Guhishurigwa ibanga ry’Umusalaba. 05.12.2015

Message du 05/12/2015

Guhishurigwa ibanga ry’Umusalaba.

Imana yaragiriye ubuntu bukomeye abikigihe, iduhishurira ibanga ritahishuwe kera kubatwitangiye imbere, niryo ryerekana ubwenge bw’uburyo bwinshi n’ubushobozi bw’Imana. Abanyefeso 3: 1-12 ; Abanyef. 2 : 11-16

Mw’ibanga intumwa Paul yahishuriwe n’abandi bavugishwa n’Imana ryaseruye urukundo rw’Imana ruhebuje yakunze abantu bose, n’abari abanyamahanga ku masezerano y’Imana. Ariko ishakako bose bayizigira bayizeye nayo ikagaragaza ububasha n’ubushobozi bwayo. Aduserurira ububwiriza bw’ibanga ubwaribwo. Ubwansi umusalaba wa Yesu Kristo yabuhinduye ubusa, kuko yahomvoye ca gisika cadutandukanya, akoresheje umubiri wiwe. Duhinduka umwe muri Kristo Yesu. Intumwa y’Imana Paul yabishingira intahe kuko ubwansi yabubayemwo bikomeye agwanya abavuga Kristo Yesu, ariko kubw’Umusalaba wa Yesu Kristo aratabagwa, agenda yigisha bikomeye ijambo ry’Imana n’urukundo rw’Imana.   Kumusalaba niho yaneshereje Satani amunyaga ububasha n’ubushobozi bwose kubamwizera. Yohana 12 : 44-50, Yesu niwe muco wacu, umwakira wese akamwizera, umuco wa Yesu Kristo wakira mu mutima wiwe. Kuko umutima niwo umurikira umubiri wacu wose. Niwe aduha guhinduka tukaba ibiremwa bishasha kubwo kuvuka ubwa 2, bisobanugwa guhinduka gose, tukava mumuntu wa kera, tukambara umuntu musha yuzuye Mpwemu Yera. Umuco wiwe ukatumurikira murugendo ruja mw’ijuru. 2 Timote 4: 1-8, Paul yahanura Timoteyo kwakwiye kuvuga ubutumwa, kandi akirinda mugihe gikwiye no mukidakwiye, kandi agahora agavye, agahana kandi akihaniza, yirinda muri vyose. Kuko murugendo turimwo ruja mw’ijuru dutegerezwa kugira ukwihangana muvyo duhura navyo no kwirinda cane muri vyose, kuko ubizana afise intumbero yokudutesha umusalaba wa Yesu Kristo. Ariko kubwo guhishurugwa aho gutabagwa kwacu kuva, dutegerezwa gukomeza urugendo rwo kuja munsi y’umusalaba wa Kristo Yesu kuko ariho honyene dutabarigwa. Kandi niwo uzotuma dushika mw’ijuru kwa Data. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s