Kuguma mu masezerano y’Imana 06.02.2016

Ubutumwa bwo ku wa 06/02/2016

Kuguma mu masezerano y’Imana

Kugirango duhimbare umutima w’Imana, nuko duhagarara mumasezerano yaduhaye, tukagendera mw’ijambo ryayo ndetse no muvyagezwe vyayo. Kandi gutabagwa kwawe no kumeregwa neza kwawe bihagaze mu kwubaha Uhoraho Umwami Imana, ukamwumvira. Itanguriro 2: 1-3 ; Gusub.Vyagezwe 5: 12-15 ; Ivyak. N’Intum. 1: 4-12 Imana yahezagiye umunsi w’isabato, iraweza. Iwugira umunsi ukomeye ndetse wo kuziririzwa. Umunsi w’isabato n’icagezwe Imana yashizeho ngo tuwubahirize cane nk’abana b’Imana. N’umunsi wo kuja guhura n’Imana tuduganye ibimazi vy’amashimwe mu bikomeye no mu bihambaye Imana yacu yakoze haba mu buzima bwacu canke mubindi. Umunsi wo kuja kwumva ijambo ry’Imana ariryo ritubera inkomezi mu buzima rukristo, ndetse no gusengera hamwe n’abandi mungoro y’Imana. Iyo uwubahirije imigisha n’imihezagiro ikubako Uhoraho akabana nawe kuko umwubashe. Kutawubaha n’ukurenga ivyagezwe n’Imana bikubera umuvumo. Kwegera Imana ifitiye abana bayo, bikagutera inkomezi zo gukomeza mugusenga no kwegera. Kuko iy’umuntu afise inyifato yo kwizera, birorosheko wakira ijambo ry’Imana.

Yosuwa 1: 1-16 Ikintu gituma ugendana n’Imana n’ukuyumvira. Nkuko inkomezi zawe ziri mw’ijambo ry’Imana, nayo inezereregwa abizera bagakora ivyukugororoka, bagakurikiza amategeko Yayo, nayo ikomeza kubabera umwizigigwa muri vyose. Nico catumye Yosuwa agendana nayo nkuko yabimusezeraniye, naho ab’Isirayeli bari bamubwiyeko nabo bazomwumvira, mugabo nawe ngwaje abana n’Imana nkuko yabanye na Mose. Yosuwa yagenda atera intege ab’Isirayeli, ndeste ab’imiryango Mose yagereye kuba hakuno ya Yorodani, Yosuwa agera abagabo babahizi muri bo ko bitangira abandi imbere mukujabuka Yorodani, ngo babafashe kugwana intabara nabo bagiye gusubirira mu bihugu vyabo. Niyo Imana yaruhura abatari bwashike mubibanza vy’isezerano, abo bahizi bazoce bagaruka aho Imana yabahaye. Mpwemu Yera adutumirira gukundana nokwitangira abandi, niho Imana nayo iduhezagirira. Ushobora kwitanga muburyo butandukanye, inguvu, mugutanga ivyawe, inkomezi canke gukoresha ubwenge bwawe. Atari kubwawe canke abana bawe, ariko ku bwabandi. Imana iraguhezagira bikomeye kubwivyo. Yobu 42: 7-13. Imana ntinaniwe gukora ico ishaka mu buzima bwacu, ariko haraho iradusaba ko harico dukora kugira nayo ishitse amasezerano kubayiteze. Yatugize ses partenaires. Abagenzi ba Yobu, bababaje Imana mumajambo bavuze, ariko Yobu we iramushima, nico gituma yabategetse gushira yobo ibimazi vyo kwoswa kugirango abasabire imbabazi. Yobu ariko abasengera, Imana imukurako ivyago yari yaramuteje, imushumbusha ivyo yarafise vyose, ubikuvyemwo kabiri. Abana imuha nkabo yarafise, ariko baruta ubwiza aba mbere. Mwene data mugushikira imigisha yawe, Gendana n’Imana, uyumvire kandi uyubahe mukuyikorera, wongere uyizere nayo izoshitsa ivyo yagusezeraniye vyose. Mpwemu Yera adukuramwo kwikunda, niwabitahura uzogira imigisha myinshi. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s