Gushikanira abana Imana. 27.02.2016

Kuwa gatandatu 27/02/2016

Gushikanira abana Imana.

Uhoraho yatoranije ubwoko bwayo kub’urukundo yakunze abari mw’isi. Kandi ntakarimbi yasizeho kubwurwo rukundo. Ishiraho ivyagezwe vyayo, amabwirizwa yayo n’amategeko biri mw’ijambo ryiwe ngo abe arivyo dukurikiza. Kuko nivyo bidutandukanya n’ayandi m’ahanga. Itangur. 3 : 17-19 ; Gusubira mu Vyag. 11 : 1-3 ; Gusubira mu vyag. 6 : 1-9 Kubwicaha caje mw’isi, cazaniye isi umuvumo nibiri muriyo vyose. Abana b’abantu bakomeza gukora ivyaha, bibabaza Imana cane. Niho yirobanuriye ubwoko bwayo, ikabutandukanya n’ayandi mahanga. Bakigishwa na canecane gukunda Uhoraho wenyene, Ikabaha ijambo ryayo ribarongora, rihagaze ku masezerano y’Imana, n’amategeko bagenderamwo mukuyubaha no mukwitondera ivyo yabageze. Mugushikanira abana Imana tubakuzaho umuvumo w’ico caha canduje isi, bakarobanurigwa n’ubushobozi bwa Mpwemu Yera akabinjiza mw’isezerano ry’abana b’Imana. Bagahumanuka, baharobanuri bagasabigwa kunesha icaha n’ubushobozi bwaco. Bakareregwa mungoro y’Imana kandi bakigishwa n’ivyayo. Abavyeyi baharonkera inyigisho zikomeye , kuko twebwe abavyeyi dufise uruhara runini cane mukurerera abana bacu munzira ija mw’ijuru. Dushobora gutuma abana bacu babaho neza canke n’abi, bagira uburambe canke bakenyuka, bivanye n’ingene twabareze mukwubaha Imana no mukuyumvira. Tubigisha kuyikunda no kuyikorera. Ariko nacanecane tukababera ivyitegererezo vy’ukuri muvyo tunabigisha. Nivyiza rero nk’abavyeyi kuba mukuri kw’ijambo ry’Imana, tukakugenderamwo, tugaheza tukakurereramwo n’abana bacu.              1 Abami 2: 1-4 ; 1 Ngoma 28 : 9 Dawidi yaraze neza umwana wiwe Salomo, yamubwiye kwumvira Imana no kuyubaha no gutegekwa na Yo nkuko nawe yabikora. Aramubwira ati niho nivyuzokora vyose bizogenda neza, ndetse ukagira nikiganza ciza ahuzoja hoose. Kuko amasezerano nayacu nayabana bacu. Ivyak n’Intum 2: 39, Abana bakunda gutwagwa canke gukurugwa n’ivyo babona mubandi bana canke nibigezweho kuko turi muri yasi mbi. Ariko bigishe gukunda Imana no kuyubaha, no gukurikiza ivyagezwe Imana yahaye Mose, no kwizera Yesu Kristo ninzira yadutoboreye. Mpwemu Yera nawe azobabera umushasha kandabakomereze munzira nziza. Matayo 19: 13-15, Mariko 10: 13-16, Luka 2: 21-34; Yesu Kristo yahishuye ibanga ko abazoja mw’ijuru aribameze nk’abana bato. Yongera atwereka ko abana bashobora kubasengera bagasabigwa umugisha kandi bagahezagigwa. Nkuko nawe igihe yavuka abavyeyi biwe bamushikaniye Imana. Nico gituma abana bagir’umugisha wo kuvukira murushengero rw’Imana babikoregwa bakigishwa nivyayo. Binjira mu masezerano yabavyeyi babo, nabo bakazovyigisha n’abana babo, uko urunganwe ruzogenda rukurikirana. Bakagira imigisha iva ku Mana na canecane bakagenda barongogwa na Mpwemu Yera. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s