Message du 30/01/2016
Imigambi y’Imana ni myiza ku bana bayo.
Imana yo mw’ijuru yerekanira ineza yayo mubo yatoranije. Kuko imigambi y’Imana arukugirira neza ubwoko bwayo no ku bahezagira. Kuva Imana irema abantu , ikarema ubwoko 2, yarabahezagiye, ibabwira ngo barondoke, buzure isi, ndetse banayiganze, n’ibiri muriyo vyose. Itanguriro 1: 27-29. Yarakunze abantu barayita, barayiheba, ariko yo ntiyabataye. Abantu bagiye bakomeza gukora ivyaha, bibabaza cane umutima w’Imana, ariko kubw’urukundo ikunda abari mw’isi, ihitamwo kwitoranyiriza Ubwoko bwitirigwa izina ryayo, aribo banyamugisha. Gusub. Vyag. 10: 15 Ngo bamubere ihanga yitoranirije, Itoranya sokuruza Aburahamu n’uruvyaro rwiwe. Niho mugihe Imana yakura ab’Isirayeli mugihugu ca Egiputa, Imana yaribariye umusavyi wayo Mose, izina ryayo kwar’Uhoraho, Imana yuzuye ubuntu n’imbabazi, arumwizigigwa, iteba kuraka ikagira ikigongwe cinshi, iharira abantu ibihumbi n’ibihumbi. Kwiharira ibicumuro, ibigabitanyo n’ivyaha. Ariko ntiherereza urubanza kutarufise. Ihora abana ibigabitanyo vyaba se, Kuvayo 34 : 5-8. Imana yatugize ihanga ryera, itugira abanyamugisha, iraduhezagira, iduha ijambo ryayo kugirango kugirango turigenderemwo, kandi uzogendera muvyagezwe vyayo akabishitsa, akabikurikiza, akubaha Uhoraho Umwami Imana, iyo migisha yose izomushikako. Gusubir. Mu vyag. 28: 1-14 Nico gituma agakiza Imana yaduhaye dutegerezwa kukumirako, tukakazigama, tukakarinda kuko niko duhezagirigwamwo, tukaronka imigisha iva mw’ijuru. Hakaba uburinzi kuri twebwe abizera. Naho umuntu yoca mungorane zikomeye gute, guma ku Mana yawe, ingorane ntizihindura amasezerano yawe, ahubwo zikomeza ukwizera kwawe. Akarorero: Yosefu yabanje gutabwa mugishimu, yongera adandazwa kwa Potifari gushumba, muri Egiputa, imbere yuko ic’Imana yavuze kimubako. Dawidi yabaye mu masenga y’amabuye kenshi, ahunga saouli, imbere yuko ashikira amasezerano yiwe. Hari benshi babivamwo, canke bakumva bohindura inzira,bakavuga ngo satani yampagurukiye, ariko arinzira z’Imana. Imana irakubwira ko ikorera mukwihangana, no mukwizera twiyejeje, inyuma yivyo hakaza imigisha ivuye mw’ijuru. Imigambi y’Imana ntica mu bimeze neza gusa, ishobora guca mu bikomeye, ariko igikuru nuko ishika. Niho uronka ico uzosigarana abana, ukavuga Imana uzi neza, yagusanze canke yagukuye, ndetse yagutabaye ahakomeye cane, abana bawe canke abushingira intahe bakayikunda bakayizera, ndetse bakayirondera. Imana ntikubwira inzira zayo kuko ntiziserangurika, ariko ikubwira imigambi yayo kuri wewe. Ps 25: 4-5 Nico gituma igitabo ceranda citwa inkuru nziza, kuko niho tumenyera imigambi y’Imana kubana bayo. Amen.