Ubutumwa bwa 20.02.2016
Kugira umutima utanduye, kandi ushaka gukira.
Umwami wacu Yesu Kristo yaje kutubabarira, aratubohora, aradukiza, ndetse aduha amahoro n’umwidegemvyo vyo kugumana nawe. Yaje kugirango tumwizere, dufise imitima itunganye kandi itanduye. Ngo dukureho impwemu zihumanye n’ibigirwamana vyose twakuriyemwo. Matayo 5: 8 Kuko abafise imitima itanduye nibo bazobona Imana. Yohana 5 : 1-9 Uwo muntu yaragwariye ku kidengeri citwa Betesida, yarahamaze imyaka 38, yasa nuko aza yaramenyereye ingorane ziwe. Umwami Yesu amubajije ko agomba gukira, aho kwishura ego ndabishaka,ntiyishuye ico abajijwe, we yagiye kwagiriza abandi, abataje kumushira murayo mazi. Ijambo ry’Imana riratubwira ngo imvugo yacu ibe Ego canke Oya. Ariko kugumana akantu mu mutima ko kwagiriza abandi no kubidogera ndetse hakajamwo no kubanka, ivyo vyose bituma tutagira imitima itunganye, kandi itejejwe. Ariko imbabazi z’Imana n’urukundo rwayo vyatumye Yesu Kristo amukiza, ntiyaravye ubwo bwihebe bwiwe, canke uwo mutima yamwishuranye wuzuye no kwizera guke, ahubwo We yerekanye imbabazi ziwe. Yabanje kumubaza kuko yagize amadidane kubushake uwo muntu yarafise mukwizera. Matayo 15 : 21-28 Dukwiriye kugira ivyizigiro bisunikira ubuzima bwacu mu kwizera. Tukamenya neza yuko ibintu vyacu bikeneye guhinduka, ntiducike intege mukwizera , bamwe usanga baza bavuga ngo vyabintu vyanje, niko bimeze. Ugasanga ndetse basigaye bashaka n’abafise ibibazo nkiyabo kugirango bashigikirane canke bagatesha n’abandi kwizera. Uyu m’Unyakananikazi, yaragwaje umwana yatewe na Dayimoni. Ariko Yesu Kristo ntiyamwitayeho ngwamwumirize ndetse anamukorere icasaba. Ariko abigishwa biwe ugutakamba kwuwo mudamu vyabarya mumatwi, baramusaba bati murungike kuko agenda arabasemererera inyuma. Ariko Yesu Kristo Yishura ati imikate y’abana ntirya imbwa. Ahubwo uwo mugore ntaco vyamugize inyishu yarahawe, ahubwo yerekanye isha ryo kwizera rikomeye, ryuzuye umutima uciye bugufi, kandi utunganye. Bikora ku mutima Umwami w’abami Yesu Kristo, biramutanganza cane. Ati ukwizera kwawe ni kwinshi nyina wanje. Bikubere nkuko usavye. Imana ntigomba gukora ifatiye ku bantu, kuko irikwije ngo igushitseko iyo wizeye. Luka 15: 15-24 Uwo mugani w’Umwana w’icangazi, utwereka ingene Imana idukunda, itigera irimbura amakosa n’ivyaha dukora iyo tuyihindukiriye. Naho uwo mwana we yaragarutse iwabo n’amajambo menshi cane yatondekanije, ahubwo se we amubonye agiseruka yategurishije umusi mukuru. Imana iradukunda cane, ishaka ko tuguma muriyo, tukareka ikaba ariyo, idutegeka kandi ikatuganza. Abacamanza 8: 15-24 Nimba Yesu Kristo yaratubabariye , akawoza, akatweza, akatwambika, dukureho nizo mbuto zooose zituma hasubira kumera umururazi muri twebwe, bikatubera intambamyi n’abadukomokako nkuko vyabaye kuri Gidiyoni. Yakoreshejwe n’Imana bikomeye, agakuraho ndetse n’ibigigwamana vyose uhereye kwa se. Ariko kuko m’umutima wiwe atari yarabohotse gose, vyatumye asubira gukoresha efodi, imuhindukira umutego n’abiwe.