Ubutumwa bwo ku wa 26/09/2015
Agakiza n’iki? N’akande?
Agakiza n’ukumenya urukundo Imana yagukunze. Ugatahura neza aho uri niyo wavuye, n’igituma vyabaye!!!! Kandi ukamenya aho uja. Umuntu ategerezwa kumenya ingene umuntu akijijwe amera. Mbega se amera ate?
Mw’Itanguriro 1: 26-29. Imana yaremye umuntu mw’ishusho yayo bwite. Kandi imuha kuganza ibiri mw’isi vyose. Yabahaye ubushobozi n’ububasha bwo kuganza no gutegeka ibiri mw’isi. Nukuvugako turi utumana duto kuko twaremwe mw’ishusho y’Imana Nyakuri. Itangur. 3: 1-5. Ariko inzoka kuko yarusha ubugunge ibikoko vyose vyo mw’ishamba, iraza irabahenda biyambura ubwiza Imana yabahaye, bakora icaha ngo bagomba gusa nk’Imana kandi basa nayo, ariko icaha kirinjira mumitima yabo, impwemu ivuye munzoka irabinjiramwo, bagira icaha c’inyanduruko kigenda kivyara ivyaha vyinshi muri bo, bitandukanya nIimana nyakuri. Urupfu rurabinjirana. Ariko urukundo ruhebuje Imana yadukunze, ntiyaturetse uko, nico gituma yatumye umwana wiwe ngo atuzanire agakiza gashitse. N’ukuvugako Yesu Kristo adukura mu vyaha, imibereho yawe igahinduka, ingeso mbi zigahinduka, ugira urukundo rw’Imana muri wewe, kandi ukizera cane uwagukijije. Kandi ijuru rikakumenya ko wahindutse n’abantu bakabimenya k’ubwivyo bakubonako nivyo wama. Yohana 1: 43-51
Nubwo Natanayeli yarizi ko i Nazareti ata ciza covayo. Yesu Kristo amaze kuhashika haramenyekanye ko havuye umukiza. Kandi kuko Natanayeli yarakijijwe vy’ukuri kandi akavyishimira, Yesu Kristo nawe yaramuzi, kuko yavuye mw’ijuru. Iyo ukijijwe vy’ukuri n’ijuru rirakumenya. Umuntu akijijwe anezereregwa ivyarimwo n’agakiza yahawe, witwararika ivyo usabwa gukora n’ivyubwami bw’Imana. Yesu Kristo yari mw’isi ariko Mpwemu w’Imana yamukoreramwo niwe yamumenyesha vyose, yarazi vyose. Yakoze ibitangaza vyinshi cane mu bantu, akiza indwara zitandukanye, ahumura impumyi, amugurura ubumuga butandukanye, ibipfamatwi akabikiza, ibiragi akabikiza, akazura abapfuye, ndetse agahaza mudufi 2, nimikate itanu abantu ibihumbi n’ibihumbi. Menya nezako mugakiza wahawe nawe ivyo yakoze ushobora kubikora kuko umwizeye. Yesu Kristo ntiyaje ngo tujuragirike, ahubwo yaje ngo tumenye neza tudakekeranya Umwami wacu n’umubasha bwiwe, ngo dutahure neza urukundo rwiwe rutubemwo. Duse na We nkuko abo yaremye inzoka itarabinjizamwo ubugunge bwayo basa n’Imana. Kutakira ukuri Imana yatuzaniye mugakiza yaduhaye nivyo bituma tujuragirika. 2Timoteyo 3: 1-5 Ibihe bigoye vyo nugihe c’iherezo nivyo biboshe agakiza Imana yatanze mu bana bayo, ariko bivemwo ivyo kwikunda, gukunda amahera, kwiririra, kwibona, kudashima, kunegura ivy’Imana n’ibindi………, wemere agakiza wahawe, Umwami akubohore kuko nakawe. N’ubuntu wagiriwe ntubutakaze. Yohana 17: 1-26 Agakiza Yesu Kristo yaduhaye kadushitsa kubugingo budashira. Kandi agombako tuba umwe nkuko bena Data bari umwe, kandi bari mukuri ngo tumenye Imana yukuri. Nawe ngo abe muri twebwe, duse na W emu kwera no mukugororoka. Amen.
Imana ishimwe yatanze yesu kugirango atubere agakiza kuko ubu ntitwarikwibukwa