Pasika ya 26 / 03 / 2016
Kumenya intsinzi y’Umwami wacu Yesu Kristo nico yagize abera.
Pasika s’umugenzo, n’icagezwe c’Imana. N’itegeko rikomeye Imana yahaye abana bayo ngo bamenye igituma bayihimbaza nivyo yabakoreye n’igituma babikora. Ikugirira ikimazi aruko umenye agaciro kayo, nicakoretse ku musi wa Pasika. Imana yabitegetse Mose mugihe ikuye Ab’Isirayeli mugihugu ca Egiputa. Imubarira ingene bazoyirya ningene bazosiga amaraso kubishimaryango vyose no hejuru y’imiryango, kugirango niyo umuranduzi yaza guhonya abana bimfura babahungu, ahabona ayo maraso hose aharengane. Kuvayo 12: 11-14 . Nigihe imana zo muri Egiputa zacirigwako iteka. Imana ica iha umusavyi wayo Mose ico cagezwe c’intahava kugirango abana babo n’abazobakomokako baze bame bawugira mukuru, ukurunganwe gwabo ruzogenda rukurikirana. Mugihe c’isezerano risha n’Umwana w’Imana Yesu Kristo umunyanazaleti, yatwiguze, yitangako Pasika, kugirango adukize ivyaha vyacu kandi yongere aducungure. Yaje mw’isi yigize muto cane, ariko ahindura isi mu nyaka 3 yamaze kwisi amaze kubatizwa. Mukubambwa kwiwe, no murupfu rwiwe, hakomeje guseruka ubu Mana bwiwe mugukoranya abami n’abaganwa baba Roma na Leta zabo zose. Abakomeye n’abahambaye bab’Isirayeli bose. Abanyekombe ba gahebuza, ngo bacire urubanza umugororotsi w’Imana. Akomeza kw’ishingira intahe mugukiza umusoda apfuye ijisho, yamucumise icumu mu rubavu, amaraso atarukira mujisho ryiwe, ijisho rirahumuka. Muntegenke z’umubiri kumusalaba yariko ababazwa ariko atanga ubugingo budashira, kugisuma kibambanywe nawe iruhande yiwe ku musalaba. Matayo 27: 51-55 Mugucikana kwiwe ijuru ryamushingiye intahe, isi iratigita, ibitandara birasadagurika, haba imituragaro myinshi, ubwirakabiri bukwira isi yose, igihuzu gikingiriye ahera kiratabuka guhera hejuru gushika hasi. Imva z’abera ziruguruka. Umusi azuka nabo bava mumva batembera bababona. Mariko 16: 14-18 & Yohani 20: 21-23 Ubushobozi bwa Mpwemu Yera bwamuzuye mu bapfuye nibwo Umwami Imana yarungikiye abizera, ngo tubukoreshe mu gusengera abagwaye, muguhindura isi, no mugukorera Imana tuvuga ubutumwa bwa Yesu Kristo. Abanyefeso 1 : 15-23 Imana nyenamahoro yaduhaye ubushobozi bwose, nahacu ho kwizera tukabigendera kandi tukabukoresha muc’ubahiro cuwatubambiwe. Amen.