Kugira ukwizera gushikamye 15.08.2015

Ubutumwa bwa 15/08/2015

Kugira ukwizera gushikamye

Ukwizera kurengera ivyo wewe ubonesha amaso yawe canke wumvisha amatwi, canke sens y’umubiri wawe. Kugira gushima Imana no kuyitazira, kuyishimira imbabazi zayo n’ubushobozi bwayo bihoraho ibihe vyose. Kubona kugira neza kw’Imana n’urukundo rwayo ruhebuje yama yerekanira mu bayizeye.

Uburyo 4 bwo kwizera :

  1. Hari abizera kw’Imana iriho kandi kwariyo yaremye ibintu vyose.
  2. Kwizera kudutuma twakira ukugororoka
  3. Kwizera gutuma dukira ingwara, twishugwa imitwaro, ariko gukura imisozi imbere yacu.
  4. Kwizera kw’ubuzima bwacu. Aho wizera naho woba uriko uraca mubintu bikomeye, mu buzima bugoye cane, canke ugahura n’intambara z’uburyo bwinshi, ariko ukamenyako Imana iri kumwe nawe. Naho bitoroshe ariko yo ifise inyishu, itazoguheba kandi utazoneshwa mu ntambara uriko uracamwo. Ukwo kwizera nikwo kudutuma twi y’adapta muma situation y’ubuzima bwose.

2Abami 4: 8-30. Uwo mugore w’Umushunemukazi n’umugabo wiwe bubakiye inzu umukozi w’Imana, mugukora igikogwa ciza c’ Imana. Ariko ubwabo naho bari batunze, Imana yari yarabimye umwana, mugabo ntibacitse intege mukuyikorera ahubwo bagize umurava muguha Imana icubahiro mugukora ibikogwa vyiza bahesha Imana icubahiro. Turi ibikoresho kugirango babone kugira neza kw’Imana. Uwo mugore yavuganye na Mpwemu Yera, kugira akore ico gikogwa co kwizera, ukwizera Imana kwiwe bimuremera n’ico ataranaciyumvira mu mutima wiwe. Tugire kwumvira Mpwemu Yera, kuko dutegerezwa gukora ico dukwiye gukorera Imana kubwo kwumvira. Korera Imana itarishura ndetse ata n’inzira y’ibisubizo ubona. Ariko uyikorere nkuko wishuwe. Niho werekana umutima wo gukunda Imana, atari nko guha Imana ideni, ukora nkushaka inyishu. Ariko kubwurukundo ukunda Imana yawe, bigutume witanga mugukorera Imana kuko watahuye urukundo rwayo, atari nko guca umukozi. Kunda ukwizera gutuma abantu batabivamwo. Tugende turi ibikoresho vy’Imana ibihe vyose. Tugendere mu bushake bwayo ibihe vyose. Twahura n’ibiduhagarika bitunaniza canke biduca intege, duhura n’ibibazo canke bitahaba, Ariko kuko nkunda Imana yanje ntegerezwa gukomeza.

N.B Ata kwizera ntidushobora guhimbara Imana.

2Timoteyo 4: 5-8 & 17-18 Paul yandikira Timoteyo amubwira kwirinda. Kuko mukwizera gushikamye utegerezwa kwirinda muri vyoose. Kuko ibitero vyose Satani azana biba bifise intumbero, ariko kuko Paul yarafise ukwo kwizera, yarinze umutima wiwe cane, ntakintu na 1 catumye Paul abivamwo ngwareke umuhamagaro wiwe. Shishikara muvyo ucamwo vyose kuko imisi iregereje kandi Imana iri kumwe nawe. Ivyucamwo vyose, bibiriya ntikwemerera kuva mumuhamagaro wawe, ahubwo ikubwira ngo shishikara. 1 Ab’Ikorinto 7 : 20-24, Ijambo ryimana riraturemesha mukudutumirira kuguma ukwo twakiriye n’uko twatanguye Mpwemu w’Imana akivugana natwe mu mihamagaro yacu. Kuko niho tuzokwumvira kandi tukabana n’Imana muri vyose, tugashikira ndetse n’amasezerano yacu. Ibikogwa bikora ku mutima w’Imana iyo turiko turashitsa ic’Imana igombamu gihe bitoroshe. Reka dusabe ukwizera gushikamye muri twebwe, murushengero ndeste no mubacu. Kuko nikwo gutuma dutsinda Satani, kandi tukaguma m’ubugingo budashira. Amen

This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out /  Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out /  Change )

Connecting to %s