Kubaho mu bushake bw’Imana. (ukw’Imana igushaka) 02.04.2016

Samedi du 02/04/2016

Kubaho mu bushake bw’Imana. (ukw’Imana igushaka)

Iy’umuntu yamenye Imana bihindura ubuzima bwiwe n’imibereho yiwe, kubw’ubushobozi bwa Mpwemu Yera. Birema ukwizera mu nuntu no kuyikunda. Urashikama atakikunyiganyiza kuko haribanga rikomeye wahishuriwe. Ariyo ngabire nziza y’Imana wakiriye, agakiza kavuye mu rukundo rwa Yesu Kristo. Abanyef. 3 : 14-21 Dutahuye urukundo rwa Yesu Kristo, tugira kurema mu mutima, Mpwemu Yera nawe akabana natwe muvyo ducamwo vyose. Kuko nirwo rudutabara, rukadukomeza, rukatubamwo kuko yadushitsemwo, Mpwemu Yera akadukomeza muri vyose, kandi akatwemeza ivy’abumubiri gusa badatahura bibarengera. Aho Yesu Kristo ashitse, ibintu birahinduka. Herode yifuza caane kubona Yesu n’ikimenyetso yokora, ariko amaze kumubona bamumushikirije, aranezegwa cane, aca yuzura na Pilato uwo musi nyene barakundana cane naho bariko bamucira urubanza bagomba kumwica, kuko bankana cane. Luka 23: 6-12 Yesu Kristo ni Rukundo, umwakiriye wese arabohoka, ivy’umwami w’umwijima vyamuboshe bikamubohokako. Ahabuze urukundo rukuzura muriwe. Ndetse iy’umufise vy’ukuri, Mpwemu Yera abana nawe, vyaba bimeze nabi cane neza, ahuri ibintu birahinduka, kuko Mpwemu Yera agukoreramwo. Imana ikoresha ingabire zayo yaguhaye, abantu bagatabagwa, bakagira umugisha. Nawe ukagira amaho no kurema cane kuko Imana irikumwe nawe. Imana ishobora kureka kukwishura muvyuriko urasaba, ariko Mpwemu Yera akabana nawe, ahuri bakagira umugisha ukomeye cane, kuko Imana irikumwe nawe. Uba igikoresho gikomeye cane, iherezo ryawe rikaba ryiza cane.           Daniel 6: 10-23 Daniel yabayeho mu bushake bw’Imana, ntiyiyanduje, ndetse n’umwami ntacaha yamukoreye, bituma ikiganza ciza c’Imana kibana nawe muri vyose. Kandi Imana iramutabara mugihe aterewe mugwobo rw’intambwe. Ntaco zamugize nagato. Kuko Umumalayika w’Uhoraho yazugaye umunwa. Nta mpamvu n’1 ikwiye kugutera guheba Imana canke ng’usubire inyuma. Reka kuraba ibibazo vyawe, ahubwo komeza uja imbere ugendane n’Imana yawe nayo irihesha icubahiro. Gira umutima w’ubwenge wo kugendana n’Imana nguzane impinduka mw’isi, izina ry’Imana rihabw’icubahiro. Itangur. 39: 2-10 & 21-23 Yosefu, yabona Imana yiwe gusa, ntiyemera gukora icaha, ntiyanka bene wabo canke abariko baramubeshera, Mpwemu w’Imana aba kuri we. Ivyakora vyose bigira umugisha naho ari hose haba imigisha ikomeye kuko Imana yari kumwe nawe. Imana imushitsako amasezerano. Yesu Kristo ntiyaje ngo tumumenye gusa, ariko ashaka tumwizere . Ukwizera kwawe kuzogushira ahabona. Mpwemu Yera atugira abahizi, ubushobozi bw’Imana bukadukoreramwo. Kwizera bigutuma ubandanya abandi bananiwe. Daniel 12: 1-4 & 10 & 13 . Daniel yagize kwirinda, kwihangana, gushishikara no gushitsa ic’Imana yashize mu buzima bwiwe. Arico gikenewe ko dushitsa mu buzima ru Kristo. Nico gituma dukwiye kugendana ubushobozi bwa Mpwemu Yera mu buzima turimwo buja mwijuru. Kuko Igihe kiregereje, aho hazoba amarira nagahinda bitigeze kubaho, abejejwe bakidugira kuko babanye n’Imana yabo. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s