Gushikanira Imana abana bato. 17.10.2015

Ubutumwa bwo ku wa 17/10/2015

Gushikanira Imana abana bato.

Igihe Imana yarema abantu Adamu na Eva, yabaremye mw’ishusho yayo, ibaremana ubwiza bwinshi, ndetse murukundo rwayo. Ibamenyesha ibikwiye n’ibidakwiye gukogwa, kubw’ijambo yababwiye, kugirango barigenderemwo, ribabesheho, kandi ribaheshe kuguma munzira zayo no murukundo rwayo.

Ariko umuntu siko yabikoze, bituma acumura ku Mana, icaha kirinjira mu bantu. Ariko Imana yo ntiyabahevye kuko arumuvyeyi mwiza. Yahavuye yirobanurira ubwoko bwayo. Ndetse no mugihe ca Aburahamu sokuruza, aho yamuhamagara imukuye mugihugu cabo nomunzu ya se, ariko imuha isezerano n’ubu abo yatoranije ariryo tugenderamwo. Itanguriro 3:17, Itanguriro 6: 1-8 Abantu barivanze bagenda bibera mu vyaha bibabaza Imana. Ariko urukundo rwayo rwagumye kubana bayo kuko ar’Imana yimbabazi. Aho yakura ab’Isirayeli mugihugu ca Egiputa, yasize mukanwa ka Mose umusavyi wayo, ivyagezwe n’amabwirizwa ngo abibashikirize bize bihore mu mitima yabo no mu kanwa kabo ibihe vyose. Ngo babigenderemwo kandi babikurikize, bavyigishe n’abana babo ndetse nabazobakomokako. Gusubira mu vyag. 11: 1-3 ; Gusub. Vyag.6 : 1-9 Imana yadutegetse kuyikundisha imitima yabo yose, n’ubwenge bwabo bwose n’ubugingo bwabo bwose n’inkomezi zabo zose. Ngo niho bazorambira mugihugu abahaye, kandi bakakimereregwamwo neza. Ndetse bakagira imigisha iva ku Mana murico gihugu, N’abana babo n’abuzukuru babo. Ic’Imana yavuze tugikurikije tuba icitegererezo ciza ku bana bacu mu buzima ruKristo. La dimension spirituelle i produisant attitude y’umwana, kandi attitude niyo i genre umuntu. Nico gituma ikwiye kuronka ubwenge buva mw’ijambo ry’Imana. Kandi ku bavyeyi bose. Kuko umwana aritorera kenshi umuvyeyi usanga yironda.

Abana bagirigwa ubuntu bakavukira mu miryango RuKristo, bakigishwa ijambo ry’Imana, bagira kwubaha Imana, kuyizeya, kuyikunda ndetse no kuyitinya kuko bigihwa ivyayo. Mu m’isi yisezerano risha Yesu Kristo yaje ahishura ivyo tutari tuziko abazoja mw’ijuru bameze nk’abana bato. Babamushiriye, asengera abana akabasabira ku Mana. Ico yakoze nico nawe bamukoreye mu kutumurikira atwereka ico natwe dukwiye gukora mu bana bacu bakiri bato. Mariko 10: 13-16 ; Luka 2: 21-28.

Ntituraga abana bacu itunga rishira, ariko tubaraga ivy’ubugingo budashira ndetse n’imigisha iva ku Mana. Ivyakozwe n’int. 2: 39; Yesaya 54: 13-14. Twebwe abavyeyi dushobora gutuma abana bacu bubaha Imana, bakazobaho neza. Canke tutabakundishije Imana ngo tuyibubahishe bagaheza nabo bakazobaho nabi, kandi ntibarambe nkuko ijambo ry’Imana ribivuga. Nahacu rero ho kuba munzira nziza ya Yesu Kristo yadutoboreye, ngo tuyubahishe n’abazodukomokako bose ngo ibabere ubuzima. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s