Kuba mu buzima bwo kurondera Imana no kugendana nayo. 13.02.2016

Message du 13/02/2016

Kuba mu buzima bwo kurondera Imana no kugendana nayo.

Iyuri mu buzima bwo kurondera Imana, ubana nayo, ukagendana nayo, ukanezeregwa ivyayo. Ukaba mu buzima bwo kuyubaha. Imana, ariwe Yesu Kristo niyo ushira imbere, ivyawe ukabigira ivya 2 canke ivya 3. Umenyako utarikumwe na Yesu Kristo ataco ushoboye, ariko urikumwe na We vyose birashoboka, kuko n’Imana ishingira intahe muri wewe, ikanaguha n’inkomezi ndetse nubushobozi muri vyose. Kuvayo 3: 11-12, mugihe ca Mose, Imana imutumye gukura ab’Isirayeli muri Egiputa, yabariye Uhoraho ati jewe ubona nd’iki guhagarara imbere ya Farao? Ariko mugihe yava muri Egiputa ahunze, yari yaragerageje kubikora ngo atabare ab’Isirayeli, ariko ntivyakunda. Ariko mugihe Imana imurungitse, yamubwiyeko irikumwe na we. Kandi yamenyekenishije izina ryayo rihambaye muri Egiputa no mw’isi Yose ikoresheje umusavyi wayo Mose. Mugihe yahamagara Gidiyoni, imusanze ariko arasekura ingano mu nzu yo mukuzimu, Imana yamubwiye ngo haguruka wa muhizi winkomezi, ariko we arikengera cane, ariko Iti nzoba ndikumwe nawe. Abacam.6: 12-14 & 16-17 ; Abacam. 7: 20-22. Kuko yarikumwe n’Imana ariyo ibatabara, akaba yararondeye Imana n’umutima wiwe wose, nayo yabanye nawe irabatabara. Bari abantu 300, bagabuye mu mice 3, ariko bakora ic’Imana yababariye, nayo irabagwaniriza abansi babo babateye, bose basubiranamwo barapfa. Kuko Imana ishigikira abayirondera n’umutima wabo wose, ikabana nabo ikabakiza. Abasavyi b’Uhoraho bagenda imbere y’Imana bitonze, bakayubaha, bagakora ivy’ibona kwari vyiza, nayo igihe cose yabana nabo ikabakiza, ikabatabara. Ivyitegererezo vyinshi mw’ijambo ryayo Imana yaduhaye, biratwigisha kwumvira Imana no kuyubaha, tuyirondeza uutima wacu wose, nayo niyo kwizegwa igashitsa amasezerano. Abasavyi bayo: Mose, Yosuwa, Dawidi, Yosefu, ndetse n’abandi benshi…… twahereye kuri Sokuru wo kwizegwa Aburahamu. 1 Korin. 10 : 31 Nico gituma ijambo ry’Imana ridusaba ko ivyo dukora vyose tubikora mugushimisha Imana. Kandi tukabikora twibuka Yesu Kristo umwana w’Imana nzima, yitanze kubwacu. 2 Timoteyo 2 ; 8-9. abana b’Imana ntidukwiye gukora kubwacu, canke kunyungu zacu n’abacu, ariko n’ugukora kubw’ineza ya Yesu Kristo. Twubahisha izina ryiwe. Luka 7: 1-7 & 36-39 Umushumba w’umugabisha w’abasoda Yesu Kristo yakijije, yatabawe n’uko se buja yakoreye Yesu Kristo nubwo yarumunyamahanga, akagira ibikogwa vyiza, akubaka urusengero rw’Abayuda. Simoni umufarisayo ahamagaye Yesu Kristo ngwamuzimane, umugore w’umunyavyaha amenye ahari, we yatwaye ikebano ryamavuta yigiciro, akaririra ku birenge vyiwe amuhanaguza imishatsi yiwe yongera ayisiga amavuta. Vyatumye ivyaha vyiwe vyose abibabarigwa. Ariko uwarahamagaye Yesu Kristo kumuzimana we harimwo ubwibone n’agasuzuguro kubanyavyaha. Bituma Yesu Kristo atamunezereregwa. Reka ibikogwa vyacu vyose bihe agaciro Umwami w’abami, ariwe Yesu Kristo. Tureke guha agaciro ibintu n’abantu kuko vyose bikomoka kuri We. Reka ab emu mutima wawe no mu bugingo bwawe, niho azokwama aseruka mu vyawe vyose, bose bakamenya, kandi bakabonako urimwo Imana. Ukagira intahe y’amajambo avuye mu mutima unezererewe Yesu Kristo vy’ukuri. 1Korin. 2 : 4-9 Bigatuma ukwizera kwawe kudahagarara muvy’ubwenge bw’abantu, ariko kugahagarara mu bushobozi bw’Imana.Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s