Yesu Kristo n’Umwami w’ubwiza 12.12.2015

Message du 12.12.2015

Yesu Kristo n’Umwami w’ubwiza

Umwami wacu Yesu Kristo ariyo Mana yacu, niwe mwami w’ubwiza, amahoro n’icubahiro. Yaje guserurira ubwiza bwiwe muri twebwe abamwizeye, ihanga yatoranije, kugirango ubwiza bwiwe nicubahiro ciwe giserukire mubamwemeye, kandi bamwizeye. Kuko aba muri twebwe, ni Emmanuel. Luka 1 : 67-78, yaje kudukurako abansi bacu n’amaboko yabatwanka. Atwambika ubwiza n’icubahiro, ngo araduharira, aratweza ngo tuyisabe ata bwoba kandi tugororoka. Tugendere mu masezerano ya Aburahamu, Isaka na Yakobo. Yaje ng’ubwiza bwiwe bukayangane muri wewe ikwereke kandi yereke n’abandi boseko ihagararanye nawe. Nico gituma Atubwira ngo reka rero agakiza yatuzaniye kabonekere bose. Ivyakon.n’Intumwa 15 : 6-9 ; Intumwa y,Imana Petero yashingiye intahe ijambo Yesu Kristo yuzuye ubwiza bwiwe n’ububasha no gushiramanga, kwariwe Imana yatumye ku banyamahanga, kandi ko yabashingiye intahe kuko izi imitima yabo, ko yayogesheje ukwizera. Esiteri 2: 17-18 Ubwiza Yesu Kristo yatuzaniye buva mumitima bugakwira umubiri wose. Tukagira ikiganza ciza kandi bigatuma dutabagwa muri vyose ndetse n’abacu bagatabagwa kubwuwo Mwami. Esiteri yaturuka mu bwoko bwa b’Isirayeli, Imana imwambika ubwiza bwayo, umwami amurutisha abandi bamikazi bose, amwambika igitsibo mu mutwe mugishingo ca Vashiti, umwamikazi, bituma umwami ahebera ibihugu vyose ikori, yongera agaba ingabire kuko yanezererewe ubwiza bwa Esiteri. Naho Esiteri yarimpfyuvyi kandi yarezwe n’ucunga irembo ku mwami, Imana yaramudugije imugira umunyacubahiro. 2Abami 5:1-3 &15 Umwana w’umukobwa w’umunyagano aturuka mub’Isirayeli yatwawe mugihugu c’Abisiriya, yaracorekeye muka Namani umugabisha w’ingabo z’umwami w’Isiriya yaragwaye imibembe, yarayashingiye intahe Imana yabo abwira inabuja ati databuja yogenda mugihugu c’iwacu, hariyo uvugishwa n’Imana yomusengera agakira. Namani amaze kwumvira akagenda mugihugu c’Imana, ubwiza bw’Imana bwaramugendeye akoze ic’umukozi w’Imana amubwiye, imibembe yiwe irakira. Yatura avuga ati noneho ndamenye ko atayindi Mana iriho mw’isi yose, atari mu Bisirayeli. Namani amaze gutaha iwe, ntankeka wamwana w’umukobwa w’umunyagano, yaramuhezagiye izina ribi rimuvako kuko yavugiye Imana yiwe. Ubwiza bw’Imana bwari kuri we*Iyo wambaye ubwiza bw’Imana harumusesekara Imana izana mu bugingo bwawe.         * Ubwiza bwayo bugutuma utungishwa na yo. * Bugarukana agateka kawe mu buzima bwawe, Hamwe bose bagukengera ikakwambika iteka n’icubahiro kubwizina ryiwe. *Buhindura ingene uzwi n’abantu, yamazina yose bakwita akibagiranwa. *Buhindura ingene ubayeho. *Bugukurako kwigana ugakora urongowe na Mpwemu Yera. Luka 10: 19-20, Umwami wacu Yesu Kristo yatumye intumwa kwigisha, ariko ngo ntihagire na 1 batwara, abaha ububasha bwo gusenda abagayimoni, gukiza indwara, no kumugurura ibimuga ndetse nubwukwirukana impwemu zose ziri mu bantu. Yabahaye ubwiza bwiwe ariyo Mpwemu Yera ntakindi bitwaje bagaruka banezerewe cane, bashimira Imana kuvyakoretse vyose. Arababwira ati ahubwo munezegwe nukw’amazina yanyu yanditswe mugitabo c’ubugingo. Mwene Data ntakindi Imana igushakako ataruko umutima wawe uba wejejwe, izina ryawe rikaguma mugitabo c,ubugingo. Ibisigaye nawe yaguhinduye umuriro uturira ibikugerageza vyose. Amen. Umuriro w’Imana uzimya umuriro w’isi. Abaheburayo 1: 7 Ningobwa ngo twambare ubwiza bwiwe aho turi hose no muvyo dukora vyose. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s