Guhinduka mu vyiyumviro, ukizera Yesu Kristo wenyene 23.04.2016

Ubutumwa bwo ku wa 23/04/2016

Guhinduka mu vyiyumviro, ukizera Yesu Kristo wenyene.

Iyo twumvise ijambo ry’Imana, tulabitahura, kandi tukaryizera, bica bitubera ubuzima, tukaba inzu ifise equipement zose, kandi tukaba n’abasirikare bari bien armee. Tukagenda dufise ibigwanishwa vyo muri Kristo Yesu vyo muburyo bwose. Iryo jambo rya Yesu Kristo iyo turyizeye ntidushira umutima kubibazo, kungorane dufise canke kubintu bitandukanye duhura navyo mu buzima, ahubwo turabimuhereza, tukabaho muri mahoro twizeye Umwami yanesheje. Matayo 11: 25-30 Dukuramwo ivy’ubwenge bwacu, ubumenye bwacu n’ubukerebutsi bwacu twiyemeramwo, tugakuraho ubwoba no gutinya, tukamureka akaba ariwe akora muri twebwe. Kuko twaramwakiriye kandi ububasha bwiwe yabuhaye abamwizeye bose. Kuko niwe yahawe ububasha bwose mw’ijuru mw’isi ndetse n’ikuzimu. Matayo 28: 16-20 Niwe mutwe natwe turingingo ziwe. Kandi aba muri twebwe. Niwe twigirako tukikoreza ingata yiwe yo guca bugufi, tukagira ubugwaneza no kwubaha Imana. Tukayimenya tuyizeye kugirango nayo itwiyereke mukudutabara. Aduha amahoro mungorane, akatubera inyishu yibibazo duhura navyo. Akadukiza indwara zose. Imbere yivyo vyose turabanza tukareka Yesu Kristo akabanza akatubohora ivyo twagendeyemwo nivyo twakoze vyose bitari vyiza ndetse nivyiyumviro vyose bibi bitubamwo bijanye nibihe canke nukutamenya ukuri vyatubamwo vyose akabidukuramwo. Agaheza akatwuzuza ukuri arikwo kunaduha ububasha bwa Mpwemu Yera budukoreramwo. Kubwijambo ry’Imana turahinduka tukaba mu kuri, Yesu Kristo nawe akabana natwe akaba ariwe atugwanirira intambara zose ducamwo. Akarorero: Shadulake, Meshaki na Abudinego ntibatinye kandi ntibakutsemwo imitima babona itanure ririko riracanwa kubwabo kuko bari bahagaze mukuri bizeye Imana yabo. Nayo Ubushobozi bwayo bubiyerekera muruwo muriro. Ariyo yanabakomeje imitima ngo ntibayihemukire. Ivyiyumviro vyabo vyari vyarahindutse bishinze kuri Yesu Kristo wenyene. Abanyefeso 1: 17-23 , Nugufurunga itunga rikomeye Imana yasize muri twebwe abizera, ringana n’ubushobozi bwazuye Yesu Kristo mu bapfuye. Nkuko vyose biri munsi y’ibirenge vyiwe, niko natwe vyose biri munsi yibirenge vyacu. Kuko yamaze kubirangiza. Zaburi 91: 1-10 , 1 Samuel 22: 23 Turi muri Yesu Kristo vyukuri, tukaba mu bwigobeko bw’Isumba vyose, nta kintu na kimwe gishobora kudutera ubwoba. Umusavyi w’Uhoraho Dawidi yabariye Abiyatari ngwagumane nawe, kuko umurondera ariwe amurondera, atariko niwagumana nanje ntaco uba kuko we yarazi neza adakekeranya kw’Imana yiwe ariyo imuzigamye kandi kwiri kumwe nawe. Yarayizeye adakekeranya. Ivyiyumviro vyiwe vyose, n’umutima wiwe wose wari wizeye Imana yo mw’ijuru. Amen. Mwene Data mwizere ntakibi kizokwegera ihema ryawe. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s