo. Ugakora ivyo Uhoraho abanako ari vyiza. 2Nongoma 14: 2-12; 2Ngoma 15: 1-4 Asa yarondeye Imana n’umutima wiwe wose, abanza gukuraho ibicaniro vybakiwe ibigigwamana vyo kumpinga z’imisozi vyose. Yagenda akora ivyo Uhoraho Imana yiwe ibona kwari vyiza kandi bibereye. Ategeka n’abantu bose ko barondera Imana n’imitima yabo yose. Kandi barayirondeye barayibona, nayo ibana nabo, Irabatabara. Kurondera Imana n’ukugendana n’Imana sibitahuzwa n’umubiri ariko ni Mpwemu w’Imana abiturongoramwo, akabidutahuza kandi akanadushoboza. Iyo urondera Imana vy’ukuri, nivyo biduza ukwizera kwacu kugakomera. Kuko muriy’isi, tubaho ubuzima 2, mumahoro no mungorane bivuga: mumunezero canke mumubabaro. Ushobora kubicamwo neza kuko urikumwe n’Imana, bitabaye uko uratsindwa. Nico gituma twebwe abizera tubaho mubushobozi bw’Imana na Mpwemu Yera. Abaroma 12: 1-2 Nico gituma itubwira ngo dutange imibiri yacu ibe ibimazi bizima vyera, niho kuyikorera kwacu guhimbara Imana. Asa mugukuraho ibigigwamana, yatanze umubiri wiwe, kuko yarihevye, benevyo barino kumwica. Luka 21: 37-38 N’Umwami wacu Yesu Kristo yaja kumusozi gusenga, igihe cose bugorovye yiriwe arigisha kumurango. Agatanga umubiri wiwe mukuja kumusozi gusenga, nawe akarondera kwongezwamwo inkomezi na Data wa twese, Mpwemu w’Imana akamubako asubiye kuvuga ubutumwa no gukora ibitangaza. Yatubereye icitegererezo co kurondera Imana no gutanga imibiri yacu muburyo butandukanye. Bigutuma ushikama , Mpwemu Yera akaguha guhagararana n’Imana yawe mu bihe bikomeye. Ingorane sizo ngorane, ahubwo ukuvyakira nuko ubiha igiciro nivyo bikomeye. Kuko Satani akoresha intege nke zacu. Akaduteza kwigwanirira, kuvuganabi, gukora nabi kuko nico abereyeho. Iyo ugiye muntegenke ugakora ivyaha, Mpwemu Yera aragabanuka muri wewe. Ubu ibigigwamana bigendera mumitima y’abantu. Satani yahinduye uburyo akora, akareka abantu bakaza mu mashengero y’Imana, bakakira agakiza, murushengero bagasenga, ariko basohotse bagakora nkivyo abapagani bakora canke ndetse nibibiruta: Ukuboregwa, ubusambanyi, urwanko, ishari, inzigo, kuvuga abandi nabi n’ibindi…. Nico gituma ijambo ry’Imana ridusaba gukuraho ivyo vyose, kuko Umwami Yesu niyo yaza gutora ishengero, ugifise izo mpwemu muri we, atarabohoka vy’ukuri ntaho azoja. Kuko agifise ibigigwamana mumutima wiwe. Umugwanizi we arazi abazoja mw’ijuru uko bazoba bameze, nico gituma aboshe abantu ngo ntibakizwe vy’ukuri. 1 Samuel 24: 4-20 Iyo wemereye Satani aragukoresha, ndetse akagutwara n’ubwenge. Ugasigara utakigira control kuvyukora. Umwami Sauli yahiga Dawidi kuko abantu bamubeshe ngo agomba kumwica ariko Dawidi kuko yagendana n’Imana, akayubaha, icakora cose yasiguza Imana kandi akagira no kwirinda cane mumutima wiwe. Akagira ijambo ry’Imana muriwe ahagararako, vyatumye aronka kenshi uburyo bwo kwica Sauli ariko ico caha ntaco yakoze. Kuko yarazi kwatigwanirira kandi ko guhora arukw’Imana. Nico gituma Imana itubwira kuyegera cane mu masengesho kuko niho twambikigwa inkomezi, tukagira kwirinda mu mitima yacu aho turi hose. Tukama dufise kwihangana muri vyose kandi tugashikama mukwizera Imana. Tukagira gutinya Imana mubuzima bwacu kandi tukaba positif muvyo duhura navyo, tugakomera mukwizera no kuyirondera. Kuko Ivuga ngo uzondondera ubudahumeka azombona. Amen
-
Recent Posts
Archives
- November 2021
- October 2021
- September 2021
- August 2021
- April 2021
- March 2021
- February 2021
- January 2021
- December 2020
- November 2020
- October 2020
- September 2020
- August 2020
- July 2020
- June 2020
- May 2020
- April 2020
- March 2020
- February 2020
- January 2020
- December 2019
- November 2019
- October 2019
- September 2019
- August 2019
- July 2019
- June 2019
- May 2019
- April 2019
- March 2019
- February 2019
- January 2019
- December 2018
- November 2018
- October 2018
- September 2018
- August 2018
- July 2018
- June 2018
- May 2018
- April 2018
- March 2018
- February 2018
- January 2018
- December 2017
- November 2017
- October 2017
- September 2017
- August 2017
- July 2017
- June 2017
- April 2017
- March 2017
- February 2017
- January 2017
- December 2016
- November 2016
- October 2016
- September 2016
- August 2016
- July 2016
- June 2016
- May 2016
- April 2016
- March 2016
- February 2016
- January 2016
- December 2015
- November 2015
- October 2015
- September 2015
- August 2015
- July 2015
- June 2015
- May 2015
- April 2015
- March 2015
- February 2015
- January 2015
- December 2014
- November 2014
- October 2014
- September 2014
- August 2014
- July 2014
- June 2014
- May 2014
- April 2014
- March 2014
- February 2014
- January 2014
- December 2013
- November 2013
- October 2013
- September 2013
- August 2013
- July 2013
- June 2013
- May 2013
- April 2013
- March 2013
- February 2013
- January 2013
Categories