Guca munzira ipfunganye 12.09.2015

Ubutumwa bwo ku wa 12/09/2015

Guca munzira ipfunganye

Imana yahaye ijambo ab’Isirayeli, iribashira imbere kugirango abe ariryo ribarongora, ribabere umuco kandi ribakomeze, ribatere intege muvyo bacamwo kandi ribubake. Nico gituma Umwami Imana ashakako bagenda bibuka ivyo yabakoreye vyose, bakabimenyesha n’abana babo n’abuzukuru ndetse n’abuzukuruza. Kuko ntigomba ko bavyibagigwa kuko nivyo bizotuma bakomera. Gusubira mu vyagezwe 4 : 7-11. Imaze kubaha ijambo yabahaye n’imigisha kubuntu bwayo, ataruko bayikoreye, kandi batarondeye. Baja gusoroma ivyo batarimye, bimbura ivyo batateye. Kuko iyo uri muriyo iguha ivy,ubuntu bwayo. Ariko igihe cose tube mw’ijambo ryayo, turirimbure igihe cose. Wewe kuko watoranijwe n’Imana, uzokora nk’abandi ariko ivyukora bigire umugisha, ikiganza ciza c’Imana kikubeko kuko yakumenye nawe ukayumvira ukagendera mw’ijambo ryayo. Ivyawe bikagenda neza kuko urikumwe n’Imana. Kandi imigisha y’Imana ntiba nk’urume ahubwo idukura mu bwiza ikadushira mu bundi, n’imigisha ihoraho.

Mugihe cose ukora wibuke Imana mubuzima bwawe. Nayo iraguteramira ivyawe bikagenda neza. Kandi ndetse ikarinda n’intambuko z’ibirenge vyawe. Abi Galatiya 3: 1-9 Abantu bibagira ningoga, aba Galatiya barabonye Umwami Yesu mubitangaza yagiye akora vyose, ndetse babana nawe bigishwa ijambo nawe. Baramukunda baramwizera, ariko baragwa babivamwo kuko basubiye inyuma mu vya goyigoyi. Nico gituma Paul yabahanura ngo bahindukirire Umwami Yesu Kristo. Abantu bibagigwa ningoga, barategwa bakaja muvyaha, hanyuma bagatangura kuja muvyo kwisigura ( mu ma excuse). Bahusha imigisha mukutaba mu Mana neza, bakabaho bisigura, bakagomba ngo Iman ana Mpwemu wayo ibasange muvyo barimwo ibibahezagiriremwo. Ariko haraho Imana yateguye guhezagirira abayo, ni munzira yayo. Gerageza rero winjire mu nzira ipfunganye niho hari umugisha wawe. Matayo 7: 13-14 ; Luka 13: 23-24 Inzira ipfunganye ijamubugingo budashira, ariko inzira yagutse ija murwobo rwamahonero. Uca mw’irembo ripfunganye niwe arongogwa na Mpwemu Yera, agashitsa ivy’Imana igomba. Kudaca mw’irembo ripfunganye bitegwa n’ibitubamwo: za kamere, ingeso twanduriye mw’isi n’ibindi…….

Haragezeko tuja munzira Imana idushakamwo. Abaroma 8: 1-8 ; Abigalatiya5 : 16-25 Reka twitwararike ivyipwemu bizana ubugingo n’amahoro, ariko kwitwararika ivy’umubiri bizana urupfu, kuko bitera kwanka Imana. Kandi aba Kristo Yesu babambanywe n’akameremere n’ivyo gahahamiye. Reka turongogwe na Mpwemu Yera ntiturongogwe nivyo tubona. Ntitugenda kurupimo rwokuraba ikiricaha nikitaricaha, ahubwo umuntu w’Imana iyo yakuze araheba n’ikitaricaha kubwo kwirinda kwiwe, kubw’icubahiro c’Imana. Kuko ijambo riratubwira ngo vyose turavyemerewe ariko si vyose bitugirira ikimazi1Korint 10: 23. Mpwemu Yera akaturongora mu mugambi w’Imana mu buzima bwacu. Umuntu w’Imana akwiye kuraba ivyo ashiramwo ishaka ryinshi. Kandi dukwiye igihe ose guca bugufi munsi y’ubushobozi bw’Imana n’ijambo ryayo. Tukagenda turongogwa naryo, kandi twiyambura ingeso naza kameremere bitubuza kwumvira Imana no kuyikurikira muri vyose. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s