Agakiza kabonekera mu kwizera. 03.10.2015

Ubutumwa bwo ku wa 03/10/2015

Agakiza kabonekera mu kwizera.

Yesu Kristo yatuzaniye agakiza gakomezwa no kumwizera. Iyo ushikamye cane mu kwizera bituma ugira agakiza kagutuma haba igitinyiro c’Imana muri wewe, ukanka icaha kandi ukagitinya. Muri wewe Mpwemu Yera akumenyesha ukuri, ukamenya neza Imana iri kumwe nawe, usavye kandi wizeye, ntujuragirika kandi Imana ibana nawe. Yohana 10: 22-30 &14. Umwami yaje kutumenyesha ukuri, aza kutubohora adukiza ivyaha vyacu vyose. Murukwo kugukira ivyaha no kubohoka tukaharonkera kugira ukuri kwo mu mutima. Tukagira agakiza ko mumutima.Tukamenya neza Imana yadutabaye kandi ko vyose biri mu kuboko kwayo, ko muriyo ariho hari ugutabagwa kwacu. Tukabaho mu buzima bwo kwubaha Imana, tukayumvira, tukayishingira intahe kandi tukayivuga tuyaturira , tukayiha icubahiro muri vyose. Daniel 2: 46-49, Umwami yahaye daniel ingabire nyinshi ndetse no kumuha ngwatware igihugu c’i Babuloni, ariko Daniel kuko yarazi Imana afise kandi ko yarazi neza uwariwe n’ububasha bw’Imana yiwe, yahisemwo kuguma i bwami (ku mutwe) ngo bagenziwe bagende bamutwarire muri Babuloni. Aguma i bwami asenga Imana yiwe, arungika ubushobozi bw’Imana yiwe mu gihugu kugirango Imana itabare ico gihugu bayimeny, bave mu gusenga ibigigwamana, bahindukirire Imana yiwe. Daniel 3: 18 & 28-30. Inzira z’Imana zirtangaje kugira yishure amasengesho. Naho umwami yari yabwiye Daniel ati Imana yanyu niyo Mana, ntiyaretse kwishingira ikigigwamana ngo abantu bose bacikubite imbere bagisenge. Ariko abamenye ukuri banka gusenga Imana z’abanyamahanga, ndetse n’ibishushanyo, baha icubahiro Imana yabo, bakomera mukuyizera naho habariko iterabwoba rikomeye cane, ntibatinya ntibagira ubwoba kuko bari bizeye badakekeranya ugukomera n’ugukora kw’Imana nya Mana, ariyo Mana yabo. Nayo ibaha inkomezi, bagahagarara mukwizera ugutabara kwayo kukababako. No mumuriro yabasanzeyo irabakiza kuko bayimenye muvy’ukuri n’umutima wabo wose, kandi bakayizera atagukekeranya. Umwami ashinga icagezwe ko ata muntu numwe azovuga nabi Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego, kuzoyivuga nabi azokwicwa. Ibanga ryagumije ku mwami Daniel rirasohoza, igihugu kiramenya Imana yiwe.

Matayo 19: 16-26 Uwo musore yari yakoze vyose biri mu vyagezwe n’Imana. Ariko, ananigwa kwizera Umwami Yesu ngwamukurikire, abohwa n’impwemu y’ubutunzi bw’isi, ahusha ubugingo budashira. Nivyiza kuraba rero ukwizera kwacu aho guhengamiye, n’agakiza kacu ico dushira imbere. Muri Galatiya 3: 25-29 Kubwo kwizera Yesu Kristo , ntitukiregwa n’umurezi. Kuko twese turabana b’Imana, kuko twambaye Kristo Yesu kubwo kubatizwa. Kandi ntakizodushikura mu kuboko kwiwe. Amen Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s