Ubutumwa bwo ku wa 07/11/2015
Kuko nzi ivyiyumviro mbiyumvirako, ni jewe Uhoraho mbivuze, kw’arivy’amahoro, atarivyivyago, kugirango mbahe ivyizigiro vyo mw’iherezo ryanyu.
Kubw’urukundo Imana yakunze umwana w’umuntu, yaduhaye ingabire nziza y’ukwizera. Ukwo kwizera nikintu kidutuma dushika mu kibanza co guhimbara umutima w’Imana. Nukuvuga aho Imana idusanga ikatubonekera, igakora ibitangaza muri twebwe. Yeremiya 29: 11-14. Ab’Isirayeli bari barambukanywe arinyagano n’umwami Nebukadinezali, ariko bakomeza kwizera no gusenga Uhoraho Imana yabo, naho bari babayeho mubuja, barinyagano. Ivyo vyose bibabaje barimwo vyabateye gose gukomera ku Mana yabo ntibaha ikibanza imana z’inyamahanga (Daniyeli, Shadulaka, Meshake na Abudinego). Niho Imana yabatumako umuvugishwa n’Imana Yeremiya kubaremesha. Harih’ukwizera Imana yaremanye umuntu wese, imuha ubwenge bwo gukora ibintu bitandukanye. Umuntu wese uko yamuhaye ingabire yasize muriwe. Ukwo kwizera gukorana n’ubwenge Imana yahaye umuntu. Akar. Abakora imiduga, abakora indege, amato, amatara, imiti yo kuvura n’ibindi….Bivugako umuntu niyo yoba adakijijwe arafise ukwizera naturel. Ariko rero twebwe abizera dufise ukwizera kurongowe na Mpwemu Yera, ukwo kwizera ntigushira imbere ubwenge bw’umubiri, ariko guhagarara ku bushobozi bwa Mpwemu Yera, kandi nikwo guhimbara Imana. Abaheb. 11: 6-7 & 23-29 Ukwo kwizera , ijambo ry’Imana rivugako arikwo twatumye Mose ahitamwo kubabaranwa n’abantu b’Imana, abirutisha kuguma mu bihimbaro vy’ivyaha. Kuko harindoto yarafise m’umutima wiwe, Imana nayo yarimufiseko umugambi(iciyumviro)wo kuzotabara ubwoko bwayo. Naho ataciye mubihe vyoroshe na gato, ariko iciyumviro c’Imana kuriwe caramushitseko. Ukwizera Imana n’ikintu wibungenga, naho woca mubintu bikomeye gute, ndetse nibibabaje gute, ariko ugakomera ku Mana yawekuko uzi ko idahemukira abayizeye, nayo iba yakigushizemwo kandi ikanagukomeza, kandi ikagishitsa bose babiraba. Ukwo kwizera Imana idushakako, nico dukora kuko twizeye ijambo ryayo, canke kuko twumvise ivyoyakoze canke ndetse tubizi kandi idahinduka. Maraya Rahabu yizeye Imana y’Abisirayeli, anyegeza abatasi batumwe n’umusavyi w’Imana Yosuwa gutata igihugu bagiye kwinjira. Ariko indoto yarafise muriwe kwari ukugomba gutabagwa kw’umuryango wiwe. Yosuwa 2: 5 & 10-14 Yosuwa 6: 17 & 25 Kub’ukwizera Imana y’Abisirayeli Rahabu yagize ku mutima wiwe, vyatumye ahabwa umugisha hamwe n’abasezeraniwe igihugu c’isezerano, atabarigwa hamwe n’umuryango wiwe wose uko yakabisavye. Ubugingo bwabo n’amagara yabo aratabagwa kuko yizeye yizigiye Imana yo kwizegwa. Abacamanza 6: 11-27 Gidiyoni yaruwanyuma mumuryango wiwe, kandi umuryango wiwe wari uwanyuma mumiryango yabo, ariko kuko yari yizeye Imana y’Abisirayeli, agahaharara mukibanza co gusenga yinginga Imana ngo abone gutabagwa kw’ubwoko bwabo. Imana yamanuye umuriro kukimazi ciwe. Iramuhagurutsa aba ariwe akoreshwa mugutabara ubwoko bwabo naho yikengera cane. Ariko ikintu yabanje gukora kwari ugusambura ibigigwamana vyose vyari kwase. Araheza Uhoraho aramugendera amubwira ivyo akwiriye gukora kandi abana nawe. Nawe mwene Data birakwiriye kusambura ibigigwamana vyose wagendeyemwo, ugasanbura nivyo munzu ya so, ugasambura nivyo mu miryango, arivyo bituma abantu babaho nabi kandi Imana yo mw’ijuru ibafiseko ivyiyumviro vy’amahoro. Ariko ivyo bibugarira imigisha n’umunezero uva ku Mana nzima. Imana irashaka ko dukuraho ivyo vyose, tugahagarara mukibanza c’amasengesho n’ukwizera gukomeye, kutanyiga. Imiryango iratakaza intumbero y’Imana kubwibigigwamana batavamwo. Ariko bivuyeho Imigisha y’Imana ibatembaho. Amen.