Kuba mubuzima burondera Imana 30.04.2016

Ubutumwa bwo ku wa 30/04/2016
Kuba mubuzima burondera Imana
Iyo urondera Imana n’umutima wawe wose, Mpwemu araza akakurongora. Imana ibana nawe kandi ikagendana nawe muvyukora vyose. Nico gituma umuntu abanza gukuraho ivyo vyose bitajanye n’ubugombe bw’Imana, n’ijambo ryayo. Ugakora ivyo Uhoraho abanako ari vyiza. 2Nongoma 14: 2-12; 2Ngoma 15: 1-4 Asa yarondeye Imana n’umutima wiwe wose, abanza gukuraho ibicaniro vybakiwe  ibigigwamana vyo kumpinga z’imisozi vyose. Yagenda akora ivyo Uhoraho Imana yiwe  ibona kwari vyiza kandi bibereye. Ategeka n’abantu bose ko barondera Imana n’imitima yabo yose. Kandi barayirondeye barayibona, nayo ibana nabo, Irabatabara. Kurondera Imana n’ukugendana n’Imana sibitahuzwa n’umubiri ariko ni Mpwemu w’Imana abiturongoramwo, akabidutahuza kandi akanadushoboza. Iyo urondera Imana vy’ukuri, nivyo biduza ukwizera kwacu kugakomera. Kuko muriy’isi, tubaho ubuzima 2, mumahoro no mungorane bivuga: mumunezero canke mumubabaro. Ushobora kubicamwo neza kuko urikumwe n’Imana, bitabaye uko uratsindwa. Nico gituma twebwe abizera tubaho mubushobozi bw’Imana na Mpwemu Yera. Abaroma 12: 1-2 Nico gituma itubwira ngo dutange imibiri yacu ibe ibimazi bizima vyera, niho kuyikorera kwacu guhimbara Imana. Asa mugukuraho ibigigwamana, yatanze umubiri wiwe, kuko yarihevye, benevyo barino kumwica. Luka 21: 37-38 N’Umwami wacu Yesu Kristo yaja kumusozi gusenga, igihe cose bugorovye yiriwe arigisha kumurango. Agatanga umubiri wiwe mukuja kumusozi gusenga, nawe akarondera kwongezwamwo inkomezi na Data wa twese, Mpwemu w’Imana akamubako asubiye kuvuga ubutumwa no gukora ibitangaza. Yatubereye icitegererezo co kurondera Imana no gutanga imibiri yacu muburyo butandukanye. Bigutuma ushikama , Mpwemu Yera akaguha guhagararana n’Imana yawe mu bihe bikomeye. Ingorane sizo ngorane, ahubwo ukuvyakira nuko ubiha igiciro nivyo bikomeye. Kuko Satani akoresha intege nke zacu. Akaduteza kwigwanirira, kuvuganabi, gukora nabi kuko nico abereyeho. Iyo ugiye muntegenke ugakora ivyaha, Mpwemu Yera aragabanuka muri wewe. Ubu ibigigwamana bigendera mumitima y’abantu. Satani yahinduye uburyo akora, akareka abantu bakaza mu mashengero y’Imana, bakakira agakiza, murushengero bagasenga, ariko basohotse bagakora nkivyo abapagani bakora canke ndetse nibibiruta: Ukuboregwa, ubusambanyi, urwanko, ishari, inzigo, kuvuga abandi nabi n’ibindi…. Nico gituma ijambo ry’Imana ridusaba gukuraho ivyo vyose, kuko Umwami Yesu niyo yaza gutora ishengero, ugifise izo mpwemu muri we, atarabohoka vy’ukuri ntaho azoja. Kuko agifise ibigigwamana mumutima wiwe.  Umugwanizi we arazi abazoja mw’ijuru uko bazoba bameze, nico gituma aboshe abantu ngo ntibakizwe vy’ukuri.                  1 Samuel 24: 4-20 Iyo wemereye Satani aragukoresha, ndetse akagutwara n’ubwenge. Ugasigara utakigira control  kuvyukora. Umwami Sauli yahiga Dawidi kuko abantu bamubeshe ngo agomba kumwica ariko Dawidi kuko yagendana n’Imana, akayubaha, icakora cose yasiguza Imana kandi akagira no kwirinda cane mumutima wiwe. Akagira ijambo ry’Imana muriwe ahagararako, vyatumye aronka kenshi uburyo bwo kwica Sauli ariko ico caha ntaco yakoze. Kuko yarazi kwatigwanirira kandi ko guhora arukw’Imana. Nico gituma Imana itubwira kuyegera cane mu masengesho kuko niho twambikigwa inkomezi, tukagira kwirinda mu mitima yacu aho turi hose. Tukama dufise kwihangana muri vyose kandi tugashikama mukwizera Imana. Tukagira gutinya Imana mubuzima bwacu kandi tukaba positif muvyo duhura navyo, tugakomera mukwizera no kuyirondera. Kuko Ivuga ngo uzondondera ubudahumeka azombona. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s