Kwuzura ubushobozi bwa Mpwemu Yera=Kugendana n’Imana 31.10.2015

Ubutumwa bwo ku wa 31/10/2015

Kwuzura ubushobozi bwa Mpwemu Yera=Kugendana n’Imana

Igihe Yesu Kristo yagendana n’intumwa ziwe, yarababariye ati ivyoba vyiza nuko jewe ngenda, kuko ni ntagenda Mpwemu Yera ntazoza, ariko ni nagenda nzosaba Data abarungikire Mpwemu Yera mw’izina ryanje. Igihe babanye na Yesu Kristo barabona ibitangaza vyinshi cane yakoze, n’amajambo menshi y’ubushobozi bumvise, ariko ntivyabahaye ubushobozi bwo kumushingira intahe canke bwo gushingira intahe Imana Data wa twese. Ariko icagize ubushobozi muri bo, ni Mpwemu Yera yabarungikiye amaze kuduga mw’ijuru. Mpwemu Yera yabuzuje inkomezi n’ubwenge bwo gushingira Imana intahe Yesu Kristo badatinya. Kuko amaze kumutanga barumvise bari en connection na Mpwemu Yera. Yohana 14: 25-28 & Yohana 16: 13-14.

Mpwem Yera niwe yabigisha vyose kandi akabibutsa ivyo yababariye vyose. Uwu Mpwemu w’ukuri ni we aturongora akadushitsa kukuri kwose. Kuko atazovuga ivyo yigeneye, ariko azokura kuri Data akatuzanira kandi atumenyesha ibigira bize. Niwe aduha amahoro n’umunezero wuzuye, udatangwa n’ibintu canke n’abantu, utaza iyo biryoshe gusa, ariko uhuraho mubihe vyose ducamwo. Ivyakozwe n’intumwa 18: 4-11. Mpwemu Yera mu buzima bwacu, n’ubushobozi budushoboza gukora ic’Imana iduhamagarira. Ni we atuma tuvuga mugihe gikwiye n’ikidakwiye. Intumwa y’Imana Paul ari kuvuga ubutumwa i Korinto, babiharirije barogose, abandi barizera barabatizwa. Ariko Yesu Kristo aramwiyereka mw’ijoro amubwira ati Ntutinye arik’uvuge woye gucereza. Paul yari yuzuye ubushobozi bwa Mpwemu Yera, niho yashingira intahe Umwami Yesu adatinya urupfu canke umunyororo. Natwe Twahawe Mpwemu Yera, turakwiye gushingira intahe Umwami wacu Yesu Kristo tuzuye ubushobozi bw’Imana, kuko Mpwemu Yera yahawe abizera bose. Nkuko dukwiye kugira Mpwemu w’ubushobozi muri twebwe niho tunesha wa mubi n’ibikoresho vyiwe vyose. Aho Mpwemu Yera yuzuye hari n’ibindi bintu bihuzuye. 1Tesal.1: 4-10,  Ivyak.n’Intumwa 13: 51-52.

Ishengero ry’Imana ry’i Tesalonike ryari mu marushwa menshi, ariko bakirana umunezero mwinshi ijambo ry’Imana kuko bari buzuye Mpwemu yera. Intumwa zarirukanwa, zikagwanywa ngo ntizivuge ukuri kw’ijambo ry’Imana, ariko bakuzura umunezera mwinshi kw’izina rya Kristo Yesu barishingiye intahe. Abaroma 8: 9-14 Mpwemu w’Imana aba muri twebwe, umubiri uba upfuye kubw’icaha. Kandi iyazuye Yesu Kristo mu bapfuye izizura n’imibiri yacu nayo ipfa. Kandi abarongogwa na Mpwemu w’Imana nibo bana b’Imana. Dutegerezwa kuba turimwo Mpwemu Yera niwe adufasha muvyo ducamwo vyose, aduha inkomeze n’ubwenge bwo kubicamwo. Niwe aduha ivyizigiro bizima, akatubera umufasha , umuhanuzi , numwigisha mwiza muri vyose. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s