Message du 16/01/2016
Kumenya neza Imana dukurikira n’ingene tuyirondera.
Urukundo rw’Imana yacu ruraturera, ruratwigisha, rukaduhanura ndetse rukaturongora muvy’ukuri vyayo, kugirango abana bayo babeho neza. Ukumwaka utangura, duha Imana yo mw’ijuru ivyifuzo vyacu, be n’ivyubuzima bwacu. Nico twifuza kuzoba no kuzomera. Reka uyu mwaka uhagarare kandi utumbere kuri Yesu Kristo, ntidutumbereze ku vyacu no kuvyifuzo vyacu gusa, ico tuzoba canke ivyo twifuza gusa. Ariko reka wewe uvuge ico Yesu Kristo agiye kuba muri wewe no murugo rwawe; muvyawe no mubawe. Kuko tubereyeho guhesha izina rya Yesu icubahiro. Kurishira hejuru. Kuko ariwe Uhoraho yashizemwo ivyo twifuza vyose. Abanyefeso 1: 15-23 Nico gituma duhwiye kugira umutima w’ubwenge buvuye mw’ijuru no guhishurigwa mu kuyimenya. Tukamenya ivy’Imana itwizigiyeko, tukamenya n’itunga ry’ubwiza ifise mubera. Kuko mukutamenya kwacu ico twatuye mukwakira Yesu Kristo nk’Umwami n’umukiza wacu, canke mukuvyirengagiza bituma duhusha n’intumbero y’Imana mubuzima bwacu. Kubwa Yesu Kristo ari muri twebwe twakiriye harubushobozi budukoreramwo, n’ingabire nziza dufise, ariko kuko tudaha ikibanza Mpwemu Yera, umubiri n’ivyiyumviro vyacu bidutuma tuja muntegenke muvy’ubwami bw’Imana. Abantu bakamenya ubugwaneza bw’umuntu n’ubukerebutsi ndetse n’ubwenge. Ariko wa Mwami twakira ngo atuganze twongere tumukorere ntitwemere canke ngo twakire ic’iyumviro ciwe ngo gitsinde icacu. Abe arico kituganza. Ariho haba ubugombe bw’Imana kuri twebwe. Kuko iyo tubushikije n’ivyugaritse biruguruka. Nkuko ishengero ry’Imana ryahamagariwe kugamburukira Kristo. Abacamanza 13: 12-14; Manowa yabajije Umumalayika w’Uhoraho ababwiye ko bazovyara umwana w’Umuhungu. Ati uwo mwana tuzomurera gute? Kandi azokora iki? Nkuko ico dufise cose kiva ku Mana, bikwiye kubaho bihesha Imana icubahiro, natwe tukayihesha icubahiro. 1Abami 19: 4, Eliya yarananiwe cane muvyo yariko aracamwo, yisabira Imana gupfa, ariko ic’iyumviro c’Imana kuriwe kwarukumudugana mw’ijuru adapfuye, kuko yarimufitiye iciyumviri ciza. Elisa yayarihanganye bikomeyemugukurikira Eliya amushakako ingabire yarafise. Ariko mukwihangana kwiwe, ico yasavye arakironka, kuko yarondeye Imana n’umutima wiwe wose. 2Abami 2: 13-14, Nico gituma Imana irashakako tuyishira hejuru muri vyose, tukayubaha, tukama tumerewe neza muri vyose. Gusubira mu vyag. 5: 29 . Ibintu bizotuma dushikira imigisha kandi tukabaho ukw’Imana idushaka: –
- Kureka iciyumviro c’Imana akaba arico kiturongora muri twebwe.
- Kwemera gutsindwa n’ijambo ry’Imana, tukareka Yesu Kristo akaba ariwe atuganza.
- Kudafata ibintu nk’ivyacu ariko arivy’Imana, tukareka ivyo dufise vyose bigahesha Imana icubahiro.
- Gushiramwo ishaka muvy’Imana, tukamenya valeur Imana ifise mu buzima bwacu.