Ubutumwa bwo ku wa 10.10.2015
Kubw’Umusalaba wa Yesu Kristo nta rubanza rukidutsinda.
Umusalaba wa Yesu Kristo ni yo karangamuntu k’abakijijwe. Kubw’uwo musalaba, twabaye umwe na Kristo Yesu. Tugira ubumwe butavangugwa na Kristo kuko Imana ariyo yabishatse. K’Umusalaba wa Yesu Kristo niho vyose vyarangiriye: Twahahaririwe ivyaha, twahakirijwe ingwara zose, twahatabariwe ivy’imivumo n’imikoshi, iceyi, ubwansi n’ibindi vyinshi… vyaturuka mu bo dukomokako canke twandujwe n’isi mbi kubw’ivyaha twagenderamwo. Urupfu ntabubasha nagwo rudufiseko kuko yarumize bunguri. Ntiyaheze i kuzimu ariko yarapfuye arazuka mu bapfuye. Umaze gutahura ububasha bw’Umusalaba, ukaba munsi yawo, vyose ubibohokako, nta na kimwe kigutsinda. Yohana 3: 14-18, Abaheburayo 2: 14-18, Abaheburayo 10: 10-15 Yaturihiye vyose ku musalaba , adukurako ivyaturega vyose, nivyaha vyose, kandi vyose yarabirangije , kuko yabambwe ku musalaba , adukurako ufise ububasha bw’urupfu, n’ububasha bwose bwatugwanya, nkuko Mose yamanitse inzoka ku giti, uyiravye wese agakira ubumara bwava munzoka zariko zirabarya zibahonya, kubw’ibicumuro vyabo. Yabikoze kugirango uwizeye wese Umwana w’Imana nzima ahabwe ubugingo budashira. Kuko vyavuye k’urukundo Imana yakunze abari mw’isi, ng’umwizera wese ahabwe ubugingo budashira, ntaze apfe rubi, kandi ntaze atsindwe n’urubanza. Kuko har’uwitanze rimwe gusa kandi akatwezesha urupfu rwiwe. Nico gituma ataco turi tudafise Yesu Kristo, kuko muvyo dukora vyose, icubahiro n’iciwe. Mugihe twakira kandi twizeye ijambo ry’Imana tukarikurikiza, nico Yesu Kristo yakoze, tugira ububasha n’ubushobozi kubwa Mpwemu Yera atubamwo, kandi tukagira n’amavuta ava ku Mana. Uhagarara ushikamye udatinya, ugakoreshwa ivyo wewe nk’umwana w’umuntu utoshoboye gukora canke kwihanganira, kuko waciye bugufi ukemera, kandi wizeye Yesu Kristo. Kandi kuko wewe wejejwe kandi wabohowe n’amaraso ya Yesu Kristo, ugenda widegemvya, ataco utinya canke wicura, ufise amahoro menshi mu mutima n’umunezero wuzuye. Uhagarara uzi neza Umwami wawe ko atakimurengera kandi ko ata kimunanira muvyo uhura navyo mu buzima canke mu bikugerageza vyose ahuri hose, kuko aguha ububasha bwo ku bitsinda no kubinesha. Araza akakugwanirira muri vyose, ndetse akakuburanira abaguhagurukiye kukugwanya. Ivyak. N’int, 5: 27-32 . Intumwa za Yesu Kristo zaciye mu bigeragezo vyinshi ndetse no guhakwa kwicwa canke mwibohero, ariko aho hose bagiye babona ububasha bw’umusalaba wa Yesu Kristo kuko ariwe bari bizeye atakindi. Abaroma 5 : 1-11 Hamwe nuko ugira amahoro n’umunezero biva ku Mana, aguha kwihanganira ivyo uhura navyo vyose, kandi uko kwihangana kukaguha kudatsindwa n’ibigeragezo. Mugukira kwawe , ugira amasezerano ava ku Mana, ku bana bawe n’abawe bose n’abari kure bose bahamagawe n’Umwami Imana. Amen.