Muzondondera kandi muzombona nimwandondeza umutima wanyu wose 09.01.2016

Ubutumwa bwo ku wa 09/01/2016

Muzondondera kandi muzombona nimwandondeza umutima wanyu wose.

Iy’umuntu ashitsa ic’ijambo ry’Imana rivuga, nayo igashitsa amasezerano yayo. Kuko agakiza Imana yaduhaye kari mugushitsa ic’Imana yatugenye gukora. Nico gituma twebwe abana b’Imana dukwiriye kugarukana uruhara rw’Imana mu rushengero. Uhoraho Umwami Imana idufiseko ivyiyumviro vyiza cane vy’amahoro. Nico gituma uy’umwaka ishaka ko tuyishira imbere muri vyose gusumba uko twabikoze, tukayirondeza umutima wacu wose nayo ikaza ikatubonekera. Yeremiya 29: 11-14.

Mariya Magadalena yagiye kumva kurondera Umwami wacu yesu Kristo, ata bwoba kuko yarazi uwo agiye kurondera, amaze kuburira Petero nawamwigishwa Yesu yakunda ko yasanze atariho ari, bagiye kuraba bagasanga yazutse, barirutse baja kwiyugarana hamwe n’izindi ntumwa. Ariko Mariya Magadalena we yagumyeho, arira arunguruka mumva, Abamalayika baraza baramubonekera, ahejeje kubavugisha na Yesu Kristo nawe aca aramubonekera, aramutuma ngo aje kubwira Bene Data. Yohana 20: 1-23. Kuko Mariya Magadalena, yamurondeje umutima wiwe wose, nico gituma nawe ariwe yabanje kubonekera. Yeremiya 31: 15-17 &20, Induru yumvikanye i Rama kubwamarira menshi n’amaborogo, Rakeli aririra abana biwe kuko batakiriho, ariko hamwe n’umubabaro n’agahinda yarafise, vyamuteye kurondera Imana n’umutima wiwe wose. Nico gituma ijambo ry’Imana ryamushitseko, Uhoraho amubuza kurira no gukorora amosozi, amugarukanira abahungu biwe bose. Yongera imuha n’ivyizigiro vyo mw’iherezo ryiwe. Amen. Reka tureke gushira umutima wacu wose muvy’isi ahubwo tuwushire mu Mwami wacu Yesu Kristo. Kuko muri we ariho habonekera vyose kandi abigabira uwashaka. Yeremiya27: 4-6. Kuko kurondera Imana bituma dushitsa ic’ijambo ry’Imana rivuga, nayo ikanezereregwa kuyumvira kwacu no kuyubaha kwacu. 2 Abami 4: 1-7 Nico gituma niyo umuntu apfuye yarubaha Imana, abana biwe Imana idashobora kubaheba. Turya kumigisha tukiriho, ndetse n’abadukomukako bakazoyigenderamwo. Ikibirengeye tukagira iherezo ryiza. Amen Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s