Kuzigama( Kugumya) ikibitsanyo wabikijwe : Ubuntu wagiriwe n’Imana. 05.09.2015

Ubutumwa bwo ku wa 05/09/2015

Kuzigama( Kugumya) ikibitsanyo wabikijwe : Ubuntu wagiriwe n’Imana.

Kubw’Urukundo Imana yadukunze, yatugiriye ubuntu iradutoranya, itugira ihanga yiharije, kugirango tugende dushitsa ishimwe ry’iyaduhamagaye, idukirishije ukuboko kwayo gukomeye.

Kuvayo 6 : 2-8. Imana yibarira umusavyi wayo Mose,isubiramwo amasezerano yasezerani ye abasavyi bayo: Aburahamu, Isak ana Yakobo. Imwibarira ko aruhoraho. Yabatoranije ibaha amasezerano ko bazoba abantu bayo nayo ikaba Imana yabo. Igihe yakura uruvyaro rwabo muri Egiputa, yerekaniye imbere ya Farao nimbere y’abanyagihugu biwe ibitangaza vyinshi n’ibimenyesto, ndeste no mu maso y’Abisirayeli bose. Ariko hamwe n’uko abanyegiputa boose babonye ububasha n’ubushobozi bw’Imana y’Abisirayeli siko bemeye kuyirondera canke kuyihindukirira ngo nabo ibatabare ibakize. Kugirango nabo basabe Uhoraho, ariko bagumye mu bigirwamana vyabo. Ubuntu bwarabagendeye, ariko ntibabwemeye. Birakwiriye reroko wewe wagiriwe ubwo buntu nayo utobupfisha ubusa. Yarishingiye intahe mu bushobozi bwayo no munkomezi zayo, bituma ata mana n’imwe ihwanye nayo. Yohana 6: 44-45 Imana niyo yatugiriye ubuntu iduha umwana wayo w’ikinege, iradukwegera kuri we kugirango aduhe ubugingo budashira, kand’azotuzure ku musi w’iherezo. Nico gituma ashakako uwamumenye wese amugumeko kuko ariwe bugingo. Niwe adushoboza kandi niwe nkomezi zacu. Yesaya 40: 27-31, ntacika intege canke ngo adendebukigwe na gato, kandi ntaruka. Nico gituma abamwiteze bazokwama biyubura munkomezi nsha. Yesaya 48: 15-18 Kuva mugihe caba sokuruza Yesu Kristo yagendanye nabo, Imana yamutumana na Mpwemu wayo ngo agende agirira neza ubwoko bwayo, kandi abe ariwe abigisha ibibagirira ikimazi, akabarongora munzira bakwiye gucamwo. Nico gituma atubwira kwumvira ivyagezwe vyiwe kugirango tugire amahoro ameze nk’uruzi, ngo biturongore, dushike ku masezerano yacu, haba mumigisha Imana isezeranira abayikunda n’abayubaha canke ku bugingo budashira. Kuko niwe yaje kutuzimurura, kuduhumura, akatubwira ubutumwa bwiza, akabohora abanywagutse imitima, no kutumenyesha umwaka wo kwemeregwamwo n’Uhoraho. Sukuvugango ntituzogira ingorane ahubwo, uwanesheje, niwe azodutsindanishiriza muri vyose, kuko vyose abifise mu kuboko kwiwe. Abaheburayo 2: 1-4. Ijambo ritubwira ko dukwiye kuba maso, kugirango ntitugende akayombekere tukabivamwo. Harahantu udashobora gushika udashishikaye guhishurigwa. Gukura impari mu mutima. Guca bugufi tukakira ijambo. Kuryemera kandi tukarishitsa. Kurishirako umutima. Niho umwansi ataronka umuryango yinjiriramwo ngo adusahure ubuntu twagiriwe. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s