Gusigwa amavuta n’Imana no kwambikwa n’Imana. 29.08.2015

Ubutumwa bwo ku wa 29/08/2015

Gusigwa amavuta n’Imana no kwambikwa n’Imana.

Iy’Imana yagusize amavuta canke yakwambitse umwambaro, ni wewe ukeneye kumenya ingene ugendera umwambaro Imana yakwambitse. Kandi iguha ubwenge bwo kurongogwa na Yo muri vyose, ugashobozwa na Yo. Yesu Kristo yaraje adukura mu vyaha twarimwo, atwambura umwambaro Satani yari yaratwambitse wo gukora ivyaha, atwambika ukwera no kugororoka. Kugirango dufatanye na Data wa twese n’Umwana wiwe Yesu Kristo.       Matayo 9 : 9-13. Yesu Kristo yaje yiyereka abanyavyaha kugira abakize, abakureko ubugunge bwa wa mugwanizi, abambure umwambaro w’umwijima, abamweme bakamukurikira, bakava mungeso no muvyaha bagenderamwo, aheze abambike umwambaro wera. 1Yohana 1 : 1-4 Yohana yashingiye intahe Umwami wacu Yesu Kristo kuko ariwe Mwami w’ubugingo, yaje ngo dukire. Avugako bamwiboneye n’amaso yabo, bakamukorako n’intoke zabo, baramwumvise kandi baramushingira intahe. Babwira abantu ivy’ubwo bugingo budashira ngo bafatanye na bo. Imana yo mw’ijuru ntikora nk’abana babantu. Kuko abantu bakubaza ivyo ushoboye, ariko Imana yo ikeneye ko tuyizera gusa ibisigaye akaba ariyo idushoboza, ariyo principe yayo. Iyo ukwizera kutabayeho ntushobora gushika kuco wifuza. Umugambi w’Imana kuri wewe. 1 Samuel 16 : 11-13 Dawidi yarakengeretse mu maso y’abantu kuko yari umwungere w’intama za se, ariko imbere y’ Imana yari yarasizwe amavuta n’Imana kuko ariwe yari yaratoranije mubandi bose. Mugihe yaja gutabara Ab’Isirayeli Sauli yagomba kumwambika imyambaro yiwe, ariko wewe aravyanka kuko yari yasizwe n’Imana akambikwa n’Imana. Kandi mukwizera Imana yamytabaye aragiye intama niyo yakomeje kwizera mukwica Goliyati, kandi irishingira intahe ibana nawe. 1 samuel 17: 32-37. Inkuru nziza irahindura ingene bagufata nkuko vyagenze kuri Dawidi. Reka ikwongere amavuta yo kwizera, igusige amavuta yo gushikama kugirango ushobore gufatanya nayo. Kuko ikorera mu binyantegenke, ugukomera kwayo kugashingigwa intahe. 2 Abami 6 : 26-33 ; 2 Abami 7 : 1-6 & 8 -16 Elisa yagumije umwambaro w’umuhamagaro wiwe amavuta amugumako, yavugana n’Imana akerekwa na yo. Nico gituma Imana yabanye nawe, ntatinye no mugihe gikomeye cane c’inzara yishe abantu benshi, gushika naho barya abana babo, we akaguma ahumuriza ubwoko bw’Imana . Naho umwami yashangashiwe agatuma abamwica, Elisa ntiyarandutse umutima ahubwo yaciye azana ubuvugishwa, kandi bica biba ukw’Uhoraho yabivuze. Imana yakoresheje imigere y’ amaguru y’abanyamibembe kuyumvikanisha nk’imikogote y’amafarashi yirukana abanyagihugu boose b’I Samaliya. Ubwoko bw’Imana burahatabarigwa kubwabo. Reka twambare ukwera no kugororokera Imana niho tuzofatanya na Data wa twese n’umwana wiwe Yesu Kristo gutabara ubwoko bw’Imana no guhagarara dushikamye mu nzira ija mw’ijuru. Amen.

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s