Yesu Kristo yaje kutubohora, ng’ubuzima bwacu bubeho buhindutse.05.03.2016

Samedi le 05/03/2016

Yesu Kristo yaje kutubohora, ng’ubuzima bwacu bubeho buhindutse.

Umwami wacu Yesu Kristo yaje kutubohora, atumenyesha ijambo ry’ubugingo arikwo kuri, kugirango tugendane ubuzima buhinditse kandi buhinguwe gose. Aribwo buhimbara Imana. Luka 19: 1-10, Mariko 8: 34-38 Zakayo, naho yarumukuru kandi ari n’umutunzi cane, yumvise ko Yesu ariko ararengana, yagize iciyumviro ciza cane mu mutima wiwe co kumubona ingene asa. Aca yifuza kuja aho yomubona neza kuko yari mugufi, ntiyaraba icubahiro ciwe canke igitinyiro ciwe, ariko ashira umutima wiwe wose mukugira ishaka ryo kurondera kubona Umwami Yesu. Kandi Yesu Kristo nawe amushikiriye, aramubwira ati Zakayo ururuka kuk’uyu musi nkwiriye kurara iwawe. Imana yacu ntirobanura kubutoni canke kucubahiro, ariko mumahanga yose, abayubaha, bakayirondeza imitima yabo yose barayibona, irabahezagira, ikabagirira neza. Zakayo atarahura na Yesu haruko yarari, babwiye Yesu Kristokwagiye kurarira umunyavyaha. Ariko Zakayo yahuye na Yesu Kristo yabaye uwundi, yarahindutse gose, ndetse abwira Umwami Yesu kwagiye gusubiza abo yagunze ivyabo ndetse abikuvyemwo incuro 4. Yongere ibindi abigaburire aboro n’abakene. Yikoreye umusalaba wiwe, wokwemera ko yivye ndetse ahitamwo gusubiza no gutanga vyose, kugirango aronke Yesu Kristo vyukuri muri we, no mumuryango wiwe. Yesu Kristo yaje kuduhishurira ukuri, yaje kutubohora, ngo tuve mububeshi, mumw’ijima urimwo ibibi vyose, ariko dukorere mukuri arikwo gukurikiza amategeko yiwe, ari munzira yiwe, Kuko niwe Kuri. Matayo 21: 1-3 Yesu Kristo yaje kuduhishurira ukuri, yatumyeko nyene indogoba, ngo bazibohore bazimushire. Aca agendera kunyana y’indogoba. Ntiyari kuyigenderako ikiboshe. Hari icabanje gukoreka, nuko babanje kuzibohora, ntiyari kuyikoresha nayo ikiboshe. Niwe nzira, ukuri n’ubugingo. Kuba mukuri n’ukukumenya birabohora. Uk’umuntu amenya kandi agatahura vyinshi mw’ijambo ry’Imana, niko nawe abohoka cane. Bituma tumenya les caracteristiques z’Imana na nature yayo. Bigatuma tuyikunda kandi tukayizera. Ivyo tutarabimenya bizotugora gutahura ic’Imana iri. Ubuzima ruKristo bubishwa no kutabohoka. Kuguma muri za kameremere k’umubiri no mungeso twamanye ntitugombe guhinduka. Bituma dutakaza ikibanza c’Imana mubugingo bwacu. Umuntu agatangura kuvuga ngo jewe ndavyumva gutya, ndabibona gutya, ndabishaka canke ndabikora gutya. NB. Ntidukorera Imana uko tubishaka nuko tuvyumva, ariko tuyikorera uko idutegeka mw’ijambo ryayo. Iyuha Imana agaciro, ugakora ico igutegeka navyo bikubera isoko y’imigisha. 2Ngoma 1: 6-12 &15 ; Itanguriro 26: 1-3 & 12 Iyo urondeye Imana no kurongogwa nayo, ukayumvira ugakora ic’ijambo ryayo rivuga, nayo Iraza ikaguhezagira, ukabaho mu buzima bw’amata n’ubuki nkuko yasezeraniye ba sokuruza. Imana ntituyibonera muvyo yagiriye gusa ba sokuruza, ariko tuyibonera tuyibonera mukuri kw’ubuzima bw’umuntu. Salomo yasavye Imana ubwenge no gutahura kugirango akorere Imana neza, arongore ubwoko bwayo mukuri. Nayo imuha nivyo atasavye, ubutunzi atawe bahwanye. Isaka yubaha Imana ya se ariyo Mana yiwe, arayumvira akora icimubariye. Imuhezagirira ahabandi bariko bahunga. ahabandi biciwe n’inzara, we ihamuhera imigisha myinshi. Kuko iyo duhindutse gwose, mu Mana niho dukura vyose. Kuko yaje ngo tubeho neza, duhinguwe gose kandi twidegemvya, ataco dukehanije. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s